ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA YAHO SENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGIRO ITANGARIJE IBIHARURO NTABANDUKA VY’IVYAVUYE MU MATORA YO KU WA 20 RUSAMA 2020
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA YAHO SENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGIRO ITANGARIJE IBIHARURO NTABANDUKA VY’IVYAVUYE MU MATORA YO KU WA 20 RUSAMA 2020

  1. Kuri uyu munsi mwiza ku bakunzi b’amahoro na demokarasi, Umugambwe CNDD-FDD uri n’akanyamuneza ntangere ko gushimira ubwa mbere Imana Mushoboravyose yagiye imbere abarundi mu nteguro no mu matora nyezina yabaye ku wa 20 rusama 2020.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakeje abarundi isinzi bitavye amatora yo kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020   bagatora batekanye, umutima uri mu nda, ata gahato canke kurabana ribi. Iyo ngendo nziza niyo kandi yabaranze mu kiringo c’imyiyamamazo. Bareretse amakungu ko demokarasi yashinze imizi ubutagisubira inyuma mu Burundi kandi ko batacigishwa iciza bakeneye n’ingene bifuza kurongorwa.

 

Umugambwe CNDD-FDD urabona ko aya matora ari intambwe ikomeye ishikana Uburundi ku rundi rugero muri demokarasi haba muri aka karere duherereyemwo, muri Afrika eka no kw’isi yose.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakeje, Nyen’Icubahiro Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi akaba n’Imboneza yo Gukunda no kundisha Igihugu ku buhizi no kwitangira Uburundi yerekanye mu kiringo amaze arongoye Uburundi. Iyerekwa ryiwe n’ivyiyumviro birashe bishikanye Uburundi ahifuzwa na benshi hakabona bake. Ni ntayaga abiri, ico yiyemeje yaragishikije, ni akarorero keza n’ibindi bihugu vyari bikwiye gufatirako.

 

  1. Nk’Umugambwe wamushize imbere, ni iteka rikomeye, turamushimiye cane ko atadutetereje, ngo adute mu nzira, canke ngo adohoke ku karangamutima k’umugambwe w’Abagumyabanga. Imana ibandanye imuhunda imigisha.

 

Ni ubwa mbere mu mateka y’uburundi, aho umukuru w’igihugu yitorewe n’abenegihugu arangiza neza ikiringo, akaronka n’umusubirizi biciye mu mategeko no mw’ishaka ry’abenegihugu.

 

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’intsinzi itagabanije waraye utahukanye mu matora y’Umukuru w’igihugu, amatora y’abashingamateka, amatora y’abajenama ba komine yose yabaye kwi genekerezo rya 20 rusama 2020.

 

Umugambwe CNDD-FDD urakeje indongozi zose zaraye zitowe duhereye kuri Nyenicubahiro General Major Ndayishimiye Evariste agiye kurongora Uburundi mu kiringo c’imyaka indwi yizewe n’abenegihugu ku rugero rurenga 68 kwijana.

 

Ni iteka ku mugambwe CNDD-FDD, ni iteka ku Bagumyabanga ni iteka kandi ku barundi bose bahisemwo imigabo n’imigambi y’umugambwe CNDD-FDD mu migambi yose yahinganwa.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakeje ubugira kandi Nyen’Icubahiro Evariste Ndayishimiye, we yagamburutse, akitangira ineza y’abenegihugu mu guharanira ubwigenge bwabo no mu gushira imbere imigambi ibubahiriza kandi ibateza imbere. Yateye iteka umugambwe mukwizigirwa n’abarundi bose. Ni umunyamwete, umunyamugisha, ahanura agahanuza nk’uko vyagiye birashikirizwa n’Imboneza yacu mu bikorwa vyo kumumenyekanisha, tumwifurije kuroranirwa, igihugu kibandanye kigira izina, gitera imbere nk’umuzinga

 

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashima ushimitse ingendo abarundi bahisemwo, ingendo ya demokarasi, ingendo y’ukwitunganiriza ivyabo atagitsure atagahato. Ku kaba nkako, aya matora ni imbonkarimwe, ni amatora abarundi biteguriye, baraterera, barayatunganya ata kuboko kwa kavantara kurimwo, iyi ntsinzi rero ni intsinzi y’abarundi, ni ikimenyetso co gushimangira ukwikukira kw’Uburundi n’abeneburundi. Koko, nkuko incungu ya Demokarasi, Nyenicubahiro Ndadaye Melikiyoro yabivuze, Abarundi bari baranizwe.

 

Twihweje igitigiri c’abitavye aya matora ibice birenga 80 kw’ijana nkuko vyaraye vyemejwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro carerekanye ko Abarundi twatahuye ko kazoza k’Uburundi kari mu minwe yacu.

Intambwe tugezeko uno musi, ni ikimenyetso gikomeye kandi kiremesha, cerekana y’uko Abarundi twisununuye; dupfundika ijambo ntabanduka ku bijanye n’indongozi twipfuza, tukiha n’uburyo bukwiye bwo kubishikako.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’umwumvikano waranze abahiganwa bose. Turashimiye imigambwe yose yahisemwo gushigikira umu candidat Umugambwe wacu washize imbere mw’itora ry’Umukuru w’igihugu. Tugashimira imigambwe twahiganwe ko yagerageje kwihanganira abo badahuza ivyiyumviro, bakigenza neza mu mu kwigisha abarundi ivyo biyumvira kugirango umurundi wese ashobore kwerekana ikiri ku mutima atagitsure, amatora akaba yagenze neza nk’uko vyaraye vyemejwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Tugakenguruka kandi ko n’abavuga ko barenganijwe canke hari utwababakiye baronse akanya barakoresha ububasha bahabwa n’amategeko batako barakigwa, barumvirizwa, ivyabo birigwa, urubanza ruracibwa, kandi rurashimisha abituye ubutungane. Tubifurije kubandanya muri iyo nzira.

 

  1. Intsinzi y’Umugambwe CNDD-FDD ni intsinzi rero y’abarundi bose. Duhamagariye abarundi bose duhereye ku ndongozi ku ngero zose kugira urunani rw’intamenwa mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi yaraye itowe n’abenegihugu, gutyo umwe wese yishimire guterera igihugu n’ubwenge, ubumenyi, ubwira n’ubukerebutsi Imana yamuhezagije mu kwubaka igihugu ku neza ya bose.
  2. Mu gushigikira iyi ntsinzi twaraye turonse, Umugambwe CNDD-FDD urongeye guhamagarira abarundi bose kubumbatira amahoro n’umutekano; kugendera mu bwitonzi no gusoneranira mu butandukane bw’ivyiyumviro, ntihagire abikekana canke bagenzanya ngo uwu yatoye umugambwe uyu canke uriya. Ni bagume basangira akabisi n’agahiye vyamye biranga abarundi.Ubu tugiye ku kivi kimwe, ikivi c’iterambere.

 

  1. Mu gusozera, Umugambwe CNDD-FDD urakengurukiye Sentare yubahiriza ibwirizwa Shingiro yakiriye ibirego vy’abayituye bose, bagaca urubanza ataho bahengamiye bigashimwa n’abarundi.

Turashimiye kandi abateguye amatora n’abo bose bagize uruhara kugirango agende neza: Umugwi wigenga ujejwe amatora (CENI), abajejwe intwaro ku ngero zose, inzego z’ubutungane, inzego zijejwe umutekano n’ukwivuna abansi, bakoze ijoro n’umurango kugira amatora agende neza atagatosi, mu muco, kumugaragaro no mu mutekano ntangere.

Umugambwe CNDD-FDD urakengurukiye abamenyeshamakuru batahengeshanije kumenyesha ibikorwa kuva mu myiyamamazo no ku musi w’amatora nyezina aho bagiye hamwe bakarara amajoro bashikiriza abarundi n’amakungu ku mwanya ku mwanya ingene amatora ariko aragenda.

Turakengurukiye imigambwe, abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu ngaha mu Burundi, abahurikiye mu mashirahamwe aharanira iterambere ry’abenegihugu eka n’abo bose bitanze mu gukurikirana ku mwanya ku mwanya ukwo amatora yariko aragenda mu gihugu cose.  Ni ivyabona vyemeza inkuru y’imvaho, yuko imyiyamamazo n’ amatora vyabaye mu muco no mwidegemvyo kandi ku mugaragaro.

 

  1. Turakengurukiye kandi n’abakunzi bo mu Burundi no mu makungu badahengeshanya gukeza Umugambwe CNDD-FDD n’Umukuru w’igihugu yatowe awukomokamwo, birahimbaye, bitwereka ko bashimye n’imigambi yashizwe imbere.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urangije uhamagarira abarundi bose abari mu migambwe n’abatarimwo kubandanya bashigikira ubumwe; ntihagire uwusotora uwundi, akumire canke yikumire. Umunezero w’intsinzi tuwusangire twese atawuvuyemwo.

 

Murakoze

 

 

Bigiriwe i Gitega ku wa O5 Ruheshi 2020

 

Kubw’Ubuserukizi Bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD

Igisata kijejwe  kumenyesha amakuru

5 juin 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *