Comme à l’accoutumée, le parti CNDD-FDD organise, chaque dernier jeudi du mois, une prière d’action de grâce dans toutes les provinces du pays. Ce jeudi 28 novembre 2024, à la permanence du parti en Mairie de Bujumbura, cette prière a été rehaussée par le Chef de l’Etat et Président du Conseil des Sages du parti…
Politique / 28 avril 2026 IJAMBO NYENICUBAHIRO Evariste NDAYISHIMIYE YASHIKIRIJE KU WA 26 NDAMUKIZA 2026 INYUMA YO KWEMEZWA N’IKORANIRO KAMINUZA RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD NGO AZOSERUKIRE UWO MUGAMBWE MU MATORA Y’UMUKURU W’IGIHUGU YO MU 2027.
Ni akanyamuneza ntangere mfise kuri uyu musi kuntera iteka kugira nze ndabaserukire. Binteye akanyamuneza kuko vyerekana neza ko igikorwa mwari mwanshinze ubwa mbere nakiranguye, kandi mukongera mugashima. Turashimiye rero Imana Mushoboravyose kuko twarabonye ko imigambi idufitiye atari imigambi y’amarushwa, ariko ari imigambi y’amahoro kugira ngo iduhe kazoza n’ukwizigira. Ndashimiye abagumyabanga kuko mutakijuragirika; muzi neza iciza...










