IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYAKUBAHWA UMUNYAMABANGA MUKURU W’UMUGAMBWE CNDD-FDD YUGURURA  INAMA YA KOMITE NKURU IGIRA KABIRI.
Non classé

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYAKUBAHWA UMUNYAMABANGA MUKURU W’UMUGAMBWE CNDD-FDD YUGURURA INAMA YA KOMITE NKURU IGIRA KABIRI.

  1. Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uyu musi turi bazima. Nihabwe icubahiro, Yo yama izigama Uburundi n’Abarundi, twame na ntaryo tuzirikana ko ari Yo Nsa ifise ikibanza ca Mbere mu mugambwe wacu no mu gihugu cacu ciza ciza c’Uburundi. Iragahora ihimbazwa irabibereye.
  • Kw’izina ry’abagumyabanga bose bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, Ndi n’iteka n’akanyamuneza ntangere ko kubakira muri kino kibanza ciza cane Abagumyabanga bahisemwo ngo tugihuriremwo mu bikorwa vyiza vy’Inama ya Komite Nkuru y’Umugambwe, inama igira kabiri mu mateka y’Umugambwe CNDD-FDD.
  • Nkuko mubizi Komite Nkuru y’Umugambwe ni urwego rukomeye mu mugambwe CNDD-FDD kuko ni urwego rufata ingingo mu gishingo c’Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD. Mubishimirwe mwese mwashoboye kwitaba, mugakwiza gutyo ibitigiri bisabwa n’amategeko.
  • Turahaye ikaze Nyenicubahiro Mukuru w’Igihugu cacu ciza c’Uburundi, Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye mu mugambwe wacu mwiza w’abagumyabanga CNDD-FDD. Ni iteka ntangere yaduteye, kubana natwe muri ibi bikorwa, ntidukekeranya ko intererano, impanuro, n’intumbero aza kudushikiriza ziza gutuma ibikorwa vy’iyi nama ya Komite Nkuru bigira akanovera cane kurusha.
  • Turahaye ikaze kandi mwebwe mwese bubahwa, twongera tunabakeza, benshi muri mwebwe ni bashasha mu mabanga canke baheruka gusubira kwizigirwa.

Tuboneyeho akaryo ko gukeza Abagumyabanga bose  baheruka kwitorera inzego zibarongora kuva ku nama nshingiro gushika ku rwego rw’intara. Imana ibahezagire ku bwira n’ubwitonzi vyabaranze. Turanakeje kandi indongozi ku ngazi zose zahejeje ikiringo muri uwu mwaka,  zarongoye abagumyabanga mu bihe bitari vyoroshe kandi berekanye ubukerebutsi n’ukutadebukirwa badushikana ku ntsinzi mu matora ya 2020. Babishimirwe,

  • Kuri uno musi rero dukoraniye hano kugira ngo tubandanye ikivi Abagumyabanga badushinze, eka mbere n’abenegihugu b’Uburundi muri rusangi, kubera Umugambwe CNDD-FDD watewe iteka n’abenegihugu ryo kubarongora.

Ni ukwibukanya rero ko Uburongozi bw’igihugu bushingiye ku karangamutima k’Umugambwe CNDD-FDD kadutegerereza ko iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamugarukako. Imigambi abenegihugu bahisemwo muri myinshi yahiganwa muri demokarasi mu matora aheruka, ni nkoramutima.

Ni co gituma, twakoraniye ngaha, nk’umugambwe soko ry’iyo migambi kugira ngo twirimbure, turabire hamwe ibimaze kurangurwa kuva amatora abaye, twumvikane no ku ntambwe ikurikira kugira ngo dushike kuri rya hangiro ryo kworohereza no guteza imbere Abarundi n’Uburundi bwacu.

  • Ibi bikorwa bije vyunganira ingingo z’ingirakamaro zafunditswe ku ma genekerezo ya 9 na 10 Ntwarante 2018 i Ngozi.

Ingingo zabaye kirumara mu gukomeza umugambwe na cane cane inama nshingiro, ziramira abagumyabanga n’indongozi,  zituma hahinduka vyinshi haba mu ngendo canke mu ngiro z’abagumyabanga n’abarundi bose muri rusangi, bidushikana ku ntsinzi nayonyene iramira abenegihugu, intsinzi yadushikanye kuri Reta Mvyeyi Reta Nkozi iriko ikora ibishoboka vyose kugira ngo umunwa wose uronke ico ufungura, umufuko wose uronke ifaranga ryo kwikenura, Reta iriko isubiza abanegihugu bose abakuru n’abato ku kivi, Reta irera igorora ikayobora Abarundi mw’iterambere no gukunda igihugu.

  • Abagumyabanga rero, duhagaze neza mw’iragi rya Sogokuru wacu Petero Nkurunziza twahisemwo iki civugo :« BAGUMYABANGA, TUGIRE URUNANI MU GUKUNDA IGIHUGU CACU, TUGITURE AMABOKO, UMUTIMA N’UBUZIMA»;

Ni icivugiro kiduhamagarira kwitanga, biri no rururimbo ruhagiza igihugu cacu, kwubakira ku bumwe, gushigikirana, gukunda no gukorera hamwe atawusigaye inyuma kandi atawujijanya umutima, kurwiza ibikorwa dukora tunezererewe kandi tutiziganya n’ubuzima bibaye ngombwa tukabutanga, kubera igihugu ni katihabwa.

  • Kugira ngo dukore ibirama, ibikorwa bihesha iteka Umugambwe wacu watureze n’igihugu catwibarutse, biradusaba kwitunganya neza ubwacu, mu mvugo no mu ngiro gutyo ntidutetereze abatwizigiye. Umugumyabanga ari kuri uru rugamba rwo guteza imbere igihugu na cane cane indongozi hari bike muri vyinshi tumaze imisi twigishanya nashimye kugarukako vyomuranga :
  • Gusenga Imana, Dukora Dusenga Dusenga Dukora, gusenga ata gahato kandi gusenga mu kuri. Gusengera igihugu, gusengera indongozi, gusengera abo turongoye, gusengera imigambi y’igihugu, gusengera imigambi yacu turangura ngo twiteze imbere mu ngo zacu.

Gukunda  Imana, no gukunda abo turongoye, ataguhahamira amaronka, ivyo bibiri vya mbere mubifise ivyo muzoshaka muzobironka mudatamye

  • Kuba abavyeyi; Kuba indongozi abarongowe babonamwo umuvyeyi bisaba ukwitanga no kuba koko akarorero eka nukuba ubwirukiro rukamvye.
  • Mube ba gikundiro, akarorero bose babagane kandi babigane.
  • Guca bugufi, Sogokuru wacu Imboneza Yamaho yararivumereye ati:” Imana ntidukomeza ngo duhagarare ku bandi ahubwo dukomere duhagararire abandi.”
  • Indongozi nziza iremera guhanurwa, indongozi nziza ziruzuzanya, ntizisamburana , zemera gufashwa, guhanura, guhanurwa, gukeburwa, zemera kwigishwa n’ibihe, kwigishwa n’abantu.
  • Kugendera Ubuntu n’ukuri
  • Kuremesha  amahoro, kuko ahari amahoro umuhoro uraramwa. Iri terambere turiko turategura hari uruhagarara ruhagarika vyose, rugasambura n’ivyo twubatse.
  • Gukunda ibikorwa, imburakimazi ntininahazwa. Ibikorwa bitanga igihagararo n’ukwiyemera. Twigishanye kurya bike turyame kare, twige kuziganya no kubungabunga umwimbu n’inyungu z’amaboko yacu. Dutere imbere, dutunge, dutunganirwe, dutunganirize n’abo ubuzima butoroheye.
  • Ndongozi mu mugambwe wacu mwiza wa CNDD-FDD,  Umugambwe wacu uzokomera mu gihe twebwe ben’Umugambwe tuzokura amaboko mu mpuzu tukitez’imbere.
  • Kwitaho indero n’inyigisho z’urwaruka turere dukuze turamure
  • Guhagararira imico n’akaranga vy’Uburundi
  • Kugumana agatima ko gufasha no guteza imbere iwacu, kugumana imizi iyo twavuye.
  • Muri ibi bikorwa rero, turaja kurabira hamwe aho tugegeje mu kubashikiriza ibimaze kurangurwa n’ivyo tubona vyihutirwa muri iki gihe ivyo vyose tubikora Nyenicubahiro atuvyagiyemwo araduha intumbero n’impanuro umuco twisunga, twungurane ivyiyumviro mu mirwi, duhurize hamwe ivyo vyiyumviro, ico dushikako rero kibe ikitwubaka kibe urumuri rudushikana ku neza y’abengehigu twiyemeje guharanira.
  • Ni no kuri ayo majambo ndagatangarije  ko ibikorwa vy’inama ya Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD igira kabiri vyuguruwe icese.

Murakoze

Tugire CNDD-FDD

26 août 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *