Umukuru w’igihugu aragabisha abagoronome n’abafundi b’indimo badasanga abenegihugu ku kivi
Non classé

Umukuru w’igihugu aragabisha abagoronome n’abafundi b’indimo badasanga abenegihugu ku kivi

Inyuma y’urugamba rwo kugarura amahoro na demokarasi, Uburundi bwarahagurukiye ikibazo kijanye n’inzara mu benegihugu. Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ahamagarira abarundi gukunda ibikorwa kuko ata muntu n’umwe yakuye amaboko mu mpuzu agakora abayeho nabi. Arakebura abakozi bakora mu bushikiranganji bw’uburimyi hamwe n’abafundi b’indimo bishinga kuguma mu biro aho kuja ku kivi bigishe abenegihugu kurima kijambere gutyo umwimbu wiyongere

Ivyo vyashikirijwe mw’ijambo yashikirije i Buhiga mu ntara ya Karusi ahariko hasozerwa indwi yahariwe intwari ku rugamba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Munyonyo 2020, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko ata munyamwete n’ubwira arigera akena ngo yicwe n’inzara, ko ababayeho neza ari abantu batigera bata umwanya mu bintazi. Ku bwiwe ashikiriza ko kugwanya ubukene bitoroshe hacibonekeza urwaruka n’abagabo b’imburakimazi birirwa ku marigara ataco bariko barakora. Ati : « Abantu birirwa kw’irigara ntaho bataniye n’abahemu kuko baba bariko barakingira ikibaba ubukene kandi ko aribo bavamwo abasuma bahungabanya abenegihugu».

Kwirirwa kw’irigara bisa no uguhemukira igihugu

Umukuru w’igihugu ahamagarira abajejwe intwaro n’abandi barundi bose kugwanya amarigara maze abafashwe bayateramiyeko baje kurimishwa mu mirima y’abenegihuhu kuko Ibwirizwa Shingiro ritegeka umurundi wese kugira ico akoze mw’iterambere ry’igihugu, ari naco gituma uwureze amaboko aba acumuye ku gihugu yabwirizwa guhanwa. Ati : « Iyo udakoze ucika umworo kandi ivyago n’indwara vyose bikugwako ». Umukuru w’igihugu ashikiriza ko ibihugu vya rutura vyateye imbere kubera ababibamwo bihaye ihangiro ryo gukora masaha 24 ku 24 kandi ko vyahereye guteza imbere igisata c’uburimyi. Ati : « Natwe duhere kw’ihinguriro ryo guhingura isi turonke umwimbu n’umusesekara »

Umukuru w’igihugu yashikirije ko Reta Nkozi yaje koko ari nkozi kuko ubu yafashe ingingo yo gufasha abarimyi gushora umwimbu wabo. Ati : « Narazungurutse ndaraba nsanga mwese muri ku kivi ariko hageze kwimbura mugashora umusesekara babaha uduhera tw’intica ntikize kandi uwo mwimbu nyene akaba ariwo ugarukanwa ku giciro kinini cane ». Ni muri iyo mvo Reta yaciye iharura ibiciro vy’ibintu vyose kugira izovyegeranye maze izobigarukane kw’isoko bizimbutse. Ico gikorwa kizotuma haboneka imbuto zirobanuye zizogwiza umwimbu.

Reta yiteguriye gute gushigikira abarimyi mu kugwiza umwimbu ?

Mu bijanye no kugwiza umwimbu mu kurima kijambere, Umukuru w’igihugu yashikirije ko Reta arongoye izokora ibishoboka vyose kugira ntihagire umwenegihugu n’umwe akora ata wuriko aramwereka ubuhinga. Asigura ko yabanje gukoranya urwaruka ruciye ubwenge kugira abe arirwo ruzoja guhagararira ivyo bikorwa Reta nayo ibashigikire. Umukuru w’igihugu yaraneguye ugwaruka ruhemuka rwigishijwe n’igihugu rugaca ruja gukora hanze ngo niho ruhembwa menshi. We asigura ko ari ubuhemu kuko aho rwiga ntigwavuze ngo barutangira amafaranga y’ishuri make ngo ruje kwiga aho bazorutangira menshi.

Gutunganya ingendo mu makomine kugira arabe abari ku kivi

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye arakebura abize ibijanye n’uburimyi bicara mu biro aho gusanga abarimyi ku rubuga rw’intambara y’ubukene. Yashikirije ko agiye gutangura kugira ingendo mu makomine atandukanye yihweza imirima, ko aho azosanga umwimbu utameze neza uwujeje ivy’indimo (Goronome) azoca asezererwa mu kazi. Ati : « Kirazira ko tuguma duhemba abantu ata co bariko baratumarira ».

Umukuru w’igihugu yabahamagariye gutangura gukosora aho bitameze neza bongere bereke aborozi ukwo bokworora kijambere gutyo ubworozi busahirize mu kugwiza umwimbu. Yahamagariye kandi abakozi bo mu bushikiranganji bwujejwe uburimyi, ubworozi n’ibidukikije kuva mu biro bashika ku rubuga kugira barabe neza ko abagoronome co kimwe n’abafundi b’indimo ku mitumba bari ku kivi, ko bitagenze uko bazosubirizwa.

Umukuru w’igihugu asaba abarundi bakora imyuga itandukanye gukorana ishaka kugira umwimbu ugwire mu bisata vyose bongere barereke abonyonora ivyo bariko barabirira akuya. Ati : « Itunga rusangi ni iry’abenegihugu si iry’indongozi. Umukozi wa Reta wese azofatwa anyonoye, yivye, ariye  igiturire canke agasesagura itunga ry’igihugu azopfa adasubiye kuronka akazi ka Reta kuko atokwiba abenegihugu ngo bace baguma bamuhemba ».

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye ahamagarira abarundi bose kumera magabo kugira bafate abo bose babasesagurira itunga gutyo uburundi bubandanye kwogorora mw’iterambere.

Richard Nsengiyumva/ @IntumwaNews

23 novembre 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *