Abahumure basaba iki?
Non classé

Abahumure basaba iki?

Bahati Jérôme aserukira ishirahamwe ry’abahumure ku rwego w’igihugu, mw’ijambo ryiwe, yashikirije  ko intwari ku rugamba zarangwa no kugira urunani, kwitanga hamwe no kwama zimenya ibihe zigezemwo gutyo zigakomeza kugwaniriza hamwe urugamba.

Bahati Jerome yagiriyeko asaba ko hoba itegeko ribagenga, gusubiramwo itegeko rigenga abahumure mu mugambwe CNDD-FDD, gushigikira koperayive batanguje, gusakarirwa amazu kuko benshi baba mu nzu z’ivyatsi, gushigikira impfuvyi n’abapfakazi b’intwari zaguye ku rugamba hamwe no kuramira ubuzima bw’abahoze ku rugamba bagwaye bashaka kuja kwivuza hanze.

Mu ntumbero yo gusahiriza urugamba rw’iterambere abahumure biyemejeko kujako,  Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yasavye abarongozi n’abarwizatunga  bari ng’aho guterera agacumu k’ubumwe kugire haboneke umutahe w’imiriyoni mirongo itanu z’amafaranga y’amarundi (50.000.000Fbu) kugira biyungunganye mu migambi bashize imbere mw’iterambere, yarongeye ababwira  ko ku mwaka uza bazokwerekana intambwe bagezeko.

Richard Nsengiyumva/@IntumwaNews

22 novembre 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *