Abagumyabanga bahamagarirwa  kugwanya ubunebwe, nkomoko y’ubukene
Non classé

Abagumyabanga bahamagarirwa kugwanya ubunebwe, nkomoko y’ubukene

Nk’uko Reta Mvyeyi, Reta Nkozi idasiba guhamagarira abarundi kugwanya ubukene babicishije mu gukunda ibikorwa, Umugambwe CNDD-FDD ntiwasigaye inyuma aho kuri uyu wa kane wa nyuma w’ukwezi Munyonyo 2020 watunganije amasengesho yo gukengurukira Imana ku rufatiro: « Hagize umuntu adashaka gukora, n’ukurya ntarye ». Icegera c’Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD -FDD afatiye kuri kahise k’Uburundi, yibukije abagumyabanga ko kuva na kera na rindi ibinebwe n’ivyasame bitigeze vyoroherwa mu buzima.

Mw’ijambo yashikirije, Yozefu Ntakirutimana, Icegera c’Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yamenyesheje ko abagumyabanga boza bariyibutsa kahise k’igihugu hamwe n’imico kama ya basokuru kugira batahure neza ijambo ngenderwako ry’uno musi ari ryo: « Hagize umuntu adashaka gukora, n’ukurya ntarye ». Nyakwubahwa icegera c’Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yibukije ko muri kahise ku bijanye n’ibisikanya ry’abami batwaye Uburundi, Twarereye, umuhungu wa Ntare Rugamba yabujijwe kuba umwami kubera ubunebwe haca himikwa Mwezi Gisabo kuko yakunda kwerekana ubutwari mu kwiga kurasa imyampi.

Impanuro zishingiye ku myibutsa 10 yerekana ko ikinebwe kitagira ikibanza mu gihugu

Afatiye ku buzima bwa Basokuru hamwe n’ijambo ry’urufatiro ry’uno musi, Icegera c’Umunyamabanga mukuru w’umugamwe CNDD FDD yasavye abagumyabanga kugwanya ubunebwe bivuye inyuma kuko uwutarima ntamira n’ayo ivyagusa bitera ubwenge buke, ko urima itiro ukimbura ingonera, ko uwushaka umuce acika ijoro nayo uwushaka umubira abira akuya. Nyakwubahwa Ntakarutima yibukije ko ata wurya akatamugoye kandi ko akagumye bagumako kuko ak’imuhana kaza imvura. Vyongeye Ntarataze aruta mbundarare, mpaka akabando nandare nawe akaruta mpa akate ndambarare.

Mu gusozera, Nyakwubahwa icegera c’Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yibukije ko n’aho impanuro zo gukebura ibinebwe zidasiba gutangwa intumva zamaho kuko nk’abirirwa ku marigara batera inkuru. Izo ntumva yazivuniye akagohe ko akataretse kaba gasema, bareke kwica amatwi bakore kuko nyamubura ikimuhanura niwe nyamubura ikimuhamba kandi ko inyanka kubwirwa yabwiwe n’uko amaso atukuye, kuko kananira abagabo ntiyimye.

Nk’uko ijambo ry’Imana ryasomwe mu Banyatesalonika ikigabane ca 2 rivuga ko hagize umuntu adashaka gukora, n’ukurya ntakarye. Pasitori Gerevazi Nahimana wo mw’ishengero rya FECABU yasengesheje yahanuye ababona badafise ico bakora kubaza baginzi babo kugira ntibarere amaboko ngo baryame umukondorazosi ngo nta kazi bafise. Yabasavye kandi kubona kure mu kurahura ubwenge ahatandukanye kugira biteze imbere bo nyene batarinze kuzêra inzé. Ati: « Abarundi nimukoreshe ubwenge mufise n’inguvu zanyu.  Muje hamwe mwunge ubumwe maze mwungurane ubumenyi kugira mushike kw’iterambere rirama kuko aho Imana yarema umuntu yamuremanye vyose ».

Umukozi w’Imana Nahimana yahanuye abakristu kwanka ikibi bivuye inyuma maze bakunde iciza. Yakengurukiye Umugambwe wafashe ingingo yo guhuza abagumyabanga kugira bashimire Imana bongere bakeburane mu gushira mu ngiro ivyipfuzo vya Reta mu kugwanya ubukene.

Mwokwibuka ko amasengesho arangiza ukwezi yama atangura kuva isaha indwi z’umurango.

    Richard Nsengiyumva/ @IntumwaNews

26 novembre 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *