Samuragwa: « Umushinge mw’iterambere dufise tuwukesha Nyenicubahiro Petero Nkurunziza »
Actualité, Economie, Espace Presse, Politique

Samuragwa: « Umushinge mw’iterambere dufise tuwukesha Nyenicubahiro Petero Nkurunziza »

Mu myiyamamazo y’amatora twimirije ku wa 20 Rusama 2020, yabereye i Nyabikere n’i Buhiga mu ntara ya Karusi, kuri uwu wa 5 Rusama 2020, Samuragwa wa CNDD-FDD mu matora y’Umukuru w’igihugu, Nyakwubahwa Jenerali Majoro Varisito Ndayishimiye, yamenyesheje ko Abarundi dufise umushinge ukomeye mw’iterambere wubatswe n’Imboneza yamaho, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Samuragwa amenyesha ko hari abatanezerewe n’amahoro dufise, kuko atari bo bayagwaniye, canke atari bo bayateye igise kugira aboneke. Ati: “Kuri bo naho twoyatakaza ntaco boba bahomvye, Abagumyabanga nimuze tuyabumbatire, kuko turazi iyo yavuye, yabonetse ku giciro c’amaraso y’intwari ziguze urwo rugamba.”

Nyakwubahwa Jenerari Varisito Ndayishimiye amenyesha Abagumyabanga ko Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu abasaba  kutazigera babitsa umwana uwutamuvyaye, kuko yohava amuta  mu manga. Abagumyabanga ngo nibamenye ko Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ari we yashinze umushinge ukomeye w’iterambere Uburundi bugezeko, kuko ngo yahereye ku busa, arubaka igihugu kugeza kuri iyi ntambwe nziza kigezeko.

Nyakwubahwa Samuragwa yarongeye amenyesha Abagumyabanga bo mu ntara ya Karusi, eka mbere n’Abarundi bose, ko mu bijanye n’amagara y’abantu, umugambi wo kuvuza abakenyezi bibungenze, abibaruka n’abana bari munsi y’imyaka itanu bizobandanya. Ati: “Iyo migwi itatu yari mu bapfa ku bwinshi imbere y’uko iyo ngingo nziza cane isahiriza Abarundi ifatwa. Twibuke ko iyo migwi y’abenegihugu aho hambere hahise yari ibangamiwe cane, kuko amikoro make yaba yugarije imiryango yatuma bataja kwa muganga”.

Uwo yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD ngo azowuserukire mu matora y’Umukuru w’igihugu asaba abenegihugu kwongereza umuvuduko w’iterambere, kuko urugamba rw’iterambere ni ntiruhera, ati  rwatanguye kuva Imana ikirema Adamu na Eva kandi rurabandanya.

Samuragwa aributsa kandi Abagumyabanga ko ubukene Uburundi n’Abarundi baciyemwo babitewe n’abazungu bari bagize Abarundi abaja, bashaka kubagumiza mu bukoroni. Ati: “Dufise isi imera, abazungu baraduteye akagere duca twuguruka amaso tubona kure! Ni ryari Reta yari bwahe buri komine amafaranga angana n’imiriyoni 570, n’imiriyoni 10 z’amafaranga y’amarundi kuri buri mutumba ugize igihugu c’Uburundi?”

Wa muririmvyi ati: “Imana yaraduteye iteka, iduha Umusuku yasukuriye Uburundi, ku bw’iyo nkurunziza ndayishimiye”! Abari n’amatwi yo kwumva nibumve, kandi icerekwa ni ikibona, tuvuye mu bwiza tuja mu bundi.

Renovat Nimbona

6 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *