Samuragwa:  »Kuba impunzi mu gihugu c’amavukiro bigiye gusezererwa »
Actualité, Economie, Espace Presse, Politique

Samuragwa:  »Kuba impunzi mu gihugu c’amavukiro bigiye gusezererwa »

 

Mu bikorwa vy’imiyamamazo Samuragwa, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora y’Umukuru w’igihugu yimirije ku wa 20 Rusama 2020, Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye amazemwo iminsi, aha aciye hose amenyesha ko Leta azoba arongoye izoca isezerera ikibazo co kwitwa impunzi mu gihugu c’amavukiro.

 

No mu bikorwa vyabereye i Nyabikere n’i Buhiga mu ntara ya Karusi kuri uwu wa 5 Rusama 2020 yarabigarutseko, aho yasavye abenegihugu kwakira Abarundi benewabo bakiri muri ubwo buzima, kuko muri kino gihe tugezemwo, kuba mu gihugu cawe witwa impunzi ari igitutsi gikomeye.

 

Nyakwubahwa Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye yasavye abasigaye mu mitumba kwakirana urweze abakiri muri ubwo buzima. Ati: “Hagiye gutunganwa amanama azokwumviriza abo bakiri mu buhungiro hagati mu gihugu, kugira bashobore gutahuka mu mihana yabo canke ibigwati barimwo bihindurwemwo ibirwati vy’amahoro bazobanamwo n’abandi, nk’uko biri ahandi mu gihugu.”

 

Renovat Nimbona

 

6 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *