Umugambwe CNDD-FDD watanguje icese imyiyamamazo y’amatora ya 2020.
Actualité, Espace Presse, Non classé

Umugambwe CNDD-FDD watanguje icese imyiyamamazo y’amatora ya 2020.

Bugendana, 27 Ndamukiza 2020: Kuri uwu wa mbere, igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2020, niho umugambwe CNDD-FDD watanguza imyiyamamazo y’amatora yo ku wa 20 Rusama 2020, akazoba yerekeye itorwa ry’Umukuru w’igihugu, Abashingamateka n’Abajenama b’amakomine. Ivyo bikorwa vyatangurijwe muri komine Bugendana, intara ya Gitega, bikaba vyitabwe n’isinzi ry’Abagumyabanga, n’incuti za CNDD-FDD baje bava mu yindi migambwe,

 

Nyakubahwa Général Major Evariste Ndayishimiye, ari nawe yashikirijwe n’Umugambwe CNDD-FDD ngo azowuserukire muri ayo matora mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, imbere y’isinzi ry’Abagumyabanga n’incuti za  CNDD-FDD zari zaje ziva mu yindi migambwe, mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, mu bihebeye Imana, n’abandi, yarashikirije imigambi myiza azoshira imbere. Muri iyo migambi harimwo ukwitwararika amagara y’abantu n’indero, gufasha abenegihugu kuronka uburaro bwiza, no kwitwararika cane imigwi imwimwe y’abantu bakeneye kwitabwaho kurusha abandi, nk’abageze mu za bukuru, abakukurutse, urwaruka, abakenyezi, n’abandi. Yaremeye ko agiye guteza imbere ibiterwa njabukamazi, kwitaho ibisata vy’ubutare n’ingenzi, kugwiza amahinguriro, be no kwitaho igisata c’uburimyi n’ubworozi no gukingira ibidukikije. Amenyesha kandi ko niyatorwa azotwarira bose. Iyo ni incamake, kuko imigambi mikuru mikuru izorangurwa muri iki kiringo c’imyaka indwi tugiye gutangura ishika 50, ikiba iri mu gatabu kakwiragijwe ku mitumba ‘amakartye yose y’Uburundi.

 

Emwe, ikibwirwa ni icumva, icerekwa ni ikibona, ng’uwo abantu bose, baba Abagumyabanga canke abari mu yindi migambwe, ubu bamwita Samuragwa. Nico gituma ibice mirongo umunano kw’ijana vy’abitwa ko bohiganywe, bamaze gushikiriza ko atawundi babona, baca bahamagarira abanywanyi babo kumuhunda amajwi. Uwutabikoze nawe, kuko agifise indoto zitandukanye n’ishaka ry’abanegihugu, vyiza yotegura umutima wiwe aze yakire ibizova mu matora, ntaze yitiranye Umugambwe n’abanywayi, kuko Samuragwa yaraye amukuriye inkoni ku gashitsi ati, umugambwe ni rwawe, ariko abanywanyi ni Abarundi, ntihaze hagire uwiteza amaruru ngo yibwe kuko Abenegihugu bo baramaze kumenya uwo buca bahunda amajwi, ari we General Major Evariste NDAYISHIMIYE.

27 avril 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *