umukandida wa CNDD-FDD yiyamamarije mu ntara ya Mwaro
Actualité

umukandida wa CNDD-FDD yiyamamarije mu ntara ya Mwaro

 

Umukandida wa CNDD-FDD, azokwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, Nyakwubahwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye yarishikiye, ku wa 28 Ndamukiza 2020, muri komine Kayokwe intara ya Mwaro.

Mu migambi myinshi yashikirije yavuze ko azofasha ba ntahonikora n’abageze mu zabukuru mu gusahiriza ibigo bisanzwe bitunze abo bantu kugira babone ko Reta ibashigikiye, abo bafise amikoro make babone ko badakumiriwe, ko bitaweho bimwe bishimishije.

Abo barerewe mu bigo vyabigenewe, eka mbere n’abari mu mihana bazosahirizwa mu bijanye no kwivuza. Nyakubahwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye yararemesheje abitavye ivyo bikorwa, abemerera ko Reta azoba arongoye izonafasha abanyamyuga n’abarimyi, mu gutanguza ibanki izoba ijejwe kubaronsa ingurane atangwati batanze kandi ku nyungu itavuna. Umugambi wo gushinga amabanki yo gufasha imigwi imwimwe ikwiye kwitabwaho kurusha iyindi Umugambwe CNDD-FDD wakiviriye hasi, kuko inyuma y’aho hugururiwe icese Ibanki ijejwe guteza imbere urwaruka, mu minsi hazokwugururwa iy’abakenyerzi nayo, mukaba mwumva ko n’iy’abarimyi n’abanyamyuga batobato igiye kuvuka.

Avuye i Mwaro,  yaciye aja kubandaniriza ibikorwa mu gisagara ca Gitega ku murwa mukuru wa politike, aho yahamagariye abanyamigambwe kwigisha imigambi myiza yiwe, kugira baze bamuhunde amajwi. Isinzi ry’abagumyabanga n’abandi bo mu yindi migambwe bakaba baribaje kwumviriza imigambi myiza ya SAMURARWA.

Elie Irumva

28 avril 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *