Actualité, Communiqués et Déclarations, Déclarations, Espace Presse, Politique

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 25 IRANGIYE UMUKURU W’IGIHUGU AKABA N’ INCUNGU YA DEMOKARASI  NYENICUBAHIRO MERIKIYORO NDADAYE AGANDAGUWE

 

 

  1. Mu gihe Abarundi buca twibuka imyaka mirongo ibiri n’itanu irangiye Nyenicubahiro Prezida Ndadaye Merikiyori n’abo bafashanya kurongora igihugu bagandaguwe bunyamanswa n’abari bajejwe kubakingira, Umugambwe CNDD-FDD wongeye kwifatanya n’Abarundi bose bakunda igihugu cabo, mu gutera ivyatsi abo bansi b’igihugu bateguye bakongera bashira mu ngiro iryo bara ryakwegeye Uburundi mu kaga k’intambara yamaze imyaka irenga icumi.

 

  1. Ni umwanya mwiza rero wo kwibukanya ko ku wa 21 gitugutu 1993 Uburundi bwabuze umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abenegihugu ubwabo ku wa mbere ruheshi 1993, agandagurwa inyuma y’amezi atatu yimitswe kuwa 10/7/1993.

 

  1. Iryo gandagurwa ry’intwari zari zihejeje kwitorerwa n’abenegihugu rikaba ryabaye ugutoneka abenegihugu mu gihe bari bagarukanye umwizero kuri kazoza keza k’Uburundi.

Bikaba vyaberetse ko Uburundi buhariwe kuzokwama burungorwa nkuko vyamye kuva bwikukira.

  1. Icigwa Abarundi bahakuye ni uko babonye ko iryo gandagurwa ryakozwe n’akarwi k’abantu biboneka ko bashaka kunigira mu menshi umuzo w’intwaro ya Demokarasi mu Burundi.

 

  1. Igandagurwa ry’indongozi mu 1993 rirasangiye ishusho n’ingandagurwa ry’indongozi ryo kuva mu 1961.

 

Kukaba nkako turibuka twese ko Umuganwa Ludoviko Rwagasore yagandaguwe iminsi mikeyi iheze atsinze amatora ; abamugandaguye bakaba babifashijwemwo n’igihugu c’ububiligi baca mbere barabandanya  bagandagura n’abakozi bo mu Kamenge muri urwo rukurikirane.

Ubwo bwicanyi bwarabandanije gushika mu 1965 aho bagandaguye umushikirangoma wambere Petero Ngendandumwe.

Ako karanda karabandanije kuko intwaro z’igikenye zaciye zishinga imizi mu Gihugu cacu kuva aho akarwi k’abicanyi karongowe na Micheli Micombero batembagaza ubutegetsi kagaca gategura ubwicanyi butagira izina mu myaka y’1969, 1972 ; ubwo nabwo bwaje  gushira mu ngiro itegeko ry’umwami w’ububiligi ryo mu 1925 ryabuza ubwoko bw’Abahutu kubamwo mu buzima bw’igihugu. Ari naco gituma izo ntwaro zagumye zishigikiwe n’abakoloni gushika no ku bwicanyi bw’agahomerabunwa bakozwe n’intwaro ya Buyoya Petero mu makomine ya Ntega na Marangara mu 1988.

Uko gushigikirwa n’abakoloni nikwo kwatumemye intwaro za karyanishamiryango zari zaratse indaro mu Burundi zigira ubwicanyi ubuhizi.

  1. Mu 1961, bahejeje kugandagura Rwagasore baciye birara no mu zindi ndongozi z’igihugu ; barabandanya gushika bagandaguye Umushikirangoma yari aje kugarukana umwizero, mbere bahava birara no mubenegihugu basanzwe. Bahemutse ari uko batembagaje ingoma y’Uburundi, naho nyene babanza kugandagura Umwami wa Nyuma w’Uburundi Karoli Ndizeye.

No mu 1993, bahejeje kugandagura Umukuru w’igihugu Ndadaye Melikiyoro, baciye birara no muzindi ndongozi, gushika aho bagandagura Umukuru w’igihugu Ntaryamira Sipiriyano ariwe yagira agarukane umwizero, baca batangura guhiga buhongo abenegihugu nka kurya bari babigize mu 1972 no mu 1988.

  1. Bikaba biboneka ko ubutegetsi bwa gisirikare bwari bwiganje mu Burundi burongowe na Majoro Petero Buyoya butigeze bwihanganira umuzo wa demokarasi, ngo bushire aho umwenegihugu yashize, ivyo bikaba vyagaragariye kw’itembagazwa rya Prezida Ntibantunganya Sylvestre ku wa 25 Mukakaro 1996, aho Buyoya we nyene ariwe yamwitembagarije amakungu arorero.

Ubwo bwicanyi bwose bwabaye isibe mu Burundi kuva muri kahise, buguma bwisubiriza kubera amakungu aguma aha impigi abicanyi nka Buyoya, bohejwe n’Ububiligi.

  1. Nubu iyo mbuto mbi y’ugusenyura ubutegetsi biciye mu bwicanyi n’ugusuzugura abenegihugu iracashigikiwe n’Ububiligi. Ivyo vyaribonekeje mu mwaka w’2015 aho Ububiligi bwafashe mu mugongo akagwi k’inkorabara ngo batembagaze ishaka ry’abenegihugu.

 

Abo babisha ubu batunzwe n’ububiligi, ari nabwo bwatanze ikibuga bateguriramwo iterabwoba bakorera mu Burundi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD uratangazwa n’ingene Majoro Petero Buyoya, we nyene ubwiwe yiyemerera mu gitabo yiyandikiye ubwicanyi yakoze mu makomine ya Ntega na Marangara, akaba ari nawe yari imbere mu kunigira mu menshi ukwishira n’ukwizana kw’abeneburundi, bizwi neza ko ku ncuro zibiri zose yafashe ubutegetsi biciye mu gutembagaza ubutegetsi, aho guharirwa ivomo, ahubwo amakungu yaciye amusasira indava, amuha amabanga yo guhuza abari mu matati mu bindi bihugu vya Afrika, nk’uko umengo ivyo yakoreye Abarundi ni akarorero keza!

Umugambwe CNDD-FDD urateye ivyatsi iyo ngendo y’amakungu agendera ku mohe ya reta y’ububiligi mu gusasira indava abicanyi. Yari akwiye kwibuka ko gutembagaza ubutegetsi ari icaha gihanwa n’amakungu.

 

Dufatiye kuri ivyo vyose, umugambwe CNDD-FDD utangarije abarundi n’amakungu ibi bikurikira :

 

  1. Ukugwanya kudahana niwo muti wonyene ubereye ibihugu vyose vyo kwisi. Turasavye rero ko amakungu yofata mu mugongo Reta y’Uburundi muri uwo mugambi wo gukurikirana abantu bose bagirizwa n’ubwicanyi bwabaye mu Burundi, kugirango bakubitwe intahe mu gahanga.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urongeye kwifatanya n’abarundi bose kuri uwu musi wo kwibuka Incungu ya Demokarasi Nyenicubahiro Merikiyoro Ndadaye kandi urongeye guhoza abarundi bose, n’imiryango yose yaburiye ababo n’ivyabo muri ubwo bwicanyi;

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD usavye, abanyepolitike bo mu Burundi, kuvavanura n’ingendo yo kugaya ingingo ifashwe n’abenegihugu, bamize ku muzirikanyi ko ata yindi nzira yo gushikira ubutegetsi atari amatora.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urasavye ubutungane ko bwotanga umuco kuri iryo gandagurwa, abakoze iryo bara bashengezwe tubandanye twamirira kure ingendo y’ukudahana. Umugambwe CNDD-FDD Usavye amakungu acumbikiye inkozi z’ikibi kubafata bagashikirizwa ubutungane bw’Uburundi kugirango, ukudahana kuranduranwe n’imizi mu Burundi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD, urakengurukiye bimwe bivuye ku mutima intwari zose ziguze Uburundi mu guharanira Demokarasi kuva ku rugamba rwo kwikukira gushika uyu munsi.

 

  1. Kubarundi bagihedwa n’abakoloni, bagifise agatima ko gushika ku butegetsi biciye mu nguvu, Umugambwe CNDD-FDD ubasavye ko bocira birarura kuko iyo ngendo yasezerewe mu Burundi. Tubasavye riho kwitegura kugira bazoje guhiganwa mu matora yo mu 2020.

 

  1. Muri iyo ntumbero nyene, Umugambwe CNDD-FDD uranegura ukugumiza abarundi mu kangaratete, babasamaza ngo ntibaje ku kivi kandi amahoro asasagaye mu Burundi. Biratangaje kandi kubona ibiro vy’umuhuza biguma bisaba ko abahoze barongoye Uburundi bahabwa uruhara ruhambaye muri ivyo bikorwa kandi muri bose atawashitse ku butegetsi atowe n’abenegihugu. Ni ugukora mu nkovu Abarundi, mugihe baha ijambo Majoro Petero Buyoya yagize ubuhizi ubwicanyi no gutembagaza ubutegetsi. Nta cigwa afise abanyepolitike bomukurako atari uko benshi bamwumva bagahahamuka kuko bataribagira amabi babonye ku ntwaro ziwe.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD ukaba usaba Reta n’ibiro vy’umuhuza ko bokwumvikana abakwiye gutumirwa mu gushirako umukono urupapuro rw’inzira ruzodushikana ku matora yo mu 2020.

 

Umugambwe CNDD-FDD ukaba wibukije ko ibibazo vyari biraje ishinga abarundi vyatorewe inyishu mw’ibwirizwa nshingiro rishasha, no muri wa mugambi w’iterambere ry’igihugu. Ni ukuvuga ko iyi ncuro ya gatanu yo gupfundika urupapuro rw’inzira rushikana ku matora ya 2020 ari iyanyuma abarundi baganiriye hanze y’igihugu cabibarutse.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashima cane bimwe bivuye ku mutima intambwe uburundi bugezeko mugukomeza demokarasi.

Ibwirizwa Nshingiro ryo kuwa 7 Ruheshi  rishira igihugu ku yindi ntambwe yo gukomeza Intwaro rusangi n’intahe yo kwikukira; ivyo bikaba biha icubahiro Incungu zacu Umuganwa Rudoviko Rwagasore, na NDADAYE Merikiyori.

 

Umugambwe CNDD-FDD nkuko wamye uharanira gusubiza hamwe n’ukunywanisha abarundi, uriyemeje kandi kubandanya ugendera ivyiza vyavyawe n’amasezerano y’I Arusha  nkuko wabikoze kuva ushikiriye uburongozi bw’igihugu.

Kuri ivyo, wiyemeje kuzokwama na ntaryo ugwanya amacakubiri aho aturuka hose, ugwanya intwaro zamuka ahandi atari mu matora, ihonyabwoko n’ikumirana.

Ni muri iyo ntumbero umugambwe CNDD-FDD uteye akamo abanyepolitike bose, iyo bari hose kuza kwifatanya n’abandi mu gushira mu ngiro urupapuro rw’inzira ruzodushikana ku matora yo mu 2020.

Umugambwe CNDD-FDD ugiriyeko usaba Reta ko yoguma isaba ibihugu binyegeje abatembagaje ubutegetsi mu mwaka w’2015 kubatanga ngo baje imbere y’ubutungane ; ku manza zaciwe nazo  ugasaba ko zoja mu ngiro mu gushikiriza indishi y’akababaro abasinzikajwe n’ubwo bubisha.

 

  1. Mukurangiza umugambwe CNDD-FDD usubiye kwemeza icese ko uzokwama ugendera iragi twasigaranwe n’iyo ncungu ya demokarasi, kandi ko uzorwanya wivuye inyuma uwo wese azoza ashaka kuyisubiza inyuma kugira twese hamwe, ako kahise kabi tukavyazemwo Ubumwe, ubwo bumwe nabwo tubuvyazemwo umwimbu w’iterambere.

 

Murakoze

Bigiriwe i BUJUMBURA,

 

Igenekerezo rya 20/10/2018

 

Evariste NDAYISHIMIYE

 

UMUNYAMABANGA MUKURU

20 octobre 2018

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *