ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 57 IHEZE INCUNGU YO KWIKUKIRA UMUGANWA RUDOVIKO RWAGASORE AGANDAGUWE
Communiqués et Déclarations, Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 57 IHEZE INCUNGU YO KWIKUKIRA UMUGANWA RUDOVIKO RWAGASORE AGANDAGUWE

 

Imyaka 57 irarangiye Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore umuvyeyi akaba n’incungu yo kwikukira kw’Uburundi agandaguwe, umugambwe CNDD-FDD urifatanije n’Abarundi bose mu kwibuka iyo ncungu.

Uyu munsi n’uwo kwibukana icubahiro gihawe iyo ntwari yitanze ikigura abarundi kugirango turonke intahe yo kwikukira, kwishira no kwizana. Yaraharaniye iteka ry’Uburundi n’ubutungane kuri bose. Ntakindi yazize atari umutima wo gukunda igihugu camwibarutse. Abansi b’Uburundi bamugandaguye, ntakindi bashaka, atari ukuguma bapfukamye munda igihugu c’Uburundi.

Kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu uko umwaka utashe ni igihe c’umubabaro, kikaba n’igihe co kwisuzuma, mu ntumbero yo kurushirizaho gukora mu gutsimbataza intahe y’ukwikukira kw’Uburundi, intahe twaronse turushe, naho kavamahanga yagerageje kuyirwanya, n’ubu akaba atarata hasi ; iyo ntambara yibonekeza mu bikorwa vy’ukuburabuza abenegihugu.

Uwo wese abikurikiranira hafi arashoboye kwibonera ko atarindi ragi Ububirigi bwadusigiye atari amacakubiri, ugukumirana, urwanko rufatiye ku moko n’ubwicanyi. Ivyo navyo bikaba ari imbuto mbi yo kurandurana n’imizi mu ntumbero y’ukubaka Uburundi bwejo. Ni akarorero kabi atakindi kodufasha atari kugumiza igihugu inyuma y’iterambere no kugumiza abenegihugu mu buzima bubi.

Igihe abarundi bahagurukira rimwe bagatangura urugamba rwo kurwanira intahe yo kwikukira, Ububirigi ntaco butakoze ngo buyihagarike, buhera mbere mu kugandagura iyi ncungu twibuka uno musi, hamwe n’abo vyari bifatanije. Aho bakaba bashaka kuzimanganya umugambwe UPRONA waharaniye iyo ntahe mu kuwushiramwo abacangero babo bari bahurikiye mu migambwe PDC n’ibindi.

Guhera ico gihe, Ububirigi bwaciye bushiraho intwaro zibuyoboka, z’igikenye, zikumira kandi zatwaye imyaka itari mike ineza y’abenegihugu iribagirwa.

Kuri uno munsi uri hejuru rero umugambwe CNDD-FDD uratangarije abarundi n’amakungu ibi bikurikira :

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye kwiyemeza ubugira kandi ko uzokwama na ntaryo ushigikiye amateka mpuzamakungu y’amahoro, demokarasi, umutekano w’abenegihugu, n’iragi ry’incungu y’ukwikukira kw’Uburundi.
  2. Umugambwe CNDD-FDD urakengeruka ukwitanga kw’inzego z’umutekano w’igihugu zama zitanga zitiziganya mu kurwanira intahe y’ukwikukira Uburundi bwakuye mu menyo y’ingwe. Ni intwari koko, kuko ntako zidakora kugira ngo igihugu ntikigwe mu minwe ya basesankuyoze, ni intwari zama na ntaryo hafi y’abenegihugu abo nabo bakaba bakenguruka bimwe bivuye ku mutima ukwitanga kw’ingabo z’igihugu.

3. Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka ku kungena umutekano wifashe neza mu gihugu cose. Tukaboneraho akaryo ko gushimira Reta y’Uburundi ataco idakora mu kurwanya ububegito ubwo aribwo bwose no mu gushigikira ubutungane mu ntumbero yo guhana ivyaha.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka utwigoro twose twa Nyenicubahiro Benjamin Mkapa arongora ibiganiro bihuza abanyeporitike, ivyo biganiro vyarafashije kugira abanyeporitike bari hanze y’igihugu bagaruke mu ruhongore, abatari bake bakaba bamaze gutahuka. Turongeye gutera akamo rero n’abataraza kugira batahuke mu gihugu cabo c’amavukiro dufashanye twese kwubaka igihugu catwibarutse.

 

Ukuganira ni umuco mwiza wamye uranga abarundi muri kahise mbere no muri kazoza bizokwama gutyo. Ibiganiro biranga kazoza keza k’igihugu rero n’ibizobandaniriza mu Burundi narirya nivyo abarundi bazopfundika kugira amatora yo muri 2020 agende neza bizokorerwa mu Burundi nyene.

 

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urasubiye gukengurukira Reta irongowe n’imboneza yacu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi we yakoze ibishoboka vyose gushika umurwi wo kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR ujeho. Uwo murwi ukaba uzoshira ahabona amabi yakorewe abarundi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa kandi n’igikorwa kiboneka kimaze kurangurwa n’uwo murwi, ugatera akamo abarundi kuwutera intege muvyo basabwa vyose, kugira bafashe mu kugaragaza ukuri ku mahano yabaye, gutryo bifashe mu kwubaka imitima na kazoza.

 

  1. Mu ntumbero yo kubandanya duha icubahiro ntangere umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore no kubungabunga iragi ridasanzwe yadusigaranye, umugambwe CNDD-FDD urateye akamo abarundi bose iyo bava bakagera ngo bagire urunani rw’intamenwa, bashire inguvu hamwe mu gukunda no kwubaka igihugu cabibarutse.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimishiye kandi urateye intege abarundi bamaze gutahura ko igihugu cubakwa na beneco, bakigira inama bagafata ingingo yo guterera amatora atagahato, mukaba muzi ko amatora y’ibwirizwa shingiro yagenze neza cane. Uko niko kurwanira no guhagararira intahe y’ukwikukira, ninako kugendera mu makanda y’umuganwa Rudoviko Rwagasore yiguze iyo ntahe idushikanye ngaha.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gutera akamo abarundi bose na cane cane abagumyabanga ngo babandanye guterera amatora yimirije yo mu 2020. Niyo ni intumbero yo gushigikira intahe yo kwikukira hamwe no kurwanya ba sesankuyoze bama barondera kwisuka mw’itunganywa ry’igihugu cacu. Rimwe bakavuga ngo ko batanze uburyo intwaro yotunganywa uko bashaka.

 

  1. Mu kurangiza, umugambwe CNDD-FDD urasubiye guhamagarira abarundi bose na cane cane abagumyabanga kugendera na ntaryo iragi twarazwe n’incungu y ‘ukwikukira kw’igihugu cacu mu kurwanya abansi b’igihugu, mu kurwanya akarenganyo, kwirinda amacakubiri ayo ariyo yose, kurwanya bakaboko n’ayandi mabi atuntuza akongera akazingamika abenegihugu.

 

Murakoze

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 13 Gitugutu 2018

Evariste Ndayishimiye

Umunyamabanga mukuru

13 octobre 2018

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *