Abagumyabanga bagize Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD barakoraniye mu nama mu Ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 9-10 Ntwarante 2018, kugirango basuzume aho ishirwa mu ngiro ry’imigambi umugambwe CNDD_FDD wiyemeje bongere bahanahane ivyiyumviro ku ngingo zibereye zotuma bashika kw’ihangiro biyemeje ryo guteza imbere Uburundi. Izo ngingo nazo zijanye no gukomeza inama nshingiro, gukurikirana…
Politique / 4 mai 2026 Burunga : Abagumyabanga barashigikiye Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu.
Ku civugo kigira giti: « Guma kw’ivola, Abarundi twibandanirize kurya umunyenga w’amahoro n’iterambere », Abagumyabanga bo mu ntara ya Burunga batunganije ibirori vyo gukeza Umukuru w’Igihugu ku cizere aherutse kugirirwa mw’ikoraniro kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD ryabereye i Gitega. Ivyo birori vyaranzwe n’urugendo rw’Abagumyabanga bo mu makomine yose agize iyo ntara, hamwe n’imvukira zayo, berekana ubumwe n’ishaka...







