Nyeniteka Reveriyano asaba abagumyabanga bo muri zone Bigina, kubaka zone yabo ku buryo buteye imbere na bugingo izone igiye gufata urugero nk’urwo komine yahorako
Economie, Espace Presse, Politique, Secrétariat Général, Sécurité

Nyeniteka Reveriyano asaba abagumyabanga bo muri zone Bigina, kubaka zone yabo ku buryo buteye imbere na bugingo izone igiye gufata urugero nk’urwo komine yahorako

Mu ntumbero yo gusanga abagumyabanga ku kivi, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yaragendeye, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 04 Munyonyo 2023, abagumyabanga bo muri zone BIGINA, muri komine Makamba y’intara ya Burunga.
Nyeniteka Révérien NDIKURIYO yasavye abagumyabanga kureresha abana babo indero y’ikirundi y’abo hambere no kubakundisha ibikorwa kugira bakure ari abakozi b’ubwira n’ubuntu, abarundi bakunda igihugu kandi bakagikingira umwansi. Ni muri iyo ntumbero nyene Nyeniteka amenyesha ko umugambwe CNDD-FDD wayeguye inyigisho z’ibiswi vy’inkona zijanye no gukunda igihugu, gukunda ibikorwa hamwe no gukunda ishure kugira babategurire kuba Imbonerakure nyazo ziteza imbere igihugu zongera zigikingira.
Nyeniteka arahimiriza abenegihugu b’iyo zone kuja ku kivi, gukunda ibikorwa kugira bubake zone yabo kuburyo buteye imbere na bugingo izone igiye gufata urugero nk’urwo komine yahorako. Akaba yaciye abemerera guterera imiriyoni 6 z’amafaranga y’amarundi kugira bagabanye ideni ry’ibikoresho vyubatse ishure ryisumbuye ryaho i SAMPEKE ryariko rirasanurwa.
Nyeniteka akaba kandi yayaze n’abagumyabanga imigambi y’iterambere bokorera muri iyo zone, kugira itere imbere. Muri iyo migambi, harimwo gusanura amashure bakayubaka ku buryo bw’amagorofa, kwubaka ikibuga ca kijambere c’imetero 130 ku metero 90, kwubaka ibarabara ryiza ahariko harubakwa ibitaro vy’akarorero hamwe n’ayandi y’imigenderanire.
Nyeniteka Révérien NDIKURIYO akaba yasozereye asaba abagumyabanga baho guteramira amahoro n’umutekano kuko igihugu kirakingirwa kandi kiragwanirwa.
5 novembre 2023

About Author

BANGEL


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *