Itangazo ku bamenyeshamakuru-Nyakanga 2022
Amatangazo

Itangazo ku bamenyeshamakuru-Nyakanga 2022

  1. Tubanje guca bugufi no gukenguruka ikingongwe, Urukundo, Imana Nyeny’Ubushobozi ifise ikibanza ca mbere mu gihugu c’Uburundi no mu mugambwe wacu CNDD-FDD idahengeshanya kwerekana ku Barundi, abana Bayo. Ni ishemezwe hose na bose, Yadushoboje kuramuka dusangwa Amahoro, Umutekano n’impore  mu gihugu cacu ciza c’Uburundi.
  2. Kuri rino genekerezo rya 07 Nyakanga 2022, Umugambwe CNDD-FDD uramutse ushikiriza Abarundi muri rusangi, na cane cane Abagumyabanga ari bo banywanyi bawo, umwihwezo kw’irangurwa ry’imigabo n’imigambi  Abarundi bitoreye mu matora ya 2020, iriko irararangurwa na Reta Mvyeyi Reta Nkozi, igiwe imbere na Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu akaba n’Umukuru w’Inama Nkuru y’Inanaribonye mu mugambwe mwiza w’Abagumyabanga CNDD-FDD.
  3. Uwu mwihwezo uje mu rukiririkane rw’ibikorwa vya misi yose vy’Umugambwe CNDD-FDD bijanye no gukurikirana ko igihugu gitunganijwe na cane cane ko twaraye twinjiye mu mwaka ugira 18 dupanga igihugu. Ni umwanya mwiza wo kurabira hamwe kahise, na kubu, twerekeza kazoza keza nk’uko Sogokuru wacu Petero Nkurunziza yarabifiseko iyerekwa ati « Imbere ni Heza ».
  4. Dutanguye ukwezi kwa Nyakanga, ukwezi Abarundi benshi bateragira, barima bizeye umwimbu mwiza. Ukwezi n’abana basubira mu masomero kugira batotahare mu bumenyi. Ukwezi habonekamwo akavura keza kazana akanyamuneza ku barimyi n aborozi.

Umugambwe CNDD-FDD ugahamagarira abo vyega kutabigisha ubusa, no gukurikirana ko abenegihugu batunganirijwe.

5. Uku kwezi ni ukwezi twabonyemwo inyishu ku myitwarariko y’abenegihugu na cane cane ku bijanye n igitoro, isukari, n’ibindi.

6. Dushimire Imana, dushimire Indongozi Kizigenza , atagenz’Umugongo rukamvye, yama ateze ugutwi amaborogo y’abo Imana yamushinze kuyobora.  Umugambwe wamushize imbere, ahagarariye ku rwego rukurira izindi, uramushigikiye, yame ashitsa ivyo yemereye Abarundi, imvugo ijane n’ingiro, twubake Uburundi bw’akanovera, Uburundi bwubashwe.

7. Turashimira kandi Abarundi , ku bwitonzi no guhangana n’ibibazo badata ubwoko, batahuza bagatahura, badatwarira hejuru, batajana nyabahururu, bazi gutandukanya urwamfu n’ururo. Abo bose baremesha amahoro, babishimirwe.

8. Umugambwe CNDD-FDD waraganiriye n abari muri Reta Mvyeyi reta Nkozi aho bagejeje ikivi, urabatera intege. Tugireko dukeza ingingo nziza yafashwe yo kurekura iyinjizwa ry’ivyankenerwa ku benegihugu nk ifu n’ibigori vy’intete, isukari, isima. Ni ingingo dukenguruka kuko biri mu bisabwa cane n’abenegihugu.

9. Kuri uyu munsi rero bihuriranye n’igenwa ry’Umushikiranganji wa mbere mushasha, Umugambwe CNDD-FDD wifatanije n’abagumyabanga bose, ndetse n’abarundi bose muri rusangi mu kugaragaza urweze kw iyemezwa n’igenwa eka no kurahira kw’Umushikiranganji wa mbere mushasha Lt Gl Pol Ndirakobuca Gervais. Turamukeje. Imana izomushoboze.

10. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gukenguruka ingendo nshasha yo gutunganya ivy igihugu, (Budget-Programme), ugahimiriza abahinga bose kwisunga urwo rutonde rwiza ku neza y’abanegihugu n’imigambi bashize imbere.

11. Umugambwe CNDD-FDD wongeye kumenyesha icese ko utazokwigera ushigikira abapfukama mu nda abenegihugu, abanyegeza ivyankenerwa ku benegihugu, canke bakabibagurishako ku biciro vy’umurengera. Umugambwe uhamagarira Reta Mvyeyi Reta Nkozi kwama yarikanuye kugira ngo umwenegihugu yubahirizwe, abagirirwa n’ubwo bubisha nabo bashengezwe  hisunzwe amategeko y’igihugu.

12. Umugambwe CNDD-FDD urashigikiye ko abizewe bose baba abasuku b’abenegihugu, batahure ko umuhamagaro wa mbere ari gutunganya neza ivy’igihugu ku neza ya bose.

13. Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira umwe wese aho ari akomeze imirimo Imana yamuhezagije, ayikore abinezererewe kuko umwimbu ushikimishije tuzowukorako twese umwe wese aronse ico afungura, n’umufuko wose amafaranga yo kwikenura.

Ku Barundi bose,

Ni ukwibukanya rero ko Uburongozi bw’igihugu bushingiye ku migambi karangamutima k’Umugambwe CNDD-FDD kadutegerereza ko iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamugarukako, ko atanumwe yokwidohora kuri uwo muhamagaro wo gukorera igihugu cacu.

Ku Bagumyabanga,

Ni ukwibukanya ivyo twiyemeje, ma manama namakaraniro atandukanye. Ingingo zapfunditszwe zabaye kirumara mu gukomeza umugambwe, ziramira abagumyabanga n’indongozi, zituma hahinduka vyinshi haba mu ngendo canke mu ngiro z’abagumyabanga n’abarundi bose muri rusangi, bidushikana ku ntsinzi nayonyene iramira abenegihugu, intsinzi yadushikanye kuri Reta Mvyeyi Reta Nkozi, Reta iriko isubiza abanegihugu bose abakuru n’abato ku kivi, Reta irera ikagorora ikayobora Abarundi mw’iterambere no gukunda igihugu.

Mu gusozera

  1. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gushima imigenderanire ufise n’iyindi migambwe haba mu gihugu hagati canke hanze y’igihugu. Ukaba wongeye kwiyemeza kwama ukomeza iyo migenderanire yungira ubumwe abanywanyi n’ibihugu.
  2. Umugambwe CNDD-FDD urongeye gukeza, Nyen’Icubahiro, Evariste Ndayishimiye Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD ku buhizi n’umwitwarariko ukomeye ku bijanye n’ineza y’abenegihugu yerekanye mu kiringo amaze arongoye Uburundi. Iyerekwa ryiwe n’ivyiyumviro birashe bishikanye Uburundi ahifuzwa na benshi hakabonwa na bake. Ni ntayaga abiri, ico yiyemeje yaragishikije, ni akarorero keza n’ibindi bihugu vyari bikwiye gufatirako.
  3. Umugambwe CNDD-FDD ushira imbere demokarasi, ubutungane, n’iterambere nturota wihanganira uwari we wese yorota azibira inzira abenegihugu bitoreye.
  4. Nk’Umugambwe wamushize imbere,  ni iteka rikomeye, turamushimiye kandi turamushigikiye cane kuko ntadutetereza, ngo adute mu nzira, canke ngo adohoke ku karangamutima k’Umugambwe w’Abagumyabanga. Turi inyuma yiwe atuyobore adushikane heza,  Imana ibandanye imuhunda imigisha.

Turi kumwe twese birashoboka.

Imana ihezagire Uburundi Samuragwa wacu n’Abarundi

Ni Tugire CNDD-FDD

Bigiriwe i Gitega, ku wa 07 Nyakanga 2022

Hon Révérien Ndikuriyo

Umunyamabanga Mukuru .-

7 septembre 2022

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *