ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO GUSHIMA INGINGO INAMA NKURU IJEJWE UMUTEKANO Y’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU YARAYE IFASHE YO GUKURA UBURUNDI K’URUTONDE RW’IVYIRWA MU BIJANYE N’UMUTEKANO.
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO GUSHIMA INGINGO INAMA NKURU IJEJWE UMUTEKANO Y’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU YARAYE IFASHE YO GUKURA UBURUNDI K’URUTONDE RW’IVYIRWA MU BIJANYE N’UMUTEKANO.

  1. Umugambwe CNDD-FDD wifatikanije n’abagumyabanga bose, ndetse n’abarundi bose muri rusangi kugira ugaragaze icese ko wakiranye urweze ingingo rugabo iherutse gufatwa n’urwego rujejwe umutekano mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, iyo ngingo ikura Uburundi ku rutonde rw’ivyigwa mu bijanye n’umutekano n’agateka ka zina muntu. Iyo ngingo irerekanye neza ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryatahuye ukuri ko Uburundi buhagaze neza mu bijanye n’amahoro n’umutekano, kandi ko hari intambwe ishimishije Reta Mvyeyi Reta Nkozi ishikanyeko Abarundi mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu nk’uko Abarundi n’incuti z’Uburundi badasiba kubishikiriza. Umugambwe CNDD-FDD wakiriye iyo ngingo nk’intsinzi ku barundi bose, koko ni intambwe idasanzwe mu bijanye no gukomeza ubwigenge bw’igihugu c’Uburundi.
  2. Umugambwe CNDD-FDD urashimye kandi urakengurutse iyo ngingo y’urwego rujejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuko ni ikimenyetso ciza, cerekana  ko ya migenderanire twama dusaba irangwa n’ukuzuzanya no kubahana hagati y’Uburundi n’amakungu igiye gusubira gutotahara . Umwanya wahora utakarira mu gutegura no kwishura  amaraporo y’irementanya ku Burundi, uzokoreshwa mu bindi bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu nk’iterambere no gukomeza demokarasi, iteka n’itekane ku barundi bose.
  3. Ku kaba nkako, Ugutunganya amatora ata kuboko canke uburyo bwa kavantara bigiyemwo koko amahoro n’umutekano bisasagaye mu Burundi, ayo matora yabaye mu mahoro n’umuco atamusunikano kuko Abarundi baratahuye Demokarasi. Vyumvikana rero ko Uburundi butobandanya bushirwa hamwe n’ibihugu bibangamiye amahoro n’umutekano kw’isi, na rirya atawokwirengagiza ko Uburundi bufasha bidasanzwe mu kugarukana no guhagararira amahoro mu bihugu bikirangwamwo umutekano muke n’indyane nka Somariya, Centrafrika  n’ahandi. Umugambwe CNDD-FDD urahimbawe n’Amahoro n’umutekano  mu Burundi, birabonekera mu migambi iriko iraranguka, bikabonekera kandi ni ugutahuka ku bwinshi kw’impunzi z’abarundi, n’abanyeporitique bari  inyuma y’igihugu, babandanya bashika mu gihugu kugira bifatanye n’abandi barundi mu kubaka igihugu gitekanye, giteye imbere, kirimwo abenegihugu banywanye koko  mu mahoro.
  4. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko gushimira no gukeza Reta y’Uburundi itigeze ihengeshanya mu gusaba ko Uburundi bwokurwako iceyi bukavanwa ku rutonde rw’ivyigwa ku bijanye n’umutekano mu rwego rujejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umugambwe CNDD-FDD urashimira kandi Abarundi bose, imigambwe, amashirahamwe aharanira iterambere ry’abenegihugu n’agateka ka zina muntu eka n’ibihugu bigenzi, batahuye kare, maze bishigikira uburundi muri urwo rugamba rudasanzwe, kugira Uburundi buronke iteka ryabwo mu makungu. Ivyo vyose bikaba vyaba mu gihe abaguma bambika ibara Uburundi batateshwa ngo bate, na canecane mu  kwambika ibara Umugambwe CNDD-FDD n’urwaruka rw’awo Imbonerakure, urwaruka Burundi bw’ubu n’ejo, urwaruka rukunda igihugu, amahoro n’umutekano, mushinge  w’iterambere ry’igihugu.

N’igihe mu mwaka w’2015,  hari abanyamahanga bafadikanije n’abarundi bamwe bamwe bahemukiye igihugu mu guhungabanya umutekano w’Uburundi n’Abarundi, mu kuburabuza no gutembagaza inzego z’igihugu zari zitorewe n’abenegihugu bikabata kuw’amazi, Uburundi bwagumye buhagarariye Ukuri bwerekana ko amahoro n’Umutekano atari agaseseshwarumuri, birahimbaye rero ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU naryo ryatevye rigatahura.

5. Nk’uko Ishirahamwe Mpuzamakungu ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa (OIF) naryo ryari ryabitahuye kare, rigafuta ingingo zose z’agahahazo n’agahotoro zidahuye n’amategeko ryari ryafatiye Uburundi, n’iyi ngigo idasanzwe ifashwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ije nk’ubutumwa ku yandi mashirahamwe Uburundi buhurikiyemwo, yaba mpuzamakungu canke y’akarere, nayo atahure, aje mu nzira  yo gukomeza imigenderanire myiza ifatiye ku kwungurana no gufashanya atawuhahaza uwundi, ahereye mu bisata vyumvikanyweko, vyihutirwa gusumba ibindi. Ayo mashirahamwe yose kandi, yoshira rero inguvu mu gushigikira ibisata 6 vyashizwe imbere na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, no mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu ujejwe iterambere Uburundi bwiyemeje (PND 2018-2027)

6.  Mu kurangiza, Umugambwe CNDD-FDD usavye abagumyabanga bose, n’abarundi bose muri rusangi, abari mu Burundi n’abari hanze y’igihugu kubandanya bafatanye munda, bongereze ubwira mu kwitabira ibikorwa birwiza umwimbu gutyo bitabire akamo ka Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye Umukuru w’igihugu c’Uburundi, ko kurwaniriza hamwe umwansi w’ineza y’abenegihugu: ubukene, mbere umunwa wose uronse ico ufungura, umufuko wose nawo uronse amafaranga yo kwikenura. Turikumwe Twese Birashoboka.

Imana ibahezagire

Murakoze

Bigiriwe i Gitega, ku wa 08 Kigarama 2020

Kubw’Ubuserukizi Bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD

Umunyamabanga ajejwe kumenyesha no guhanahana Amakuru.

Nancy Ninette Mutoni

8 décembre 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *