ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 26 IRANGIYE UMUKURU W’IGIHUGU AKABA N’ INCUNGU YA DEMOKARASI  NYENICUBAHIRO MERIKIYORO NDADAYE AGANDAGUWE
Actualité, Amatangazo, Communiqués de presse, Espace Presse, Politique

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 26 IRANGIYE UMUKURU W’IGIHUGU AKABA N’ INCUNGU YA DEMOKARASI  NYENICUBAHIRO MERIKIYORO NDADAYE AGANDAGUWE

 

 

  1. Mu gihe Abarundi twibuka imyaka mirongo ibiri n’itandatu irangiye Nyenicubahiro Prezida Ndadaye Merikiyori n’abo bafashanya kurongora igihugu bagandaguwe bunyamanswa n’abari bajejwe kubakingira, Umugambwe CNDD-FDD wongeye kwifatanya n’Abarundi bose bakunda igihugu cabo, mu gutera ivyatsi abo bansi b’igihugu abateguye n’abashize mu ngiro iryo bara ryakwegeye Uburundi mu kaga k’intambara yamaze imyaka irenga icumi.

 

  1. Ku wa 21 gitugutu 1993 Uburundi bwabuze umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abenegihugu ubwabo ku wa mbere ruheshi 1993, agandagurwa inyuma y’amezi atatu yimitswe kuwa 10/7/1993. Iryo gandagurwa ry’intwari zari zihejeje kwitorerwa n’abenegihugu rikaba ryabaye ugutoneka abenegihugu mu gihe bari bagarukanye umwizero kuri kazoza keza k’Uburundi. Umwitwarariko wa Perezida Melchior Ndadaye kwari ukubaka uburundi bushasha buzira amacakubiri n’akarenganyo

 

  1. Icigwa Abarundi bahakuye ni uko babonye ko iryo gandagurwa ryakozwe n’akarwi k’abantu biboneka ko bashaka kunigira mu menshi umuzo w’intwaro ya Demokarasi mu Burundi. Bamwe bamye bagendera ku ntwaro z’igikenye za karyanishamiryango zari zaratse indaro mu Burundi zigira ubwicanyi ubuhizi.

Kuri uno munsi twibuka izo ntwari ;

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimiye Imana Rugiravyose yo yaduhaye Perezida Ndadaye Merikiyoro n’abo basangiye urugamba rwa demokarasi, Imana yari yabatatse impano zidasanzwe zo gukunda igihugu gushika aho bacigura. Imana ininahazwe kuri izo ntwari yaremeye Uburundi.

 

  1. Ukugwanya kudahana niwo muti wonyene ubereye ibihugu vyose vyo kwisi bigendera muri demokarasi. Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’intambwe reta y’Uburundi yitorewe n’abenegihugu igezeko mu guhagararira inyungu z’abenegihugu n’ishaka rikomeye ryo kurwanya ukudahana mu Burundi.

 

Umugambwe CNDD-FDD urashima ubutwari  ubutungane bwerekanye mu mugambi wo gukurikirana abantu bose bagirizwa n’ubwicanyi bwabaye mu Burundi na cane cane abagirizwa igandagurwa ry’incungu ya demokarasi n’abamufasha kurongora igihugu, kugirango bakubitwe intahe mu gahanga, abakoze iryo bara bashengezwe tubandanye twamirira kure ingendo y’ukudahana.  Umugambwe CNDD-FDD Usavye amakungu n’amashirahamwe mpuzamakungu acumbikiye inkozi z’ikibi kubafata bagashikirizwa ubutungane bw’Uburundi kugirango, ukudahana kuranduranwe n’imizi mu Burundi.

 

  1. Mu gihe hasigaye amezi make ngo abarundi tuje mu matora , Umugambwe CNDD-FDD usavye, abanyepolitike bo mu Burundi, kuvavanura n’ingendo yo kugaya ingingo ifashwe n’abenegihugu, bamize ku muzirikanyi ko ata yindi nzira yo gushikira ubutegetsi atari amatora.

 

  1. Mukurangiza umugambwe CNDD-FDD nkuko wamye uharanira gusubiza hamwe n’ukunywanisha abarundi, usubiye kwemeza icese ko uzokwama ugendera iragi twasigaranwe n’iyo ncungu ya demokarasi, kandi ko uzorwanya wivuye inyuma uwo wese azoza ashaka kuyisubiza inyuma kugira twese hamwe, ako kahise kabi tukavyazemwo Ubumwe, ubwo bumwe nabwo tubuvyazemwo umwimbu w’iterambere. Umugambwe CNDD-FDD uhamagariye abarundi bose na cane cane Abagumyabanga kwama na ntaryo basenyera ku mugozi umwe biyamirize abo bose boza babacanishamwo

 

Bigiriwe i Gitega, ku wa 21 gitugutu 2019

22 octobre 2019

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *