Indongozi mu bisata vyose vy’igihugu zakoranijwe n’Ubuserukizi Bukuru
Non classé

Indongozi mu bisata vyose vy’igihugu zakoranijwe n’Ubuserukizi Bukuru

Mu gitondo co kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 Nyakanga 2021, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo yagirishije inama indongozi zitandukanye zikomoka mu mugambwe arōngôye zagenywe mu mabanga mu ntumbero yo kurabira hamwe aho ikivi co gushira mu ngiro imigambi abenegihugu batoye kigeze, kari n’akaryo ko kuganira ku nyifato yobaranga mu mabanga barimwo.

Inyuma yo gushikirizwa no gusigurirwa ibisata vyose bigize Ubuserukizi Bukuru n’Abagumyabanga babigize, n’amabanga bajejwe, indongozi zashikirijwe impanuro n’inyigisho zitandukanye.

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yakeje abaheruka kwizerwa ngo babandanye n’ikiringo gishasha mu buserukizi bukuru, ati: « Ubu twese turi bashasha, n’abongewe tubafata nk’abashasha, tubifurije rero gukorana umwete n’ubwira, Abagumyabanga bose batere iyindi ntambwe » Aho rero yavuga Abanyamabanga Ntunganyabisata baheruka kwongerwa ikiringo n’Inama ya Komite Nkuru Y’Umugambwe heruka kubera mu ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 26 na 27 Myandagaro 2021.

Yaciye kandi ku masonga n’izindi ngingo zafunditswe n’urwo rwego ruhambaye rw’Umugambwe CNDD-FDD, nk’ukwegereza uburongozi n’ubushobozi abenegihugu (décentralisation), aho yagiriyeko anegura indongozi zitarashira mu ngiro ingingo yo kwimurira ibiro mu murwa mukuru wa poritike.

Umunyamabanga Mukuru yongeye arashimikira ku ndero y’urwaruka no gutegura kazoza kabo bashingiye ku nyigisho zo gukunda igihugu, amenyesha ko hariho ingingo y’uko abana bahejeje amashure bazohora bamara imyaka ibiri bakorera igihugu mu ciswe Service Patriotique Volontaire, gitunganije neza bigishwe gukunda igihugu no kukirwanira, banarangure imigambi yo gutera ibitara mu gukingira ibidukikije.

Mbega indongozi nyayo yorangwa n’iki?

Yishimikije ibitegerezwa n’akarangamutima k’Umugambwe CNDD-FDD, akanihweza inyifato y’indongozi mu mabanga bashinzwe, Umunyamabanga Mukuru yahanuye indongozi zaraho guhindura ingendo biteho na ntaryo ineza y’igihugu n’abenegihugu, bakunde ibikorwa, bubahirize abakozi n’amasaha y’akazi gutyo umwimbu wisununure, kuko ngo ntamuntu atera imbere adatunganya neza ibikorwa ngo ategekanye, kandi ngo anamenye gukoresha neza umwanya wiwe.

Nyakubahwa Ndikuriyo yamenyesheje ko indongozi y’ukuri ishira imbere ineza y’igihugu ikirinda gushira imbere ineza yayo bwite, yahamagariye indongozi gutegura kazoza kabo kuko, ku bwiwe ibihe biha ibindi, ntibazokwama ari abakuru. Yabasavye kandi gukunda ibikorwa, kutagunda abenegihugu maze babumbwe n’ivyo bafitiye uburenganzira,  bafate ingingo zibereye mu gihe kibereye. Yabahamagariye kandi kwiyemera nk’indongozi, ntibisuzuguze mu nyifato n’ingendo zigayitse zobateza iceyi, ati  » Mwitwararike kwandika izina, gusiga izina ryiza bitegura kazoza k’indongozi, mukore mutegura n’abasubirizi »

Nyeniteka Ndikuriyo yabasavye kandi kwirinda gusohora amabanga hataragera, kwicisha bugufi, gutonda ku kazi ku masaha, kwubaha ababakurira n’abo barongoye, kutishira hejuru ngo barazwi, kuvugisha ukuri, kudasamburana mu gukoreshanya amakosa, kudaterana ubwoba ku buzi, kwirinda imigenderanire yotuma akazi kononekara nko gufumbatisha indongozi nshasha ngo bariko babereka uko aho hantu bakora canke gusororera indongozi, kwirinda gusahura no gusesagura amatungo y’igihugu, gushishoza imbere yo gukora ikintu, kwemera gukeburwa, kutagora abo bajejwe, kugira intumbero mu muryango no mu gihugu. Nyeniteka Ndikuriyo yabahamagariye gukunda iyo bavuka kuko vyohava bishika intara igaserukirwa n’abantu batigera baja iwabo. Ati: « Dukeneye indongozi zikundana, zitagorana kandi z’igikundiro abantu bose baza bagana kuko bihesha iteka Umugambwe. Nimwiyemere mukore ibikorwa nk’abaronse akazi kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu mwongere mupange neza akarere ».

Yongeye arashimangira ko Indongozi yemerwa ikaramira abenegihugu ari uwo atunganiriza abamugana, yicishije bugufi, gikundiro, bwirukiro bw’abenegihugu bose, yubaha akayobora abo ajejwe n’urukundo atabaturubika, azi ko atawikwiza akemera guhanura nawe agahanurwa gutyo ntajana nyabahururu, afise ibanga, azira akarengano akama na ntaryo arondera iterambere, akagira intumbero yo guteza imbere umuryango wiwe n’igihugu ata bugunge.

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo yahamagariye indongozi kutagira akarima kabo imirimo bajejwe kuko bigaragara ko amashirahamwe ya Reta atari make akora asubira inyuma ntavyare ayandi mashiramwe mu gihe ay’abigenga aguma avyara ayandi mu gihugu hagati no hanze y’igihugu, gutyo uruhombo rukaguma rwiyongera mu kigega ca Reta.

Yasozeye ahanura indongozi zari ngaho kwitaho gusoma no kwandika ibitabo, gukirana amakuru no kuremesha ibiganiro vy’ubuhinga, gukerebuka mu kurondera ubuzi mpuzamakungu, no kwama bakurikira aho isi igeze mu bisata vyose.

Yabemereye ko ibiyago nk’ivyo bizobandaniriza mu ntara, aho atazohengeshanya gusanga abenegihugu ku kivi mu ntara no mu ma komine yabo.

Mwomenya ko iyo nama yitabwe n’indongozi zababa igitiri c’amajana atandatu, ikaba yabereye mu ngoro nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yo ku murwa mukuru w’Ubutunzi Bujumbura.

Texte: Richard Nsengiyumva (Intumwa)

30 septembre 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *