UBUTUMWA BW’UMUGAMBWE CNDD-FDD KU WA 14 NYAKANGA 2021
Non classé

UBUTUMWA BW’UMUGAMBWE CNDD-FDD KU WA 14 NYAKANGA 2021

Umugambwe CNDD-FDD urakurikiranira hafi ibimaze imisi bishikirizwa n’abenegihugu ku nyifato y’indongozi mu gihugu. Turashimishwa n’iyo ntambwe nziza tugezeko mu gutsimbataza demokarasi mu gihugu.

Twishimikije ingingo zihambaye ziheruka gupfundikwa n’Inama ya Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yakoraniye i Ngozi ku magenekerezo ya 26 na 27 Myandagaro 2021, mu kigabane kiraba inyifato ibereye Abagumyabanga muri rusangi na cane cane Indongozi, Umugambwe CNDD-FDD urashima ingingo Abakenguzamateka bafashe  mu ntumbero yo gukomeza urwego abenegihugu babatoreye, mu gusubiriza uwahora ari icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Umukenguzamateka Spes Caritas Njebarikanuye.

Turakeje Umukenguzamateka Deniza Ndadaye yizigiwe kuba icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi.

Umugambwe CNDD-FDD urashima kandi ingingo yafashwe n’Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere ry’abenegihugu n’Umutekano, mu guhagarika mustanteri wa Komine Ntega y’intara ya Kirundo, biturutse ku nyifato yerekanye yagaragaje ko atabereye kurongora abandi.

Umugambwe CNDD-FDD wifurije abizewe bose kurongora abandi kubandanya batera iteka Umugambwe n’igihugu  mu kuba akarorero, mu mvugo, mu ngendo no mu ngiro badatirigana ku karangamutima k’Umugambwe CNDD-FDD.

Murakoze.

Ni Tugire CNDD-FDD

Hon Reveriyano Ndikuriyo

Umunyamabanga mukuru. –

14 septembre 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *