Ijambo rishikirijwe n’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD mu gisabisho mpuzamadini gisozera ukwezi kwa Nyakanga
Non classé

Ijambo rishikirijwe n’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD mu gisabisho mpuzamadini gisozera ukwezi kwa Nyakanga

Mana Data Mushobora vyose, Mana y’i Burundi, Mana twahaye ikibanza ca mbere mu gihugu cacu ciza c’Uburundi no mu Mugambwe wacu mwiza wa CNDD-FDD ;

Nyeniteka Mukuru w’Inama Nshingamateka Mukaba no mu Nama Nkuru y’Inararibonye ;

Nyakwubahwa Cegera c’Umunyamabanga Mukuru Mukaba no mu Nama Nkuru y’Inararibonye, n’Umutambukanyi wanyu ;

Nyakwubahwa Munyabigega  Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Mukaba no mu Nama Nkuru y’Inararibonye ;

Nyakwubahwa Mwahoze Murongoye Umugambwe wacu mwiza wa CNDD-FDD ;

Nyakwubahwa Cegera c’Umukuru w’Inama Nshingamateka ;

Banyakwubahwa Mutambukanyi w’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe na Nyakwubahwa Mutambukanyi w’Umuhuza w’Abarundi ;

Banyakwubahwa Banyamabanga ntunganyabisata ;

Banyakwubahwa Bashingamateka ;

Banyakwubahwa Bashikiranganji, Bayobozi bakuru, Bayobozi, Bakozi b’Imana, Bagumyabanga , Bakenyererarugamba, Mbonerakure,

Tugire CNDD-FDD !

Kuri iri genekerezo rya 30 Nyakanga 2021, umusi wa kane wa nyuma w’ukwezi kwa Nyakanga, nk’uko biri mu mugenzo wacu mwiza mu Mugambwe CNDD-FDD, twahurikiye hamwe kugira dushimire Imana yatuyoboye mu bikorwa vya misi yose, muri uku kwezi kwa Nyakanga turangije. 

Vyahuriranye kandi n’uko mu Mugambwe CNDD-FDD, kuva muri iki gitondo twari dufise ico twokwita umwiherero n’Indongozi Nkuru Nkuru mu gihugu, zigizwe n’Abashingamateka, (Abakenguzamateka ntibari hano kuko twarakoraniye i Gitega), Abashikiranganji, Abayobozi bakuru mu Bushikiranganji butandukanye eka no mu mashirahamwe ya Reta, Abayobozi n’izindi Ndongozi.

Dushimire rero Imana yadushikanye uyu musi, kuri iri genekerezo. Tuyishimire ko Yatugiye imbere, eka mbere tugaserukira neza  abadushize imbere, muri vyose na hose. Dushimire Imana kandi ko yatuyoboye, ikatuyoborera Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu mu rugendo yagize mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ijambo yashikirije ryateye iteka Abarundi, ryaradukomereje ubucuti n’ibindi bihugu, barabona ko mu Burundi dusubiye guhaguruka.

Dushimire Abakozi b’Imana bama baje kudufasha, batwama hafi, badusengera; kuko naho turi benshi, turashobora gusanga bamwe bibagiye gusenga, mugabo barisengera bakongera bagasengera n’abandi.

Ijambo ry’urufatiro dusanga mu Banyagalatiya 5 :1, dushimire Umukozi w’Imana yadufashije kuritahura. Ni vyiza kumenya y’uko twabohowe, ntituze turasubira kwigira ababoshwe. Iryo ni ijambo rikomeye. Umwe wese agende kurizirikana, aruhutse mw’ijoro, uburuhe buheze. Hariho abantu benshi batazi ko babohowe! Uretse kubohorwa mu buryo bw’Imana, kubohorwa n’Umucunguzi wacu, no kubohorwa mu gihugu. 

Hari abatazi ko twabohowe, bibaza ko bibohoye. Mwarabohowe ! Mwabohowe n’amaraso y’abana b’Uburundi bayatanze bakavuga bati : « Bihagarare ! Akajagari mu gihugu gahagarare ! Ubwicanyi mu gihugu, buhagarare ! Abantu bibwa, baturirirwa amazu, bihagarare ! » Baritanze, batanga amaraso.

Twebwe rero Abagumyabanga twabohowe kabiri : Imana twayishize imbere, twarabohowe. Nukubimenya. Tubohorwa n’Abarundi bitanze, bakavuga bati : « Iki gihugu gitegerezwa kuba ciza ! »Twarabohotse, ntidusubire inyuma ! Ntimwemere gusubira inyuma ! Uwuzobasubizayo, muzoba mwikwegeye. Musamaye, bazobasubizayo. Iyo umaze kubohoka uca ushirira, ukavuga uti : « Narabohotse, sinsubira inyuma ! » Hariho uwabohowe asubira kuraba inyuma aca acika inkingi y’umunyu. Namwe mwabohotse mugasubira kuraba inyuma, nimwe muba mwikwegeye, kandi uwurukarihije ruramumwa, kandi rumumoye rumumwa uruhara.

Twari twararondeye ingene twoza turabwira Abagumyabanga aho tugejeje ikivi ku musi ku musi, ariko twabonye y’uko ku musi wa kane nk’uwu ari akaryo keza. Ntitubabwira rero ivyaranguwe ku muriri, murazi ko uku kwezi twakwinjiyemwo tuvuye mu Nama ya Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yakoraniye i Ngozi.

Iyo nama ikomeye yapfunditse yongera itanga intumbero y’ingene Umugambwe wokwitunganya n’ingene igihugu coramiriza. Vyinshi vyaravuzwe. Aha mwese muri Indongozi ! Ingingo zapfundikitswe mu nama ya Komite Nkuru, zigiye gushirwa mu ngiro, zizotuma igihugu gihinduka. Umutekano, ibidukikije, imibano, indero, amagara y’abantu, kwegereza uburongozi n’ubushobozi abenegihugu, vyose urudome ku rundi.

Banyakwubahwa Abashikiranganji bari ngaha, Banyakwubahwa Abanyamabanga ntunganyabisata bari ngaha, barazi ingene bazokorana kugira ngo ivyavuye mu nama ya Komite Nkuru y’Umugambwe, bije mu nteguro y’ibikorwa vy’ubushikiranganji bwose kandi turabe ko kimwe kimwe cose kija mu ngiro.

Twaranavuze y’uko ubu, ibijanye no gutunganya amafaranga Reta ikoresha, bizova mu makomine n’intara kuko vyahora biva mu gisagara ca Bujumbura gusa bigakorwa n’abahinga bakavuga amafaranga azokoreshwa ariko amakomine ntituyabonemwo, ugasanga ayo mafaranga ariko arakoreshwa mu kirere. Imiriyaridi igihumbi n’amajana zigahera ku mwaka tutabona mu makomine icakozwe. 

Twebwe tuvuga duti : « Ni tuyatware mw’ikomine. Naho ryoba ari isoko, ritangirwe muri komine »; kuko isoko ry’ikomine rikorerwa i Bujumbura, inyungu zose zikaza i Bujumbura, tugasanga igihugu kirundaniye hamwe kandi gifise amakomine 119 n’intara 18. Ivyo vyose twarabiganirye na Banyakwubahwa Abashikiranganji igihe twagira imibonano, Umushikiranganji umwumwe n’Ubuserukizi Bukuru bw’Umugambwe.

Tubasabe ivyavuye mu nama ya Komite Nkuru bizoshirwe mu ngiro. No mu karangamutima, hariho ingingo nyinshi zafashwe z’uko abana bahejeje amashure, batagerezwa gufata imyaka ibiri bakorera igihugu muri Service Patriotique Volontaire, nk’igisoda. Bigishwe kugwanira igihugu, bigishwa gukunda igihugu hanyuma barangure imigambi imyaka ibiri iheze, bagende barangure ibindi ariko ntibace bagenda, tugume tugira ibisikanya kugira igihugu cacu kije ku murongo.

Igihugu kiragwanirwa ! Naho mwogenda muri Bibiriya, ntanahamwe batavuga y’uko umuntu ategerezwa kugwanira igihugu. No mu ntumwa za Yezu, zabonye bamusagirije, intumwa imwe ica ifata inkota, umuntu imukurako ugutwi. Yezu niwe yaciye asukamwo mabisi ati « Reka reka ivyo ni ibintu vyateguwe, ntangorane ! » Muca mubona ko kigwanirwa. Ntakuza muraraba hasi rero, abantu baza bararegeza. Ntakuregeza !

Murumva rero ko ivyavuye mu nama ya Komite Nkuru, bikomeye. Ni ingingo zikomeye zizwe imisi ibiri hanyuma harakorwa n’icegeranyo. Twebwe mu Mugambwe twarahejeje kwigira hamwe ingene vyoja mu ngiro ( stratégies de mise en œuvre),  ejo aho bukera  hatangura ibijanye n’Ubushikiranganji, duce tugorora neza, uwugoramye tugorora vyanse atubisa.

Hariho ahantu bavuze bati :  » Igiti kitama ivyamwa vyiza, kizocibwa. » Hariho ibiti bitama, hariho amashirahamwe amaze imyaka 40 atunguka, atavyara irindi shirahamwe. Ivyo tuzobica. Imana ikavuga iti : « Rondoka ! », nawe ukagira ishirahamwe ntirirondoke. Abikorera ivyabo bararondoka ariko abakorera Reta ni ingumba ! Vyoshoboka gute ? Nama ntanga akarorero : ITRACOM ivyara FOMI, FOMI ikavyara ihinguriro ry’imifuko, ihinguriro ry’imifuko rikavyara ibanki, ibanki ikavyara assurances, n’ihingiruriro ry’isima hakurya y’igihugu, n’ibindi.

None tubandanye gute, ivya Reta ko bidasohoka ? Hariho inzego nyobozi (ama Conseils d’administration) ariko urondeye ivyo bakora ukabura kandi inama bazigira imisi yose. Tugire gute none ? Igiti kitama ivyamwa vyiza, kizocibwa.

Abenegihugu twarabagendeye, turabishima bari ku kivi. Ubu twahisemwo kugendara Abagumyabanga mu ntara tubabaza ico bariko barakora, tuja kuraba. Dukeneye ko natwe nk’Indongozi, kuva mu biro dukure amabako mu mpuzu. Bigiye kuja mu ngiro kandi muzotworohereze. Tuvuze duti : « Muduge mwese, muduge ! » Ntimuzosubire kutwagiriza ngo twasambuye ingo, n’ingo z’abasoda zirubatse. Ubu twavuze y’uko tuzohora tugira urutonde rw’abantu baduga.

Twasanze ibice 70 kw’ijana vy’amafaranga y’Uburundi aherera mu gisagara ca Bujumbura. Nico gituma muguma mubona abantu baza mu gisagara kubera bakurikira ivyabo, amafaranga y’igihugu. Bavuga bati : « Bisesetse binsesekako, ndamira na dukeyi, ariko mbe ndi hafi y’aho bisesekera. » Nico kimwe na bariya banyafrika bagenda i Buraya, bakurikira ivyabo vyagiye i Buraya, ivyo batwivye. I Bujumbura rero bahaza ari benshi kuko vyinshi niho biri; kandi uri hafi y’ibintu biseseka, urayora dukeyi. Dukeneye rero ko ivyo bintu biseseka, bija hose, Abarundi basubire mu gihugu, bakore bakure amabako mu mpuzu.

Dushime rero tubakengurukire ko mwitavye, mwaje muri benshi kubera uwu musi hariho n’igikorwa catanguye (inama n’indongozi) ariko tubabwire : Ibi bintu vy’ugusenga, burya vyobafasha. Burya udasenga, urashobora kugira ingorane. Erega hariho abantu usanga bararemerewe, batanakora kubera baremerewe n’ibicumuro n’imizigo myinshi kandi baraduhaye n’uburyo bwo kwiremurura bati : « Musenge, mukore. » Usamaye indwi zibiri kugira uzosubire kuvayo biragoye. Usanga waragondamye, umutima wararemerewe kandi ngaha hama huguruye, amasengero n’imisigiti vyama vyuguruye ariko bikanka ko wishira mu maboko y’Imana. Urazi gukora akazi uroraniwe, ataco wiyagiriza hirya no hino, usanga umerewe neza. Uriko uratambuka wumva uremurutse. Tubasabe rero, ntagahato karimwo, ni umuhamagaro. Nimuze, musabe uruhusha ku musi wa kane, Abashikiranganji bari ngaha baravyumva, ntawe bazokwankira kuwa kane wa nyuma w’ukwezi.

Nagomba rero nsubire gushima, nipfurize umwe wese gusubira mu rugo amahoro hanyuma muhagararire amahoro n’umutekano. Sogokuru yavuze ati : « Twubake igihugu, tucubake tugavye abansi baracariho. » Ntimusye bwose, kandi umwe wese ajejwe umutekano wa mugenzi we. No muri Komite Nkuru y’Umugambwe, twaravuze y’uko agateka ka zinamuntu gategerezwa kwubahirizwa kuva mu Nama Nshingiro, kuva kwa nyumbakumi. Abantu bose babeho mu mahoro n’umutekano. Iyo Ibintu bigenze neza, abansi barya umusaya.

Mwahora mudusomera mu misi iheze, muri Nehemiya bavuga bati : « Kwubaka ufise n’inkoho. Uduza itafari, umwansi yegereye ukubita rumwe uduza itafari. » Ivyo biranditse, ni bitagatifu. Ntuzokwemere ko umuntu asambura ivyo wubatse. Utamurashe pfuma umukubita umugere akagwa hasi, kugira avyuke uzoba ushizeko amatafari ane. Ubu tugeze aho abantu bose bavuga bati mu Burundi bimeze gute ? N’abari barapinze bavuga bati : « Turapinguka ariko ntimutumaramaze. Tuje uko nyene umengo twatsinzwe. Mera nk’uwisamaza tuze mwisamaje. »

None mwibaza y’uko ahantu hose bavuze bati mu Burundi bimeze neza, mwibaza y’uko abantu bose boryoherwa ? Namwe ntimuryame umukondorazosi, ngo mubone agahengwe mucane inkinzo. Hari abantu babona agahengwe bagaca bibaza ngo turi mw’iparadizo. Uja mw’iparadizo upfuye. Aha kw’isi ni ukugwana. N’ubuzima ni ukugwana. No kuja mw’ijuru ni ukugwana, ugwana na shetani.

Iri genekerezo ryo 30 Nyakanga, rishitse twebwe mu Mugambwe dupanze neza kubera y’uko kuva mu kwezi kwa mbere hagiyeho Umunyamabanga Mukuru n’Umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe iterambere, abandi nabo bavuga bati : « Ko ari bashaha tweho natwe ni gute ? » Mugabo murabona ko ubu batwenga. Tubakeze tubipfurize kuzororanirwa muri ayo mabanga, mube Indongozi nziza, mufashe Abagumyabanga n’Abarundi bose gushika ku ntambwe ikurikira.

Reka turangize tubashimira ko mwitavye, tubipfurize umugoroba mwiza.

Murakoze !

Imana ibaje imbere !

Tugire CNDD-FDD

 

30 septembre 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *