Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’intambwe yo kurwiza ibiterwa bishasha njabukamazi.
Actualité, Economie, Politique

Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’intambwe yo kurwiza ibiterwa bishasha njabukamazi.

Icegera c’Umunyabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yarishikiye kuri uyu wa gatandatu (igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2020) ku mutumba wa Mihigo mu ntara ya Muyinga komine….ahariko habera ibikorwa vyo gutanguza icese gutera igiterwa njabukamazi ca kaju arico mu gifaransa bita anacardier.

Ivyo bikorwa vyitabwe n’abagumyabanga isinzi bashigkiwe n’inzego z’umugambwe hamwe n’abashingamateka n’indongozi mu nzego zitandukanye.

Umuhinga mubijanye n’ivyindimo muri iyo komine yamenyesheje ko ico giterwa ca anacardier gifise akamaro kanini. Harimwo gukiza ingwara zimwe zimwe zo kurukoba,kugabanya ingwara iterwa n;igisukari,  mbere ngo kiranirukana udukoko dutandukanye dutera imirima.

Ico giterwa kirahingurwamwo kandi imitobe n’ inzoga  zitandukanye. Ico giterwa kiriko kirwizwa muri iyo ntara na koperative CIAP bakaba bamaze kugera kumivyaro 1108, umuvyaro umwe ukadandazwa amafaranga y’amarundi 2500. Hamenyeshejwe kandi ko ico giterwa kizokwiragizwa mu ma komine yose agize intara ya Muyinga.

Muri iyo komine nyene, icegera c’Umunyabanga Mukuru w’Umugambwe  yarateye iteka igikorwa co gushikiriza icese inzu zitatu Abagumyabanga bubakiye ba ntahonikora muri ya ngendo nziza ibaranga yo gufashanya mu kibano.

21 février 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *