ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 09 RUHUHUMA 2022
Amatangazo, Communiqués et Déclarations

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 09 RUHUHUMA 2022

1. Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2022, Umugambwe CNDD-FDD wakiranye urweze ingingo yafashwe n’ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya bwo gukuraho ibihano vy’ubutunzi ivyo bihugu vyari vyafatiye Uburundi mu mwaka w’2016 hisunzwe ingingo ya 96 y’Amasezerano yiswe ay’i Cotonou. Iyo ngingo yo gukuraho ivyo bihano igaca ikurikizwa buno nyene igiheza gufatwa. Iyo ngingo ikaba izanye intambwe nshasha mu kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibihugu bigize uwo muryango w’Ubumwe bwa Buraya.

2. Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka intambwe ishimishije y’imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ibihugu bigenzi vyaco, ituruka k’ubwira n’ubukerebutsi bwa Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu na Reta y’Uburundi, bo bafashe iya mbere  mu kunagura no gutsimbataza imigenderanire myiza hagati y’Igihugu cacu c’Uburundi n’amakungu.

3. Umugambwe CNDD-FDD urashima ukwitanga n’ishaka vyagaragaye mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, na cane cane abaserukira ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya, mu kubona neza urugero rushimishije ibijanye n’amahoro, umutekano no kubungabunga agateka ka kiremwa muntu bigezeko mu Burundi. Ivyo bikaba ari na vyo bashingiyeko kugira ngo iyo ngingo nziza yo gufuta burundu ibihano vyari vyafatiwe Uburundi ifatwe ; maze imigenderanire myiza isubire kurangwa hagati y’izo mpande zompi.

4. Umugambwe CNDD-FDD usubiriye kwemerera Abarundi n’amakungu ko ubandanya gushira imbere politike nziza yo gufashanya ata wandya wangura n’ayandi makungu kugira ngo imigenderanire ntihengeshanye kuba myiza hagati y’impande zompi.

5. Umugambwe CNDD-FDD uzokwama na ntaryo ubereye inkinzo politike nziza yo kunywana hagati y’Uburundi n’Amakungu. Ugasaba abo baserukira ivyo bihugu bigenzi vy’Uburundi kwama na bo nyene bashira imbere inzira y’ukuja inama n’ingingo kuko ari yo ituma bamenya neza ibibera mu gihugu ; maze ikabashikana ku gufashanya nyakuri ata kinubwe.

6. Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye gukeza bimwe vy’imvamutima Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu, Evariste Ndayishimiye na Reta y’Uburundi ku bwira ntangere bubaranga mu guteza imbere ibisata vyose vy’ubuzima bw’Igihugu, gutyo igihugu kigasubira kugira izina ryiza mu makungu. Umugambwe CNDD-FDD ukaba utazohengeshanya kubashigikira.

Bigiriwe i Gitega, ku wa 09 Ruhuhuma 2022

Hon Reveriyano NDIKURIYO

Umunyamabanga Mukuru.-

9 février 2022

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *