Sebarundi ati: “Dushaka indongozi zitwararika abagumyabanga, atari bamwe baharanira ivyicaro”

Mw’ijambo Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu akaba n’umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye yashikirije mu kwugurura icese Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe yaribukije ico arico kuba indongozi mu Bagumyabanga. Ati :“Kuba indongozi mu mugambwe CNDD-FDD, ni ibanga, ni umuhamagaro, ni igitsibo, ni ukwemera gukora udaharura amasaha. Ni ukwemera gukorera […]

Umugumyabanga Reveriyano Ndikuriyo yatowe ngo abe umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

Umugumyabanga Reveriyano Ndikuriyo, asanzwe yarizewe n’abenegihugu bo mu tara ya Makamba ngo abaserukire mu nama nkenguzamateka mu matora aheruka yo mu 2020, niwe Abagumyabanga bagize Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD batoye ngo abarongore nk’Umunyamabanga Mukuru. Aho hari mw’Ikoraniro Kaminuza ryatunganijwe n’Umugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa 24 […]

ITANGAZO RISOZERA IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KW’IGENEKEREZO RYA 24 NZERO 2021 RYABEREYE I GITEGA.

Kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2020, Umugambwe CNDD-FDD watunganije Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe, rikaba ryabereye i Gitega, umurwa mukuru wa poritike. Ikoraniro ryabaye ku civugo :‘’BAGUMYABANGA, DUKOMEZE DEMOKARASI MU BURUNDI MU KWITORERA INDONGOZI’’ Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe riri mu rukurikirane rw’amateka mashasha y’Igihugu n’Umugambwe CNDD-FDD, ryabaye Abagumyabanga bamaze imisi itatu […]

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU YUGURURA ICESE IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD

Kubw’Imana Mushoboravyose, Mbanje kubaramutsa amahoro y’Imana. Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Rugiravyose yadushikanye kuri uyu musi turi bazima. Nihabwe icubahiro Yo yama izigama Uburundi n’Abarundi, tuzokwama tuyishira imbere muri vyose na hose. Reka mbanze kubaha ikaze mwebwe mwese ndanabakengurukira ko mwashoboye kwitaba ubutumire twabahaye. […]