Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera Ndamukiza.
Non classé

Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera Ndamukiza.

AMASENGESHO ASOZERA UKWEZI KWA NDAMUKIZA

BUJUMBURA, 29 NDAMUKIZA 2021

IJAMBO RY’URUFATIRO

Ishengero riramubaza, riti None tugire dute? Arabishura, at’ Ufise amapfundo abiri, rimwe n’arihe utarifise, n’ufise ivyo kurya n’agire artyo.  Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute? Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe. N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma, kand’ ingero  zanyu zibabumbe.”

Luka 3:10-14

  1. Kw’izina ry’Abagumyabanga bose Imana yantoranije kurongora, ndi n’iteka n’akanyamuneza ntangere vyo kubakira muri kino kibanza ciza cane twahisemwo guhuriramwo tuninahaza Imana Nyeningabo. 

Tubanze dukengurukire Imana Data Mushoboravyose yoyo yatuzigamye, ikazigama Uburundi gushika kuri iyi saha, Yo yatuyoboye, yaturinze, iduha amagara meza ,inkomezi ubwenge n’ubumenyi bwo kuyikorera muri uku kwezi kwa Ndamukiza turiko turasozera.

  • Uno munsi, twahuriye ngaha ngo tuninahaze Imana, dusubire tunagure ukwemera kwacu, twigishanya, duhanurana, dukomeza isezerano twebwe Abagumyabanga twagiriye Imana, twibukanya gukomeza ibikorwa bija ku neza ya bose.  
  • Twaje kandi guhamagara Imana turi hamwe, turi amadini yose; Tuyihamagara ngo tugumane mu Burundi, ibandanye ituyobora mu bikorwa vyacu vya minsi yose, ivyo bikorwa navyo mukaba muzi neza ko nk’Abagumyabanga vyerekeza ineza ya bose nkuko biri mu ruririmbo ruhayagiza Umugambwe wacu mwiza. Dutahure rero kandi tuzirikane ko duharanira ineza ya bose.
  • Guharanira ineza ya bose biradusaba umutima w’urukundo, umutima wiyumvira ineza y’abandi, umutima w’impuhwe. 
  • Ijambo ry’uno munsi rero riduhamagarira gusabikanya,  kwitaho abandi no kuzira ubugunge n’akarenganyo. Uwo mwanditsi w’injiri mu bwuzure bushasha, ahanura gusangira, gusangira n’abadafise. Mu gihugu cacu, duhiriwe duhishije bisanzwe biri no mu migenzo n’imico ya Basokuru, bamana ubumwe, bagafashanya. Naho imico yagiye irasamburwa na ba kavamahanga, ntiraherengetera, Abarundi turi abantu bafashanya haba mu mahirwe canke mu marushwa. Duheruka no kwinagura muri uwo muco mwiza, mu gushiraho umusi wahariwe gufashanya mu kibano. Duhamagarira rero Abagumyabanga kwama bashira imbere uwo mutima wo gufashanya. Kuko n’ Abasokuru barayamaze bati gutanga bizana umugisha, kandi ngo ubunwa butamira butaguha, burakoma induru ntiwumva. 
  • Ndangize nongera kubaha ikaze ndabahamagarira gukurikirana impanuro tuza guhabwa na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu akaba n’Umukuru w’inama Nkuru y’Inararibonye mu mugambwe wacu mwiza.

Tubakengurukire ko mwitavye muri benshi, tubasaba yuko mutorindira kubwirizwa mwobishira ahubwo mu ngendo ya misi yose kukaba nkako mu mugambwe CNDD-FDD twashize imbere Imana, ni isezerano twiyemereje. Tubifurize rero kuraranirwa.

Murakoze

Imana ibahezagire

Ni Tugire CNDD-FDD

29 avril 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *