URUFATIRO : 

INDONGOZI NI URUFATIRO RW’UBUZIMA BW’ABO IJEJWE 

Ku wa 20 NZERO 2022

Tugire CNDD-FDD

Kubw’Imana Rugiravyose, Nyen’impuhwe n’Urukundo

Mbanje kubaramutsa amahoro y’Imana

  • Kuri uyu umusi mwiza wa kane igenekerezo rya 20 Nzero 2021, Tubanje gukengurukira Imana yawushikanyeko turi bazima. Nihabwe Icubahiro.
  • Mpagaze ngaha imbere yanyu rero kugirango ndabahe ikaze nongere ndabakengurukire kubona mwaremeye kwitaba ubutumire bwacu.
  • Ni n’akandi karyo ko kwibuka nongera nshimira Imana kw’izina ry’abagumyabanga kuvyiza vyose yadukoreye muri uyu mwaka urangiye w’2021. 
  • Iri huriro rushitse mugihe ciza; rishitse turi muntango z’Umwaka mushasha w’2022:  munkundire rero mbanze ndabifurize mwese umwaka mwiza, Uze ubabere Umwaka  w’Imigisha n’Imihezagiro iva ku mana, Umwaka w’amata n’Ubuki, amahoro n’amahonda, muze mugire amagara meza, muzovyare muheke, muzorime mwimbure . EKA MUZOWURONKEMWO IVYIZA VYOSE BIVA KU MANA YACU.
  • Dusubije amaso inyuma tukaraba ivyo twayagiwe ku mateka  yaranze ba Sogokuru bacu, turashobora kwatura tudakekeranya ko turi mu makanda yabo MW’IRAGI RYIZA RYO KUBAHA NO KUBAHIRIZA IMANA MUKUYIHA IKIBANZA CA MBERE MURI VYOSE NAHOSE. Ivyo vyagaragarira no Muc’ivugo caranga Uburundi arico IMANA, UMWAMI, UBURUNDI.

Naho bakavamahanga baje mu Burundi bagashaka ko duhindura vyose IMANA YACU ntiyahinduye izina yamye yitwa Imana no muri kazoza izoguma yitwa IMANA. Ijambo Imana si Igitaliyano, si ikigereki, si Igifarasa, si Ikibirigi , si Igisaudia ni Ikirundi. INTSINZI YAMBERE IKOMEYE NIYO yuko Imana yacu itigeze ihinduka canke ngo ihindurwe.

Twihweje inzira twaciyemwo mugushika kuri iyi ntambwe; Turemeza neza ko vyose ari Imana yavyikoreye. Twebwe twabaye ibikoresho vyayo gusa.

  • Munkundire rero ndongozi, 

Ncuti mwese mwitavye buno butumire mbanze ndabashimire ndabaha n’ikaze muri kino kibanza c’imigisha. Mwiyumve rero bashitsi bahire ko muri iwanyu, kandi ntihagire uwuzotaha uko yaje, ataco yungutse.

  • Tugiye rero kumara iminsi itatu imbere y’Imana nk’uko twavyiyemeje, tukagira isezerano muri wa mwaka wa 2001, eka mbere tukanarinagura mu mwaka w’i 2018, hari harya mbere tugiwe imbere n’Imana twahisemwo kuhubaka igicaniro ciryo sezerano twagize atagahato. Kandi ibikorwa bigeze ku rugero rwiza mubishimirwe n’ivyo kubera mwaritanze n’ubu mukomeza mwitangira ico gikorwa c’iteka.
  • Twakoranye kuru uyu munsi turi abarundi bafise ku mutima isezerano, duhuzwa n’icivugo ciza kivuga kiti: “INDONGOZI NI URUFATIRO RW’UBUZIMA BW’ABO IJEJWE’’
  • Ni icivugo ciza kidukaburira nk’indongozi kwisuzuma, kwigaya aho bitatunganijwe neza no kwihaya aho twakoze bigashimwa, na rirya turi mu ntango z’Umwaka.  

Twoba twarazirikanye ko turi itara, umuco, icitegererezo mu mvugo, ingendo n’ingiro? Mbega umutahe twahawe n’Imana n’Igihugu woba warungutse canke warahomvye?

UMWE WESE YIBAZE ATI : MBE MU MABANGA NAJEJWE N’IMANA N’IGIHUGU, UBWO NDI ICITEGEREREZO, NDI UMUCO W’ABARUNDI IMVUGO INGENDO N’INGIRO?

  • Tuzoronka akaryo muri iyi minsi itatu ko kuronswa inyigisho zisunga ico civugo, abahinga batuvomere mu vyanditswe vyeranda gutyo badukomeze mu migambi no mw’ihangiro dufise nk’Umugambwe,nk’indongozi zishira imbere ineza y’abenegihugu.
  • Aya masengesho kandi abaye hasigaye iminsi mike ngo umwaka urumane Abagumyabanga batwizeye ngo tubaje imbere nk’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, hari muri iyi ntara nziza ya Gitega, igenekerezo rya 24 Nzero 2021 twari tumaze imisi itatu imbere y’inyonga z’Imana. Mumfashe gushimira Imana ku vyakoretse vyose vyiza. 

Naho atawishima, nk’Uburongozi bw’Umugambwe turashima cane ubwira, ubukerebutsi, ubwenge, ubumenyi, umutima wo gukunda igihugu no gukunda ibikorwa twabonye ku kivi hirya no hino mu gihugu aho twashitse hose. 

  • Muri aka kanya kandi, Dukengurukire Imana yacu yatuzigamiye indongozi muri uwu mwaka turangije, tunayisaba ngo yamize ikiganza cayo kurizo ihezagira n’ibikorwa bitegekanijwe kuranguka.
  • Dukeze Umuvyeyi wacu, Sebarundi, Samuragwa kuko yagumye mw’iragi rya Sogokuru wacu, mu kudukundisha igihugu, kutwigisha kuzirikana Abarundi ico turi, no kudukundisha ibikorwa na cane cane mu gufata iyambere aduha akarorero.
  • Twarashoboye kugendera intara zose, ubu mbere na amakomine tukaba twayatanguye, dusanga abagumyabanga ku kivi, dusangira ijambo n’ibikorwa. 

Abagumyabanga turabakeza ko bafashe iyambere mu gushigikira imigambi Reta Mvyeyi Reta Nkozi iriko irarangura, turabateye intege.

  • Umwaka turangije wabaye w’akaroruhore, wabaye umwaka w’agacerere n’ituze mu gihugu na kare ahari ibikorwa amajambo aba make.

 Naho ari agacerere mu gihugu, ntaworyama UMUKONDORAZOSI Sogokuru yabivugiye aha nyene muri kino kibanza ati  MURUBAKA IGIHUGU MUCUBAKE MUGAVYE KUKO UMWANSI ARACARIHO ; Abenegihugu babandanije baduza ikivi mugabo barikanuye ( ba sogokuru bati: UBURUNDI BUGONA BURI MASO) , ivyo vyatumye abashaka guhungabanya amahoro n’umutekano baburizwamwo ( sogokuru wacu yarabivuze ati:  UWUZOWATSA BAZOWUMUZIMIRIZAKO. Basogokuru bati UWURUKARIHIJE RURAMUMWA natwe tuti  KANDI RUMUMWA IGIPARA.

  • Aya masengesho rero ahuza amadini yose mu butandukane bwo kwemera yongere tudukomeza mu kwitwararika ivyo Imana idutegeka na cane cane twebwe twashizwe imbere ngo tuyobore abandi, dusenge mu kuri kugira ishaka ry’Imana ribandanye kuranguka mu Burundi, abanegihugu bose batunganirwe mu vyabo no mu babo.
  • Ndangize rero ndabararikira gutega yompi, mwugurure imitima n’amatwi, muzirikane kandi mwubakwe n’ijambo n’impanuro tuja guhabwa na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu yaduteye iteka uno musi.

Ni kuri ico cipfuzo nsozereyeko iri jambo. Ndabipfurije kuroranigwa muri iyi misi yose tuzomara muri iri huriro mpuzamadini ryatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD.

Imana yabazigamye n’ubu ni ibandanye kubarinda;

   Murakoze.

Leave a Comment