URUFATIRO : INDONGOZI NI URUFATIRO RW’UBUZIMA BW’ABO IJEJWE Ku wa 20 NZERO 2022 Tugire CNDD-FDD Kubw’Imana Rugiravyose, Nyen’impuhwe n’Urukundo Mbanje kubaramutsa amahoro y’Imana Kuri uyu umusi mwiza wa kane igenekerezo rya 20 Nzero 2021, Tubanje gukengurukira Imana yawushikanyeko turi bazima. Nihabwe Icubahiro. Mpagaze ngaha imbere yanyu rero kugirango ndabahe ikaze nongere ndabakengurukire kubona mwaremeye kwitaba ubutumire…
Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera Ndamukiza.
AMASENGESHO ASOZERA UKWEZI KWA NDAMUKIZA BUJUMBURA, 29 NDAMUKIZA 2021 IJAMBO RY’URUFATIRO “Ishengero riramubaza, riti None tugire dute? Arabishura, at’ Ufise amapfundo abiri, rimwe n’arihe utarifise, n’ufise ivyo kurya n’agire artyo. Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute? Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe. N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire…
ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA
Turujuje imyaka 25, Nyenicubahiro Prezida Sipiriyano NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri ba Reta yari arongoye, Berenarudo Ciza na Siriyako Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Hari ku wa 06 Ndamukiza 1994, aho indege yari ireruye Prezida w’Urwanda, Juvénal Habyarimana, n’izindi ntumwa zari zimuherekeje, ari nayo izo ndongozi z’Uburundi zarimwo, yaraswa igisasu ca missile, kigahitana abarimwo bose, aho…



