Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera ukwezi kwa Rusama.
Non classé

Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera ukwezi kwa Rusama.

C:\Users\Administrator\AppData\Local\Microsoft\Windows\INetCache\Content.Word\Ikarata_Amatora (1).jpg

Mana Mushobora vyose;

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi ukaba n’Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye, n’Umutambukanyi wanyu;

Nyakubahwa Mukuru w’Inama Nshingamateka mukaba no mu Nama Nkuru y’Inararibonye, n’Umutambukanyi wanyu;

Banyakwubahwa muri mu Nama Nkuru y’Inararibonye;

Banyakwubahwa muri mu Buserukizi Bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD;

Nyakwubahwa Muhuza w’Abarundi;

Nyakwubahwa Cegera c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka;

Banyakwubahwa Bashingamateka, Bakenguzamateka, Bashikiranganji, Bakozi b’Imana;

Banyakwubahwa Mwese Ndongozi;

Bagumyabanga, Bakenyererarugamba, Mbonerakure, Bahumure, Biswi vyinkona,

Tugire Kristu !Kw’izina ry’Abagumyabanga bose no kw’izina ryanje nyene, ndi n’iteka ntangere ryo kubakira ndabaha ikaze muri iki kibanza.Nk’uko biri mu migenzo myiza y’Umugambwe wacu CNDD-FDD, umunsi wa kane wa nyuma usozera ukwezi, Abagumyabanga twariyemeje kwama duhura dusangira ijambo ry’Imana, tukongera turabira hamwe ishirwa mu ry’isezerano twasezeraniye Imana yacu. twagiriye Imana, kandi turabona ko bihimbara Rurema. 

Duhuye tuva mu mihingo itandukanye, uko dutandukanye mu madini mugabo mu bumwe bw’abemera, turahura mu ntara zose zigize Igihugu cacu c’Uburundi.

Turashimira Imana itujabukije ukwezi kwa Rusama, mu mahoro n’umutekano n’aho abansi batava kw’izima. Abarundi baratahuye ko amase yakera atagihoma urutaro, kandi ko Igihugu cubakwa na beneco, barakiriye iragi rya Sogokuru wacu yaduhimirije gukunda Igihugu cacu, kugikorera bikenewe ukagipfira.

Sogokuru wacu yavuga ati “intumva zamaho”  akongera ati “ntihagire uwibagira iyo twavuye”. Muri uku kwezi turiko turasozera, haribonekeje abansi b’amahoro, abambuzi mugabo kandi turashimira abenegihugu bavyifashemwo neza, turashimira n’inzego z’umutekano zabashizeko intoki.

Ukwezi kwa gatanu ni ukwezi muzi nk’abagumyabanga. Hari mu mwaka wa 2015, hari abagomvye kuburizamwo ubushake bw’abenegihugu ku wa 13 rusama, mugabo ko imisi yari yamaze gushika hasi, vyaraburijwemwo n’abenegihugu hanyuma nabo barata baromoka, baratemaguza.

Ko Imana ifise ikibanza ca mbere mu Mugambwe wacu no mu gihugu cacu c’Uburundi, twagomba dusubire duhamagarire Abagumyabanga gukomeza isezerano, barigendere.

Turangije kandi ukwezi kwa gatanu twinjira mu kwa gatandatu, ukwezi kudasanzwe, ukwezi twibukamwo Sogokuru wacu Petero NKURUNZIZA. Kuva ku wa 8 ruheshi tuzoba twinjiye mu kwezi kwo kumwibuka. Umwe wese rero akubitize agatima mpembero, asubire inyuma yibuke iragi yadusigiye adusaba y’uko “Twosenga dukora, tugakora dusenga” kandi uwashize imbere ibikorwa, agashira imbere gusenga ntiyamaramaye. Umwe wese n’agende yisuzume arabe ko yabikuriukije kandi uwabikurikije wese ntiyamaramaye.

Sogokuru wacu yaraduhimirije ko twokwama na ntaryo twumviriza impanuro z’abadukurira, tukazizirikana kandi tukazisunga kuko “Nta mukuru abura mukuru we”, tukama tubigendera. Yaraduhanura ko tutosinzira umukondorazosi.

Muribuka mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, i Gitega, Sogokuru wacu yagize ati: “Murubaka Igihugu, mucubake mugavye abansi baracariho.” Ni impanuro nziza cane, umwe wese azigendeye aca amenya ingene atunganya uyu musi n’ejo kuko Igihugu tuzocubaka kandi tucubake tugavye, abansi baracariho.

Sogokuru wacu yaraduhanuye kandi aratubwira y’uko “Imana itakugira igihangange kugira ngo uhangare ku bantu. Ikugira igihangange kugira uhagararire abantu.” Mu gihe turiko turasozera ukwezi kwa gatanu, twokwibuka n’ibigiye kuza mu kwezi kwa gatandatu, tugasubiza amaso inyuma tukibuka iragi yadusigiye.

Tuzirikane iki gihugu cacu, tumenye iyotuva n’iyo tuja, kandi yaratubwiye y’uko “uwutayaze na se, ntamenya umugani wa sekuru.” Ntihagire uwibaza ngo ava mu mababi y’ibiti, tuze turamenya y’uko twavuye ahantu, tukahazirikana, tukamenya ico basogokuru baturaze, imico n’imigenzo yabo tukayigendera kugira ngo tubandanye bwa Burundi bamwe bavuga bati “Ugwanira Uburundi n’abuzukuruza.”

Nagira rero ngo nsubire ndabahe ikaze, ndabipfurize igisabisho ciza c’uyu musi. Ndangize ndabasaba kwumviriza impanuro Umuvyeyi wacu, Umukuru w’Igihugu cacu akaba n’Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye, aza kudushikiriza kandi tuzogenderako muri iyi misi yose gushika mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu.

Twagomba dusubire tubashimire, tubipfurize kuroranirwa, tubipfuriza kandi kwinjira mu kwezi gushasha kwa gatandatu kandi tuzirikana Sogokuru wacu, Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA.

Tugire Kristu !

27 mai 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *