Umugambwe CNDD-FDD warungitse Ubutumwa bwo guhoza abenegihugu ba Tchad inyuma y’urupfu rw’uwahoze ari Umukuru w’ico gihugu
Actualité, Politique

Umugambwe CNDD-FDD warungitse Ubutumwa bwo guhoza abenegihugu ba Tchad inyuma y’urupfu rw’uwahoze ari Umukuru w’ico gihugu

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO yakiranye umubabaro inkuru y’urupfu rwahitanye Uwahoze ari Umukuru w’Igihugu ca Tchad, Nyenicubahiro Maréchal Idriss Déby Itno, rwabaye kw’igenekerezo rya 20 ndamukiza 2021.

Mw’ikete yarungitse muri ico gihugu kigenzi, yahojeje abenegihugu ba Tchad na canecane Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe uri ku butegetsi muri ico gihugu, MPS « Parti (Mouvement Patriotique du Salut) », Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO yamenyesheje Mugenzi We wa Tchad ko Afrika ibuze intwari, ingabo yaharaniye ubwigenge bw’abenegihugu ba Tchad na bagenzi babo.

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD ntiyibagiye no guhoza umuryango wa Nyakwigendera Maréchal Idriss Déby Itno, Reta hamwe n’abanywanyi b’Umugambwe uri ku butegetsi « MPS » yakomokamwo. Umugambwe CNDD-FDD usanzwe ufitaniye ubucuti bukomeye n’Umugambwe MPS.

Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO yasozereye ubutumwa bwiwe amumenyesha ko yifadikanije nawe mu bihe vy’umubabaro abenegihugu ba Tchad barimwo.

Twobibutsa ko Umukuru w’Igihugu ca Tchad yahitanywe n’ibikomere vy’amasasu yarashwe aho yari ku rugamba ahanganye n’akagwi kitwaje ibirwanisho bicira umuriro, agwanira iteka n’itekane vy’Igihugu n’abenegihugu.

22 avril 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *