Sebarundi ati: « Dushaka indongozi zitwararika abagumyabanga, atari bamwe baharanira ivyicaro »
Non classé

Sebarundi ati: « Dushaka indongozi zitwararika abagumyabanga, atari bamwe baharanira ivyicaro »

Mw’ijambo Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu akaba n’umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye yashikirije mu kwugurura icese Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe yaribukije ico arico kuba indongozi mu Bagumyabanga. Ati :“Kuba indongozi mu mugambwe CNDD-FDD, ni ibanga, ni umuhamagaro, ni igitsibo, ni ukwemera gukora udaharura amasaha. Ni ukwemera gukorera abenegihugu utiziganya; bitandukanye rero na bimwe vya kera, aho wamengo kuba indongozi ni ukuja kurya. Indongozi muri CNDD-FDD si umukuru, si umutegetsi, ni umurongozi mu rugamba rwo kurondera ineza y’abenegihugu bose.’’

Ivyo yabishikirije ahanura abo bose boba bagihahamira ivyicaro n’amaronko. Yarongeye aramenyesha ko Umugambwe intambwe ugezeko ataworota awusubiza inyuma ko ivyari i magera vyageruye. Ati : “Turashimishwa n’intambwe duteyeko ku bijanye n’ukwubaka umugambwe ukomeye ugizwe n’inzego zitangira abo zirongoye bose, ata gutoramwo mpinga yanje. Uno musi, Umugambwe CNDD-FDD urafise ijunja n’ijambo; Turabishimira Imana ibidushoboza. Ubu inzego ziratorwa, zikarangura imirimo zuzuzanya, eka n’ibisikanya rikaba ata nkomanzi.  Si uko vyamye.Nico gituma, kubera indongozi nziza,  Umugambwe CNDD-FDD wamaze kuba koko isoko n’umudereva mu nzira y’iterambere mu gihugu. Ubu turabona ko mu misi iza ata ndongozi y’ikinebwe izoba ikibazwa mu gihugu kubera akarorero bakavoma mu nzego z’umugambwe.”

Sebarundi ati: Benegihugu, murandya akara, nzobatabara mutaravunika

Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye yaratanze impanuro zitandukanye ku Bagumyabanga bagize Ikoraniro Kaminuza haba kwitwararika ibikorwa bajejwe canke guca bugufi no kugira ubwira mu kazi.

Yarasavye ashimitse Abarundi bose na cane cane Abagumyabanga gushigikira umugambi wo kwitunganya neza mu gutsimbataza intwaro ibereye muri Reta. Aho yibukije ko urugamba rwo kurwanya indongozi zisesagura itunga rusangi canke zirya ibiturire canke zinyuruza iryo tunga rwatanguye. Yagize ati: “Ndabasavye mwese mudufate mu mugongo mukuba inderetsi kuko ni mwebwe benegihugu dukorera. Mudomeko urutoki ku muntu wese ariko aradindiza iterambere mbere n’ibinebwe bishaka guhembwa bitakoze birimwo. Aho mutahira mubwire abenegihugu bose ko ari ba databuja bategerezwa kutugenzura ko tubakorera neza. Badashimye barandya akara, nzobatabara bataravunika.’’

Iryo jambo rikaba ryakiranywe urweze n’amashi menshi.

24 janvier 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *