IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU YUGURURA ICESE IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD
Non classé

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU YUGURURA ICESE IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD

Kubw’Imana Mushoboravyose,

Mbanje kubaramutsa amahoro y’Imana.

  1. Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Rugiravyose yadushikanye kuri uyu musi turi bazima. Nihabwe icubahiro Yo yama izigama Uburundi n’Abarundi, tuzokwama tuyishira imbere muri vyose na hose.
  2. Reka mbanze kubaha ikaze mwebwe mwese ndanabakengurukira ko mwashoboye kwitaba ubutumire twabahaye.
  3. Kw’Izina ry’Abagumyabanga, turabahaye ikaze.

Ni mwiyumve ngaha i Gitega, ku Mugwa Mukuru wa Politike, hari amahoro, hari umutekano n’akayaga keza. Kandi ko turi mu misi ya mbere y’Umwaka, reka kandi mbanze kubipfuriza umwaka mwiza w’2021.

  1. Umwaka urangiye waranzwemwo ibintu vyinshi ibinezera n’ibibabaje.

Habaye amageragezwa ku Barundi no ku Bagumyabanga cane cane mugabo Imana iratuyobora turashobora kwifata naho vyari amananiza.

Kubw’ivyo ndabakeje kuko muri Abagabo koko

  1. Turabashimiye ko mwigumije igihe twabura Sogokuru wacu, imboneza mu mugambwe wacu CNDD-FDD, Imboneza mu gukunda no gukundisha igihugu.

Ukwigumya n’Ubumwe mwerekanye vyaremesheje benshi vyigisha benshi, turabibakengurukiye.

DUFATE AKANYA TUMWIBUKE

Bavukanyi Bagumyabanga,

Ncuti z’umugambwe CNDD-FDD

  1. Dukoraniye hano uno musi dushimira Imana ko amahoro n’umutekano vyiganje mu gihugu cose. Kandi no mu migenderanire n’amakungu hayarwa impore,  igihugu camaze kwiha iteka mu makungu.
  2. Igihe twaheruka ngaha muri iki kibanza nyene hari muri Nzero umwaka uheze amango nkaya.

Twariko twitegurira urubanza rw’iteka, muraheza mundungika mu Burundi.

Nubu sindahengeshanya kubashimira ku bwizigirwa mwanyeretse, ku bwira, ububangutsi n’ukwitanga mwerekanye mu nteguro y’urwo rubanza rw’amatora.

  1. Ubu turi mu ntsinzi,  amatora kuva ku nzego zo hejuru gushika ku mitumba yagenze neza, ni intambwe ikomeye mu gutsimbataza inzira ya demokarasi Abarundi twahisemwo.
  2. None rero mubimenye, intsinzi ishigikirwa n’ibikorwa.

Abarundi bose ubu bari  ku kivi Abagumyabanga bafata iyambere kugira tugire urunani rwo kugwanya ubukene. Turabakeje kandi no Kuri uwo mwete mufise.

  1. Imigambi abagumyabanga twashikirije Abarundi nabo bakayihitamwo muri myinshi yahiganwa iriko iraranguka. Uko muri ku kivi, mubandanye muba inderetsi, mukurikirane ico cose codindiza ico kivi c’iterambere no kworohereza abenegihugu.
  2. Nta nkeka, turavye umuvuduko dufise, ubu ikivi kizoduga n’ingonga na cane cane ko twatahuye ko gukorera hamwe ari yo nzira irashe.

Dukore dusenyera ku mugozi umwe, dukora atawuharura uwundi mu bwoko kugira tubere akarorero abandi bo muyindi migambwe.

  1. Duhiriwe duhishije ko twese abarundi twajijutse tugatahura ko turi bene mugabo umwe. Turi Kumwe Twese ntakizotunanira; Turi kumwe twese Birashoboka.

Intego twihaye turayizi: Umunwa wose utegerezwa kuronka ico ufungura, umufuko wose utegerezwa kuronka amafaranga yo kwikenura.

Kugwanya ubukene ni ryo hangiro ryacu kandi ndabisubiramwo, TURI KUMWE TWESE BIRAHOBOKA.

  1. Ingingo ngenderwako muri urwo rugamba ni ya yindi: “Iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamusubirako”.

Iryo niryo terambere dushaka, ridakumira kandi rirama. Iryo terambere naryo birumvikana ko ridashoboka umwe wese adakuye amaboko mu mpuzu, tugashira hamwe inkomezi tugakora.

Ni muri iyo ntumbero dutsimbataza intwaro ibereye kugirango mw’itunga rusangi ritubeshaho turibungabunge kugira turisabikanye uno musi twongere tuziganirize n’abana, abuzukuru n’abuzukuruza.

Bagumyabanga bavukanyi,

  1. Kuri uyu munsi igenekerezo rya 24 Nzero 2021, twazinduwe n’igikorwa c’iteka co kubandanya dutunganya neza Umugambwe wacu.

Iri koraniro kaminuza ridasanzwe rihuza Abagumyabanga, Abakenyererugamba n’imbonerakure babirekurigwa n’amategeko y’Umugambwe CNDD-FDD.

Nta kindi kituzanye atari guterera no gufata ingingo zibereye kugirango dutere iyindi ntambwe mu gukomeza ingendo ya demokarasi mu mugambwe no mu gihugu kugira ngo dushike kw’ihangiro twihaye ryo guharanira ineza ya bose, atawuvuyemwo.

  1. Iri koraniro ribaye tumaze imisi itatu dusenga kandi twisonzesha, duteramira Isezerano twagiriye Imana nk’inyegu zayo. 

Amasengesho yaduhuje twese hamwe nk’abemera tutiharuye mu madini kikaba ari ikimenyetso gikomeye: Kugira ubumwe mu Mana.

Amasengesho yabereye mu kibanza c’amateka akomeye mu mugambwe wacu, muri ca kibanza nyene twaronkeramwo umuhezagiro wa nyuma wa Sogokuru wacu PETERO NKURUNZIZA.

Nta nkeka rero, ibi bikorwa turiko turugurura birimwo Imana n’amajambo aja kuhavugirwa ni ayahumetswe na Yo kandi bizogira umugisha ku barundi bose.

  1. Turashimishwa n’intambwe duteyeko ku bijanye n’ukwubaka umugambwe ukomeye ugizwe n’inzego zitangira abo zirongoye bose, ata gutoramwo mpinga yanje. 

Uno musi, Umugambwe CNDD-FDD urafise ijunja n’ijambo; Turabishimira Imana ibidushoboza.

  1. Ubu inzego ziratorwa, zikarangura imirimo zuzuzanya, eka n’ibisikanya rikaba ata nkomanzi.  Si uko vyamye.

Nico gituma, kubera indongozi nziza,  Umugambwe CNDD-FDD wamaze kuba koko isoko n’umudereva mu nzira y’iterambere mu gihugu. Ubu turabona ko mu misi iza ata ndongozi y’ikinebwe izoba ikibazwa mu gihugu kubera akarorero bakavoma mu nzego z’umugambwe.

  1. Iri Koraniro kaminuza Ridasanzwe ry’uno musi rishimikiye ku civugo gikurikira :

« DUKOMEZE DEMOKARASI MU BURUNDI MU KWITORERA INDONGOZI ».

Dukomeze nyene iyo Demokarasi kuko ni yo twaharaniye mbere n’abayigura barayigura. Tuyikomeze mu kwitorera indongozi ata mpari n’agahigihigi niho abagumyabanga n’abarundi barema kuko ni CNDD-FDD uri icitegererezo.

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Bahumure,

Ncuti z’umugambwe CNDD-FDD

  1. Kuba indongozi mu mugambwe CNDD-FDD, ni ibanga, ni umuhamagaro, ni igitsibo, ni ukwemera gukora udaharura amasaha.

Ni ukwemera gukorera abenegihugu utiziganya; bitandukanye rero na bimwe vya kera, aho wamengo kuba indongozi ni ukuja kurya. 

Indongozi muri CNDD-FDD si umukuru, si umutegetsi, ni umurongozi mu rugamba rwo kurondera ineza y’abenegihugu bose.

  • Kuyobora abenegihugu bidusaba guca bugufi, kurangwa n’urukundo n’impuhwe.

Tuje rero muri iri koraniro kugira dutore indongozi nshasha, abungere.

Baze bazi ico batorewe, dushaka abarongozi bitwararika abagumyabanga atari bamwe baharanira ivyicaro n’ubukuru.

Ku ruhande rwacu natwe abagumyabanga, duhamaragariwe kubatera intege no kubagamburukira mu gushigikira intumbero baduha.

Dukore n’umutima ubishaka, ata kwidodomba kuko ivyo ni vyo twiyemeje kandi ni vyo twonse mu mugambwe CNDD-FDD.

Ni muri iyo ntumbero dusaba abarundi mwese na cane cane abagumyabanga bari hano kubandanya babera icitegererezo abandi, bashigikize ibikorwa Reta Mvyeyi Reta Nkozi, nayo ibatunganirize atawukumiriwe.

  • Turakeje indongozi zose z’umugambwe CNDD-FDD kuva ku bo dusangiye imirimo mu nama nkuru y’Inararibonye, mu Buserukizi Bukuru gushika no mu  nama nshingiro, ku bwira, bwitonzi no kwitanga bidushikanye kuri ino ntambwe nziza, aho umugambwe uhagaze neza mu gihugu cose kandi unywanye n’iyindi.
  • Kubera mwebwe, Turashimishwa n’imigenderanire myiza iri hagati y’Umugambwe wacu n’iyindi migambwe ikorera aha mu gihugu cacu, n’uno munsi murabona ko tudatamba twirorera.

Turashimiye abarongoye iyo migambwe  n’abayiserukiye kubona bitavye ubutumire twabahaye.

Si ivyo gusa turashimishwa n’uko umugambwe CNDD-FDD ufitaniye ubucuti bukomeye n’iyindi migambwe yo mu bindi bihugu; ivyo bikaba ari vyo bifasha abenegihugu bacu bunga ubumwe n’abo mubindi bihugu.

  • Bagumyabanga,
  • Bakenyererarugamba,
  • Mbonerakure,
  • Bahumure,
  • Ncuti z’umugambwe CNDD-FDD
  •  Iri koraniro ribaye mu gihe isi yose yugarijwe n’ikiza ca korona virisi.  

Mfashe rero kano kanya kugira nongere kubahamagarira kwikingira, gukingira imiryango no gukingira igihugu ico kiza.

Mukurikize impanuro duhambwa n’abahinga bacu mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. 

Ariko mukukigwanya, mutsinde ubwoba kuko ngaha iwacu Korona Virusi irakira. Ntihagire rero uwucika ivutu kuko ubwoba bwica kurusha ico kiza.

  • Uwu munsi ni uwo ibikorwa vyo kwitunganya mu mugambwe ariko sinorangiza ntabasavye gufata mu mugongo n’umugambi wo kwitunganya neza mu gutsimbataza intwaro ibereye muri Reta.

Mwarabonye ko twatanguye urugamba rwo kugwanya indongozi mu nzego z’igihugu zisesagura itunga rusangi canke zirya ibiturire canke zinyuruza iryo tunga.

Ndabasavye mwese mudufate mu mugongo mukuba inderetsi kuko ni mwebwe benegihugu dukorera.

Mudomeko urutoki ku muntu wese ariko aradindiza iterambere mbere n’ibinebwe bishaka guhembwa bitakoze birimwo.

Aho mutahira mubwire abenegihugu bose ko ari ba databuja bategerezwa kutugenzura ko tubakorera neza. Badashimye barandya akara, nzobatabara bataravunika.

  • Nsozereye nongera gushimira Imana Rugiravyose Nyen’Ikigongwe , Nyen’Urukundo yo yatuyoboye kuri uyu munsi no muri kino kibanza ciza.

Namwe ndabasaba ngo mukurikire indongozi zibereka ingene ibikorwa bija kurangurwa, amajambo yose aza kuvugigwa muri kino kibanza muyafate ka nkama.

Mugume mufise ku muzirikanyi ko ibi bikorwa turimwo birahambaye cane kuri kazoza k’Umugambwe CNDD-FDD.

  • Ni kuri uvyo vyipfuzo no gukenguruka nuguruye icese ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’Umugambwe CNDD-FDD ribereye i Gitega kuri iri genekerezo rya 24 Nzero 2021.

IMANA IBAHEZAGIRE,

IMANA IHEZAGIRE UMUGAMBWE WACU CNDD-FDD,

NIHARAMBE UBURUNDI N’ABARUNDI

NIHARAMBE DEMOKARASI MU BURUNDI

  MURAKOZE

24 janvier 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *