Icegera c’Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ahamagarira indongozi zo mu ntara ya Bujumbura kubera abavyeyi abo barongoye
Non classé

Icegera c’Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ahamagarira indongozi zo mu ntara ya Bujumbura kubera abavyeyi abo barongoye

Gukeza abatowe mu ntara ya Bujumbura no kubasaba kubera abavyeyi abo barongoye, gusubiza abagumyabanga ku kivi inyuma y’amatora, kuganira ku bibazo bijanye no kubungabunga amahoro n’umutekano, ni bimwe mu vyashikanye mu ntara ya Bujumbura, icegera c’Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Umukenguzamateka Yozefu Ntakirutimana, aho kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 31 Gitugutu 2020, yagiranye inama n’abarongoye Umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara, mu makomine no ku mitumba. Abashingamateka, abakenguzamateka, abajenama b’amakomine n’abarongoye imitumba baheruka gutorwa muri iyo ntara, nabo nyene bakaba bari batumiwe muri iyo nama, yabereye muri komine Kabezi.

Mw’ijambo ry’ikaze, Emmanuel Nkeshimana arongoye umugambwe mu ntara, yamenyesheje ko ashima ingene amatora yagenze muri iyo ntara, aho mubashingamateka batowe bose, batanu ku ndwi ari abagumyabanga. Abakenguzamateka n’abarongoye amakomine nabo ari abagumyabanga bose. Abarongoye imitumba  nabo, abagumyabanga bakaba batowe ku bitigiri bishimishije.  Yamenyesheje kandi ko umutekano wifashe neza naho hari abagizi ba nabi bagerageje kuwonona bikabata kuwamazi kubera abagumyabanya n’abenegihugu muri rusangi babaye maso, bagakorera mu nyabune, bagahagarara neza.

Mw’ijambo nyamukuru, icegera c’Umunyamabanga mukuru, yabanje kubashikiriza ubutumwa bw’Umunyamabanga mukuru Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, aho ashimira abagumyabanga bamwizeye bakamushira ku ntebe yo kurongora Uburundi, nawe akabemerera ko atazokwigera abahemukira.

Aca abibutsa ibibazo vyagiye birashikira Uburundi n’abarundi bijanye n’amacakubiri afatiye ku moko, abasaba kubirwanya bivuye inyuma kugira ntibizosubire, ndetse agashimira n’abahagurutse inyuma y’igandagurwa ry’incungu ya demokarasi kugira bagwanire ukwishira n’ukwizana kw’abarundi, naho demokarasi bagwaniye yagumye inigirwa mu menshi n’abari barongoye Uburundi ico gihe.

Yabashimiye ko bitwaye neze mu matora, ndetse aca ahagurutsa abatowe bose, kuva kubashingamateka gushika ku mitumba kugira abagumyabanga bababone bongere babakeze. Yabasavye kubera abavyeyi abo barongoye, kuko abarongoye abandi bose ubu bari muri « Reta Mvyeyi ».  Akaba yashimiye vy’umwihariko abizigiwe kurongora imitumba ku ncuro igira kabiri canke karenga kuko bigaragaza ko ari ingongozi zibushitse. Hakaba haciye hibonekeza umugumyabanga, umuhumure w’imyaka 76 yitwa Claude Simbokoka, yagumye yizigirwa kurongora umutumba wa Rutovu wo muri komine Mutambu, guhera mu mwaka w’1972 atawumuciriyemwo. Akaba mbere yaciye amwemerera agashimwe, co kimwe n’abakenyererarungamba bizewe kurongora imitumba ku ncuro irenga imwe.

Nk’uko abarundi abayamazi bati : « Amahoro n’umutekano ni karahara mu ruganda ntibacura », iyo ntumwa y’Umugambwe CNDD-FDD yabahaye impanuro zikomeye zijanye no kubungabunga umutekano. Akaba yashimikiye ku makomine abiri ariyo Mukike na Mugongo-Manga yari amaze imisi yiziziwe n’inkozi z’ikibi, ziguma zigerageza kubihungabanya. Agasaba abarongoye imitumba kurikanura. Uwufise ikibazo kijanye no guhanahana amakuru akabivuga kare.

Mu kurangiza yamenyesheje ko Reta Mvyeyi yiyemeje gukomeza ubutungane biciye mu ntahe yo ku mugina. Abamenyesha ko vuba bazokwitorera abagize intahe yo kumugina. Aca abasaba kuzotora abagabo b’injunja n’ijambo batazoca imanza iza ngondagonde.

Twomenyesha kandi ko uwo mwubahwa yari yaherekejwe n’Umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe imihari ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD  Umushingamateka Sylvestre Ndayizeye, nawe nyene akaba yahagaze cane ku kubungabunga amahoro n’umutekano, aho yabwiye abangumyabanga ko bafise ibigwanisho bitatu Imana yabahaye, bifasha cane mu gucungera umutekano, akaba ari ibi : amaso, amatwi, umunwa. Agahimiriza abagumyabanga kubikoresha neza.

31 octobre 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *