Abagumyabanga bahamagirwa kwirinda ishari n’ubwishime.
Non classé

Abagumyabanga bahamagirwa kwirinda ishari n’ubwishime.

“Ntihagire ico mugira mubitumwe n’ishari canke n’ubwishime, ariko mwicishe bugufi umwe wese akiyumvira yuko mugenzi we amuruta” AbanyaFilipi 2:3

Iryo niryo jambo ry’urufatiro rw’inyigisho n’amasengesho asozera ukwezi kwa Gitugutu yatunganijwe nk’uko bisanzwe n’Umugambwe CNDD-FDD. Ayo masengesho yabereye ku ngoro nkuru y’i Bujumbura, yatewe iteka na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’umutambukanyi wiwe, Nyeniteka arongoye inama nshingamateka n’umutambukanyi wiwe, abari mu nama nkuru y’inararibonye n’abo mu buserukizi bukuru bw’umugambwe, n’isinzi ry’abagumyabanga umwe wese mu cubahiro ciwe n’ukwemera kwiwe.

Pasitori Zidori Mbayahaga yasiguye Ijambo ry’Imana yamenyesheje koiryo jambo ryurufatiro rishingiye aha nini ku nyifata zine: ishari, kwifata uko utari, kwicisha bugufi

no kwiyumvira ico mugenzi wawe akuruta. Yishimikije uwo murongo w’urufatiro uri mu cete candikiwe abanyafiripi 2:3 n’iyindi ishimangira ico ciyumviro ngenderwako, yigishije ahanura abicishije no mu nkuru, asaba abari ngaho kwirinda kwishira hejuru, kwirinda kwiyerekana uko utari, kwirinda kwemera inguvu zawe bwite aho kwemera Imana. Ati ubwishime canke ubwibone aha nini buterwa n’amashure menshi, inguvu z’umubiri canke inguvu uhabwa n’ubutunzi, n’ubwiza bwo ku mubiri. Yahamagariye na ntaryo abari ngaho kwitwararika ivy’ijuru, guca bugufi no kwubahiriza bagenzi babo uko boba bameze kwose kuko ati “nta wumenya ico ejo hanyegeje”. 

Uwo mukozi w’Imana kandi yarashimikiye ku ngendo nziza ziranga inkona ahamagarira abari bitavye amasengesho kuzigirako. Ati 

  1. Inkona ntihiga mugenzi wayo
  2. Inkona ivuga make
  3. Inkona irya ivyo yirondereye, ntirya ibipfuye vyishwe n’ibindi bikoko
  4. Inkona zarika hejuru cane mu biti birebire
  5. Inkona ibona kure cane
  6. Inkona ntizifyinisha ibiswi vyazo
  7. Inkona zirafatana mu nda, na cane cane zirabungabunga izigeze mu za bukuru.

Yarangije asabira umutima w’uguca bugufi, kuba mu kuri no kwiyakira ukemera ukwo Imana yakuremye, no gushira ku muzirikanyi ko atawishoboza vyose.

Izo nyigisho zarakunzwe cane n’abagumyabanga n’abagenzi b’Umugambwe bari bitavye amasengesho asozera ukwezi kwa Gitugutu 2020.

Amasengesho yo ku wa kane wa nyuma w’ukwezi atunganywa n’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara zose zigize igihugu.

https://www.youtube.com/watch?v=V2yNFs7Xe-w&t=1s
29 octobre 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *