Imigenderanire irangwa n’umwumvikano ushimikiye ku kubahana no kwuzuzanya igiye kuba inzira ihambaye yo guha Uburundi ishusho nziza mu makungu
Actualité, Diplomatie, Espace Presse

Imigenderanire irangwa n’umwumvikano ushimikiye ku kubahana no kwuzuzanya igiye kuba inzira ihambaye yo guha Uburundi ishusho nziza mu makungu

 

Mu migabo n’imigambi mikuru mikuru umugambwe CNDD-FDD utegekanya mu gutunganya igihugu muri iyi myaka indwi (2020-2027), igisata kijanye n’ugukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu no hagati y’Uburundi n’amashirahamwe atandukanye nticasizwe inyuma. Umugambwe CNDD-FDD wiyemeje kuzokwitwararika cane guhesha izina Uburundi mu makungu biciye mu migenderanire ishingiye ku kwubahana, ku kwuzuzanya no ku gutsimbataza umwumvikano hagati y’Uburundi n’ibihugu no hagati y’Uburundi n’amashirahamwe atandukanye.

Iyo ni imwe mu ntumbero nkurunkuru zatumye hategurwa umugambi munini w’iterambere ry’umugambwe CNDD-FDD wo kuva mu 2017 gushika mu 2031, utegekanya imigabo mikuru mikuru igiye gushirwa imbere kugira Uburundi bubandanye butera imbere. Iyo migambi nayo kugira ishobore gushikana Uburundi kw’ihangiro Umugambwe CNDD-FDD wiyemeje kugerako, kimwe mu bintu nyamukuru bigiye kwihutirwa gushirwa imbere ni uguhesha izina Uburundi mu makungu mu gutunganya amahuriro ku bwinshi hagati y’inzego z’igihugu hamwe n’abaserukira ibihugu n’amashirahamwe barangurira imirimo mu Burundi, kugira bamenyeshwe bongere baganire aho Uburundi bugeze n’aho butegekanya gushika, na cane cane hisunzwe umugambi w’iterambere w’igihugu wo kuva mu 2018 gushika mu 2027.

Hagati aho mu migabo n’imigambi umugambwe CNDD-FDD utegekanya mu gisata co gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu no hagati y’Uburundi n’amashirahamwe atandukanye, harimwo ugukomeza ubucuti n’ibindi bihugu biciye mu masezerano atandukanye yaba ayashiraho imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibihugu tutari dusanzwe dufitaniye imigenderanire, ayatunganya imigenderanire mu bisata bitandukanye na cane cane ivy’ubuhinga hagati y’Uburundi n’ibihugu biteye imbere mu bisata bitandukanye. Ivyo bizofasha Uburundi kurahura ubuhinga ku bakunzi.

Irindi hangiro Umugambwe CNDD-FDD utegekanya ni uguhamagarira abagwizatunga n’amahinguriro mvamakungu kuza kurangurira ibikorwa hano mu Burundi, ivyo bikazotuma amikoro y’abenegihugu yisununura kuko bazoharonkera akazi, Reta nayo nyene izohatorera akoyokwe kuko amakori azoca yinjira ku bwinshi, maze ishusho y’Uburundi nayo irushirizeho kwiha ikibanza n’iteka mu makungu. Muri iyo ntumbero nyene yo guhesha izina Uburundi mu makungu, umugambwe CNDD-FDD utegekanya kurungika imigwi ndangakaranga hamwe n’abaserukira amahinguriro y’Uburundi mu mahuriro mpuzamakungu kugira akaranga, ururimi, intambo (ingoma, imvyino z’ikirundi) hamwe n’ibihingurwa mu Burundi (nk’icayi, ikawa) bimenyekane, hama hafatwe ingingo zibuza kwiyitirira ibiranga Uburundi ku bantu ata bubasha babifitiye muri mwenayo mahuriro mpuzamakungu.

Umugambwe CNDD-FDD uremeza ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu no hagati y’Uburundi n’amashiramwe itegerezwa kuba ifise ahishingiye kugira igihugu cose kigumane iteka n’itekane. Ni muri iyo ntumbero, Imboneza yamaho akongera akaba Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje Abarundi n’amakungu ko Uburundi butaremewe gufashwa, bwaremewe gufashanya n’ibindi bihugu.

 

NICIMBIKIJE Evrard  

29 avril 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *