Samuragwa: Abarundi twarabonye Imana
Actions de grâce, Actualité, Espace Presse

Samuragwa: Abarundi twarabonye Imana

 

Mu myiyamamazo yabereye muri komine Kayokwe, kuri uwu wa 28 Ndamukiza 2020, Samuragwa, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora azoba kuri uwu wa 20 Ndamukiza 2020, Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye, yamenyesheje ko Abarundi twemeza ko twabonye Imana.

 

Samuragwa ati: “Twaraciye mu ngorane zitandukanye, nk’amacakubiri ashingiye ku moko, intara n’amadini, turagogwa mugabo Imana yaradufashije cane turabirengana, turajabuka, ubu tukaba twibereye nko mw’iparadizo. Tukaba dusigaye turi n’akarorero, muri Afrika no kw’isi mu bijanye no kunywanisha abenegihugu.”

 

Nyakubahwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko iyo ritaba ishaka ry’Imana Abarundi tutaba tunywanye nk’uko ubu bimeze. Yavuze ati: “Kubera iryo shaka ry’Imana nyene ako kabi kabishe k’amacakubiri kararanduranwe n’imizi, Uburundi n’Abarundi bakaba basigaye ari icitegerezo c’akarere n’amakungu.”

 

Samuragwa yavuze kandi ko Imana ari yo yitoreye Sebarundi, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, ngo ashikane Uburundi aho bugeze, ajabutse Abarundi, bajabuke ibihe vy’amagume bagiye baracamwo.

 

Yasozere amenyesha ko ikiraje ishinga Umugambwe CNDD-FDD n’indongozi ziwukomokako ari uko Abarundi bose bobaho batekanye kandi batekaniwe, atakuvangura, akabaho afise iteka akwiye.

 

Renovat Nimbona

 

 

 

28 avril 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *