URUFATIRO : INDONGOZI NI URUFATIRO RW’UBUZIMA BW’ABO IJEJWE Ku wa 20 NZERO 2022 Tugire CNDD-FDD Kubw’Imana Rugiravyose, Nyen’impuhwe n’Urukundo Mbanje kubaramutsa amahoro y’Imana Kuri uyu umusi mwiza wa kane igenekerezo rya 20 Nzero 2021, Tubanje gukengurukira Imana yawushikanyeko turi bazima. Nihabwe Icubahiro. Mpagaze ngaha imbere yanyu rero kugirango ndabahe ikaze nongere ndabakengurukire kubona mwaremeye kwitaba ubutumire…
Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera Ndamukiza.
AMASENGESHO ASOZERA UKWEZI KWA NDAMUKIZA BUJUMBURA, 29 NDAMUKIZA 2021 IJAMBO RY’URUFATIRO “Ishengero riramubaza, riti None tugire dute? Arabishura, at’ Ufise amapfundo abiri, rimwe n’arihe utarifise, n’ufise ivyo kurya n’agire artyo. Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute? Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe. N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire…
Abahumure basaba iki?
Bahati Jérôme aserukira ishirahamwe ry’abahumure ku rwego w’igihugu, mw’ijambo ryiwe, yashikirije ko intwari ku rugamba zarangwa no kugira urunani, kwitanga hamwe no kwama zimenya ibihe zigezemwo gutyo zigakomeza kugwaniriza hamwe urugamba. Bahati Jerome yagiriyeko asaba ko hoba itegeko ribagenga, gusubiramwo itegeko rigenga abahumure mu mugambwe CNDD-FDD, gushigikira koperayive batanguje, gusakarirwa amazu kuko benshi baba mu…



