Bahati Jérôme aserukira ishirahamwe ry’abahumure ku rwego w’igihugu, mw’ijambo ryiwe, yashikirije ko intwari ku rugamba zarangwa no kugira urunani, kwitanga hamwe no kwama zimenya ibihe zigezemwo gutyo zigakomeza kugwaniriza hamwe urugamba.
Bahati Jerome yagiriyeko asaba ko hoba itegeko ribagenga, gusubiramwo itegeko rigenga abahumure mu mugambwe CNDD-FDD, gushigikira koperayive batanguje, gusakarirwa amazu kuko benshi baba mu nzu z’ivyatsi, gushigikira impfuvyi n’abapfakazi b’intwari zaguye ku rugamba hamwe no kuramira ubuzima bw’abahoze ku rugamba bagwaye bashaka kuja kwivuza hanze.
Mu ntumbero yo gusahiriza urugamba rw’iterambere abahumure biyemejeko kujako, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yasavye abarongozi n’abarwizatunga bari ng’aho guterera agacumu k’ubumwe kugire haboneke umutahe w’imiriyoni mirongo itanu z’amafaranga y’amarundi (50.000.000Fbu) kugira biyungunganye mu migambi bashize imbere mw’iterambere, yarongeye ababwira ko ku mwaka uza bazokwerekana intambwe bagezeko.
Richard Nsengiyumva/@IntumwaNews
Laisser un commentaire