Umuntu wese adateramiye amahoro, ntacungere imbibe z’igihugu ni umumenja
Non classé

Umuntu wese adateramiye amahoro, ntacungere imbibe z’igihugu ni umumenja

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Munyonyo 2020 niho hasozerwa muri komine Buhiga y’intara ya Karusi indwi yahariwe Intwari ku rugamba. Nyenicubahiro umukuru w’Igihugu Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye yasavye abarundi kutanjanjwa ku mahoro n’umutekano baronse bigoranye. Akaba yahamagariye abarundi bose, abagumyabanga hamwe n’abari mu yindi migambwe kuyateramira uhereye ku mwana kugeza ku wukuze, kuko ivyamwa biyakomokako babisabikanya bose bataravye imigambwe canke amoko bakomokamwo

Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yashikirije ko umusi mukuru w’intwari ku rugamba ari umusi ntibagiranwa mu buzima bw’igihugu kuko wibutsa igenekerezo rya 16 Munyonyo 2003 aho abarundi basezerera intambara bakaja mu mahoro. Ati: « Aya mahoro, uwu mutekano hamwe n’iyi mpore turimwo ntivyizanye vyararondewe. Ntihagire umurundi asubira kuvyanjanjwako kuko igihugu cohava gisubira kugwa mu kaga. Amahoro ntapimwa ku munzane canke ku mugozi, umenya ko akomeye iyo uyabuze. Intwari ku rugamba nizo zizi akamaro kayo kuko zaracumukuye ».

Umukuru w’igihugu yashikirije ko uwo musi uhimbazwa kandi mu ntumbero yo kwihaniza ba sesankuyoze bama bipfuza ko igihugu cokwama mu ruhagarara. Ati: « Abo ni abansi b’amahoro murabarabira hagufi mubamizeko ijisho ». Yibukije ko uwo musi mukuru atari uw’abagumyabanga gusa nk’uko benshi bavyibaza ahubwo ko ari uw’abarundi bose kuko ivyamwa vy’amahoro bidasangirwa n’abagumyabanga gusa. Asigura ko uwo musi wibutsa abarundi urukundo no gufatana mu nda vyaranze intwari ku rugamba. Ati: « Ku rugamba nta watunga ibutura zibiri canke amashati abiri, imwe yayihe mugenziwe. Uwo niwo mutima ukwiye kuranga abarundi kugira dushike kw’iterambere rirama hamwe no mu gukomeza amahoro n’umutekano ».

Uwigungirako itunga ry’igihugu ni umumenja

Nyenicubahiro umukuru w’igihugu yibukije abarongozi ko kizira kikaziririzwa kunyonora no kwigungirako itunga ry’abenegihugu. Ati: « Uwunyuruza amatungo y’abenegihugu ntaho ataniye n’umumenja. Uwuzokwagirwa n’iryo kosa azofatwa afungwe kandi abenegihugu bozoca bagurisha ivyo atunze kugira birihe ivyo yabivye. Vyongeye izina ryiwe rizoca ryandikwa mu gitabo cirabura ku buryo ata kazi ka Reta azosubira kuronka ».

Umukuru w’igihugu yasavye abarundi umwe wese aho aherereye kurwanya ivyotera intambara vyose uhereye ku karenganyo hamwe no kwigungirako. Yavuniye akagohe indongozi ngo zitunganirize neza abenegihugu kuko bariko batunganya itunga ryabo. Ati: « Urenganije abenegihugu bategerezwa kukwivuna kuko bafise uburenganzira bwo kugwanira agateka kabo. Umwitwarariko wa mbere mufise ni uwo gutunganiriza abenegihugu atari ukwo bazokwikurako ».

Umuntu wese adacungereye imbibe z’igihugu ni umugizi wa nabi, aba aciriye icanzo inkozi z’ikibi

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye ashikiriza ko ubu turi mu rugamba rwo gutsimbataza amahoro kandi ko bisaba inguvu nyinshi, ko ataworyama umukondorazosi. Ahamagarira abarundi bose kwama bagavye maze bagateramira amahoro, bagacungera imbibe z’igihugu ata numwe avuyemwo. Ati: « Kuva ku mwana gushika ku mutama nimuteramire amahoro kuko nta bapolisi canke abasirikare muzoronka bacungera umutekano inzu ku nzu. Uwutabikoze ni umumenja kuko aba ariko akingira ikibaba inkozi z’ikibi ». Nico gituma Reta Mvyeyi yipfuza kumanuka gushika ku rugo kugira umugabo wese acungera urugo rwiwe afatiye akarorero kuri ba sokuru. Ati: « Mu Burundi, kuva kera na rindi umugabo wese yagendana icumu n’aho yaba agiye ku rubanza. Cari ikimenyetso co kwirarira. Umugabo wese yaryama abanje kuraba ko ata mwansi amwinjiranye. Natwe mu ngo zacu nitumere magabo ducungere umutekano guhera mu miryango gutyo n’aho umwansi yoza bose bameze magabo ntiyoronka aho amenera ».

Umukuru w’igihugu asaba barya batanu batowe ku mutumba hamwe na ba nyumbakumi gukurikirana neza ubuzima bw’abo barongoye maze babashire ku kivi mu kubumbatira umutekano hamwe no mu kugwanya inzara. Ati: « Umukuru w’umutumba adakora ivyo aba ahemutse ». Abasaba ko buri kwezi bokoranya abo batwara kugira bihwereze hamwe ibibazo bitandukanye vyobabuza gushika kw’iterambere.

Mwomenya ko indwi yahariwe intwari ku rugamba umwaka wa 2020 wahimbajwe ku civugo: « Bahumure tuje imbere mu gushigikira Reta Mvyeyi, Reta Nkozi mu kugwanya umwansi w’iterambere: Ubukene ».

   Richard Nsengiyumva /@IntumwaNews

21 novembre 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *