ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 58 IHEZE INCUNGU YO KWIKUKIRA UMUGANWA RUDOVIKO RWAGASORE AGANDAGUWE
Communiqués de presse, Espace Presse, Politique

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 58 IHEZE INCUNGU YO KWIKUKIRA UMUGANWA RUDOVIKO RWAGASORE AGANDAGUWE

 

 ‘’Ineza y’abenegihugu Rwagasore yarwaniye iriko irashika’’

Imyaka 58 irarangiye Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore incungu yasubije Uburundi intahe yo kwikukira agandaguwe, umugambwe CNDD-FDD urifatanije n’Abarundi bose mu kwibuka iyo ncungu.

 

Uyu munsi n’uwo kwibukana icubahiro gihawe iyo ntwari yitanze ikigura abarundi kugirango dusubire ku ntahe yo kwikukira, kwishira no kwizana. Yaraharaniye iteka ry’Uburundi n’ubutungane kuri bose. Ntakindi yazize atari umutima wo gukunda igihugu camwibarutse mu gihe ba mpemukendamuke bo baguzwe n’abakoroni bashaka ko Uburundi buguma mu minwe yabakavantara kuko bari bemejwe ko Uburundi butaragera kwikukira. Abansi b’Uburundi bamugandaguye, ntakindi bashaka, atari ukuguma bapfukamye munda igihugu c’Uburundi.

 

Uwo wese abikurikiranira hafi arashoboye kwibonera ko atarindi ragi Ububirigi bwadusigiye atari amacakubiri, ugukumirana, urwanko rufatiye ku moko n’ubwicanyi. Ivyo navyo bikaba ari imbuto mbi yo kurandurana n’imizi mu ntumbero y’ukubaka Uburundi bwejo.

 

Igihe abarundi bahagurukira rimwe bagatangura urugamba rwo guhabuza intahe yo kwikukira, Ububirigi ntaco butakoze ngo buyihagarike, buhera mbere mu kugandagura iyi ncungu twibuka uno musi, hamwe n’abo vyari bifatanije. Aho bakaba bashaka kuzimanganya umugambwe UPRONA waharaniye iyo ntahe mu kuwushiramwo abacangero babo bari bahurikiye mu migambwe PDC n’ibindi. Guhera ico gihe, Ububirigi bwaciye bushiraho intwaro zibuyoboka, z’igikenye, zikumira kandi zatwaye imyaka itari mike, ineza y’abenegihugu iribagirwa.

 

Kuri uno munsi uri hejuru rero umugambwe CNDD-FDD umenyesheje abarundi n’amakungu ibi bikurikira :

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimiye Imana Rugiravyose yo yaremye Umuganwa Rudoviko Rwagasore n’abo basangiye urugamba rwo guhabuza intahe y’ukwikukira nka Petero Ngendandumwe, Poro Mirerekano n’abandi, ibarema ari abarundi, yongera ibaha ingabire zidasanzwe zo kuzirikana no gukunda igihugu, n’umutima rugabo, ubutwari, ubuhizi n’ubutore. Imana ibishimirwe ibihe bidashira

 

  1. Umugambwe urasubiriye kwemeza ko uzokwama na ntaryo ushigikiye amahoro, demokarasi, umutekano w’abenegihugu, n’iragi ry’incungu y’ukwikukira kw’Uburundi. Twibutsa ko incungu yazize guharanira ukwishira n’ukwizana, iteka n’itekane vy’abarundi, iteka n’izina ry’Uburundi imbere y’amakungu. Nk’uko biri no mu ruririmbo ruhayagiza umugambwe wacu, twemeje kandi ko n’ubu arico duharanira, mu kubitsimbataza twama duharanira na ntaryo demokarasi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka ko umutekano wifashe neza mu gihugu cose. Tukaboneraho akaryo ko gushimira Reta y’Uburundi irongowe n’imboneza yacu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, ataco idakora mu kurwanya ububegito ubwo aribwo bwose no mu gushigikira ubutungane mu ntumbero yo guhana ivyaha no kurwanya ukudahana.   Ni naco gituma impunzi zihunguka ku bwinshi buri indwi, n’abanyeporitike bari hanze y’igihugu babandanya bagaruka mu ruhongore aho bashikira mu migambwe yabo bakaremesha abanywanyi bari basize atakiremesha. Turongeye gutera akamo rero n’abataraza kugira batahuke mu gihugu cabo c’amavukiro dufashanye twese kwubaka igihugu catwibarutse twisunze amategeko y’igihugu cacu.

 

  1. Ukuganira ni umuco mwiza wamye uranga abarundi muri kahise mbere no muri kazoza bizokwama gutyo. Turashima Ibiganiro biranga kazoza keza k’igihugu bihuza abanyamigambwe bose kugira amatora yo muri 2020 agende neza n’imigenderanire ikomezwe kurusha.      Turashima intambwe ico gikorwa kigezeko, tukabona mu mihingo itandukanye y’Uburundi abadasangiye imigambwe bahuzwa n’ibikorwa vy’iterambere, ibikorwa vy’ukwinonora imitsi n’ukunywana.

 

  1. Mu ntumbero yo kubandanya duha icubahiro ntangere umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore no kubungabunga iragi ridasanzwe yadusigaranye, umugambwe CNDD-FDD urateye akamo abarundi bose iyo bava bakagera ngo bagire urunani rw’intamenwa, bashire inguvu hamwe mu gukunda no kwubaka igihugu cabibarutse. Turashimishwa n’umugambi mwiza w’amakoperative, ni inzira irasheyo gushikira ineza y’abenegihugu nkuko umuganwa Rudoviko Rwagasore yari yabitanguje.

 

  1. Turanegura abatemera ibivuye mu matora aribo bama bazana umudugararo mu gihugu. Abo rero ntaho bataniye n’aba ba PDC, ingendo yabo ntitandukanye n’imwe  ya wa muzungu w’umubirigi Albert Maus yiyahuye kubera yumvise intsinzi y’Abarundi mu gusubizwa intahe yo kwikukira. Turiyamirije abo bose bataratahura ingendo ya demokarasi, batemera aho intahe ishize n’ugushaka kw’abenegihugu.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urahamagariye abarundi bose kwitegurira neza amatora kuko ariyo ashiraho indongozi z’abahizi n’ubutegetsi nyabwo buhesha icubahiro Uburundi n’abarundi. Turahamagariye abarundi bose na cane cane abagumyabanga kubandanya bahagariye umutekano w’igihigu kugirango dutsimbataze intahe y’ukwikukira.

 

  1. Mu kurangiza, umugambwe CNDD-FDD urasubiye guhimiriza abarundi bose na cane cane abagumyabanga kugendera na ntaryo iragi ry’incungu y ‘ukwikukira kw’igihugu cacu mu kugwiza ibikorwa, ni ukuja ku kivi kugirango inzara n’ubukene ntibitugire ya mihimbiri n’abambuzi Rwagasore yiyemeza kugwanya.    Kugendera iragi rya Rwagasore ni kurwanya abansi b’igihugu iyo bava bakagera, ni ukurwanya akarenganyo, ni ukwirinda amacakubiri ayo ariyo yose, ni ukurwanya bakaboko n’ayandi mabi atuntuza akongera akazingamika abenegihugu.

 

13 octobre 2019

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *