ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA Y’IMYAKA INE UHISEMWO NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA NGO AWUSERUKIRE MU MATORA Y’UMUKURU W’IGIHUGU
Actualité, Amatangazo, Communiqués et Déclarations

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA Y’IMYAKA INE UHISEMWO NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA NGO AWUSERUKIRE MU MATORA Y’UMUKURU W’IGIHUGU

 

 

Guhagararira Demokarasi niyo nzira iha uburenganzira bungana abenegihugu bose.

 

Kuri iri genekerezo rya 25 Ndamukiza 2019 imyaka ibaye ine aho twibuka umunezero waranga abagumyabanga mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ku cicaro c’umugambwe CNDD-FDD, umunsi nkuyu mu 2015, abagumyabanga basubiye kwizera Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA ngo asubire kurongora igihugu c’Uburundi mu kiringo c’imyaka itanu.

 

Iyo ngingo abagumyabanga bayifashe bisunze amategeko y’igihugu, baravye kandi n’ubutwari bwa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu, hamwe n’intambwe ishimishije ashikanyeko igihugu mu vyerekeye gutsimbataza amahoro, umutekano, demokarasi n’iterambere ry’abenegihugu.  Kuri uwo musi rero, abagumyabanga bahisemwo neza mu ba kandida 3 bitoza muri ico kibanza, bahunda amajwi Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA, imboneza yabo.

 

Mu gufata iyo ngingo, abagumyabanga bararengeye iterabwoba ry’akagwi k’abarundi bamwe bamwe baterekwa inzira ya demokarasi, bategekwa n’ivyo biyumvira aho kuraba amategeko kubera amohe y’abakoloni n’abandi bansi b’Uburundi.

 

Inyuma y’iyo ngingo, abanyeporitike bamwe bamwe,  bafatanije n’abandi ba nsumirinda biyita ngo ntibaharanira inyungu za politike n’abamenyeshamakuru bamwe bamwe baciye bosha urwaruka cane cane mu gisagara ca Bujumbura baruroha mu bikorwa vy’iterabwoba, birimwo ugusambura inyubako rusangi, amatungo y’abenegihugu, ukwica no gusahura, ngo bariko bagwanya ikiringo c’umukuru w’igihugu.

 

Iyo migumuko ikaba yari ihishije umugambi w’ububisha wo gutembagaza inzego zitorerewe n’abenegihugu, wagiye mu ngiro ku wa 13 Rusama 2015.

 

Ugusenyura ubutegetsi bimaze kubata ku w’amazi, baciye batunganya ibitero vy’iterabwoba mu gihugu no  kugandagura indongozi zitandukanye mu bisata vy’igihugu, iz’umugambwe n’iz’inzego z’umutekano no kwivuna abansi. Muri uwo mugambi ugayitse bakaba bakoresheje imigwi y’inkozi z’ikibi iturutse mu gihugu c’Urwanda, aho yigishirijwe ikongera igahererwa ibigwanisho.

 

Ingingo y’abagumyabanga yo kwemeza Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA kuba umukandida wabo yaseruye vyinshi vyari binyegeje, irashira n’ahabona abaterekwa ko Demokarasi itsimbatara mu Burundi.

 

Twibuke ko butari ubwambere Demokarasi igwanwa mu Burundi mbere ibihetangabo vyishi ikaba yanigirwa mu menshi.

 

Mu 1961, umugambwe UPRONA uhejeje gutsinda amatora, abakoroni baciye bagandagura imboneza z’uwo mugambwe. Ivyo vyarabandanije no mu 1993, hahejeje gutsinda FRODEBU. Ico gihe baciye bagandagura imboneza zikomeye z’uwo mugambwe.

Aho hose ntakindi abakora iryo bara barondera atari kwaka ijambo abenegihugu ngo ntibishirireho ubutegetsi bubateza imbere.

 

Mu 2005 kubera yari amatora ashiraho inzego zishira intwaro ya Demokarasi nyakuri, imigumuko yabaye mike; ariko naho nyene  twokwibuka ko Palipehutu-FNL yari irongowe na Rwasa Agathon yagumye ihungabanya umutekano w’ayo matora.

 

Mu 2010, inyuma yaho batsindiwe mu matora y’amakomine, abanyepolitike bamwe bamwe batsinzwe baciye batangura ibikorwa vy’iterabwoba birimwo ubwicanyi mu bice bitandukanye vy’intara ya  Bujumbura no mu duce tumwe tumwe two mu gihugu hagati baciye mu muhari baciye bashiraho witwa ADC-Ikibiri.

 

Ivyo bikorwa bigayitse vyarabandanije ariko kubera abarundi barikanuye nta ntabwe vyateye. Ariko harabandanije ibikorwa vy’agasomborotso vyakozwe na bamwe mu bamenyeshamakuru hamwe n’abari barongoye amashirahamwe yiyita ko adaharanira inyungu za politike mu kubiba umutima w’ubugarariji mu benegihugu.

 

Mbere Abarundi baribuka ko ku wa 08 Ntwarante 2014, abari barongoye umugambwe ico gihe witwa MSD bagerageje gutera imigumuko mu gisagara ca Bujumbura, barambura ibirwanisho abajejwe umutekano bongera barakomeretsa abatari bake muri bo, kandi uwari arongoye uwo mugambwe we nyene yaremanze ko bari bafise intumbero yo gusenyura ubutegetsi, atako anamenyesha ko amatora yo mu 2015 atazoba.

 

 

Izindi nyifato mbi zagaragaye muri ico gihe, ni nko gukwiragiza ibinyoma n’ibihuha biteye ubwoba, na cane cane vyavuga ko hagiye kuba ihonyabwoko mu Burundi. Abafise imitima ihuha baciye batangura guhunga.

 

Ikibabaje kandi giteye agahinda ku Barundi ni uko n’uwaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Onanga Onyanga atigumije mu kwegenyeza akwiragiza ivyo bihuha kugirango atere intege abo banyepolitike, bumve ko bashigikiwe n’amakungu.

 

Ivyabaye mu 2015 rero vyarabonetse ko yari integuro ndende, yiteguriwe n’abantu benshi harimwo n’ibihugu bimwe bimwe.

 

Ivyo biragaragara kuko ntawosigura ingene itembagazwa ry’ubutegetsi riteshejwe, ishirahamwe rya Buraya ryaciye ribohera amaboko imugongo Reta yatowe mu gihe abatembagaje ubutegetsi bo baciye bahabwa imfashanyo iyo bahungiye. Ntivyokwumvikana kandi ingene haciye hategurwa gikubikubi inteko z’ubumwe bwa Afrika ngo zize gucungera umutekano i Burundi mu gihe ingabo z’uburundi nazo, kubera ubushobozi bwazo zariko zitakwa n’amakungu ngo zifashe kugarukana umutekano mu bihugu biri mu ngorane.

 

Aho amakungu yari gufasha Reta y’Uburundi gucira imanza abatembagaje ubutegetsi, yoyo yihutiye mu mugambi wo gukoresha sentare mpuzamakungu y’i La Haye ngo ite muri yompi indongozi z’Uburundi kugira bwa butegetsi bube butembagajwe.

 

 

Biragaragara rero ko n’ubu abo ba nsumirinda batarasubiza inkota mu rwubati, kuko babandanya basohora inyandiko n’amaraporo vy’ibinyoma n’urwanko, bafata ingingo z’agahotoro kugira ngo vyanke bikunde basubize igihugu mw’ihumbi.

 

Ariko n’aho biri uko, abarundi barakanuye, ubu ntibagihendwa ngo babe njanye n’abaja. Nico gituma bose bavuye hasi mu guhagararira umutekano mugihugu no gukomeza ibikorwa vyo kugwiza umwimbu kugirango ntibasubire kuzera inze.

 

Kuri uyu munsi rero twibuka ingingo ibereye yafashwe n’Abagumyabanga kuwa 25 ndamukiza 2015, Umugambwe CNDD-FDD umenyesheje ibi bikurikira:

 

  1. Tusubiye gukeza Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba n’Imboneza yamaho mu mugambwe CNDD-FDD, kur’iryo teka yatewe n’isinzi ry’abagumyabanga, no ku butwari yerekanye mu guhagararira atagugumwa amahoro n’umutekano, intwaro ya demokarasi n’ukwikukira nyakuri kw’igihugu cacu. Kanatsinda, iyo adahagarara rugabo, igihugu cacu kiba carasambutse nk’uko tubibona mu bihugu bimwe bimwe aho abenegihugu basamaye bakaja ku mohe y’abanyamahanga bakibagira ko igihugu ari rwabo, bagisambuye ari bo bacubaka.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimira Reta y’Uburundi ku ntambwe ishimishije y’amahoro n’umutekano igihugu kigezeko, ugasaba abarundi bose na cane cane abagumyabanga kuguma barikanuye kugira ngo bame na ntaryo bamirira kure ico cose coza kidusubiza mu ndyane z’amoko, iz’imigambwe, izi’intara n’izindi.
  2. Umugambwe CNDD-FDD urashimira kandi Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu, ku mutima wa kivyeyi yerekanye mu kugirira ikigongwe urwaruka rutari ruke, rwari rwatwawe n’abansi ba demokarasi mu bukozi bw’ikibi bwo gusahura no kwica, hamwe no gutera igihugu cabibarutse, ubu bakaba bariko bafashanya ataco binona n’abandi barundi mu kwubaka igihugu. Umugambwe CNDD-FDD uhamagariye urwaruka kuba maso kugirango igiti ntikibakore mu jisho kabiri.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakeje abarundi bose ku ntambwe y’iteka yo kwemeza Ibwirizwa Shingiro rishasha, ritsimbataza ukwikukira nyakuri kw’Uburundi, intwaro rusangi, iteka n’itekane, n’ukwishira n’ukwizana vy’Umurundi wese.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakeje abarundi bose, na cane cane abagumyabanga, ku kwihangana, umutima wo gukunda igihugu n’ugufatana mu nda berekanye imbere y’agasotoro k’abansi ba demokarasi hamwe n’ibikorwa binyuranye vyo gushaka kubacamwo imigwi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashima kandi umubano mwiza uranga abanyeporitike n’abanywanyi babo, mu budasa bwabo, ivyo bikaba vyatumye bashika ku ntambwe nziza yo kwitegurira amatora yo mu 2020. Abatarategera ko umubano mwiza ariwo mushinge w’amahoro, tubahamagariye guhindura ingendo.

 

Umugambwe CNDD-FDD ukaba kandi unezerejwe n’ukubona imboneza z’abanyeporitike batari bake barafashe ingingo yo kugaruka mu gihugu cabibarutse, ugahamagarira n’abandi kijuragirika kwikubita agashi, kuko Uburundi ari impetso ya twese kandi ata n’umwe akwiye kubuhera inyuma.

  1. Umugambwe CNDD-FDD urakeje kandi Reta ku ntambwe y’iterambere igihugu cashitseko muri iyi myaka 4 irangiye, ivyo navyo bikabonekera ku mwimbu ushimishije haba ku vyerekeye amafaranga yinjira mu kigega c’igihugu ku mwaka ku mwaka, umwimbu w’imfungurwa, iyongerekana ry’imigambi y’abikorera utwabo, inyubako z’amabarabara n’izindi nyubako z’imibano nk’amashure, amavuriro, za kaminuza, ibibuga vy’inkino, amahoteli, n’isubirwamwo ry’ibibanza vy’iratiro n’ibindi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’ingingo Leta yafashe yo gusahiriza iterambere rusangi biciye mu bikorwa vyo kugwiza umwimbu, ikoresheje amafaranga imiliyoni amajana atanu kuri buri ikomine. Tukaba dusaba ko abarongozi b’amakomine nabo bokora uko bashoboye kugirango uwo mutahe ubere kirumara abenegihugu.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urashima kandi ishirwaho ry’Umugambi w’igihugu w’Iterambere, wateguwe n’abahinga b’abarundi kandi ufatiye ku bibaraje ishinga. Umugambwe CNDD-FDD wariyemeje gufata iya mbere mu kuwushira mu ngiro, ugahamagarira abarundi bose kwijukira kugwiza umwimbu babicishije mu mashirahamwe n’amakoperative.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD usubiye gutangaza icese ko uzokwama ushengeza umuntu wese afise intumbero yo gusubiza inyuma intambwe y’amahoro, ubumwe, umutekano na demokarasi tugezeko, cane cane mu kugarukana akaranda kabi k’ukurondera ubutegetsi biciye ku gikenye.
  2. Umugambwe CNDD-FDD arongeye kandi gutera ivyatsi abarundi b’imburamutima, bama barota na ntaryo gusubiza mw’ihumbi Uburundi bohejwe na bakavantara bashaka gushinga ubutegetsi bwabo mu Burundi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD urongeye guhoza no kuremesha imiryango yaburiye ababo n’ivyabo muri urwo ruhagara, abarundi bose, abagumyabanga na cane cane urwaruka rw’Imbonerakure gwabuze abagenzi rukongera rugakurwako agashambara.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho kandi akaryo ko gushimira abarundi bari bahiye coba canke bahenzwe bagahungira mu bihugu bibanyi, bakaba barafashe ingingo yo gutahuka mu gihugu c’amavukiro, ukanatera intege abasigaye kwigobotora mu vyara vy’abashaka kubabohera mu marushwa y’ubuhungiro kugirango bashike ku nyungu bazi bonyene n’ababatuma.

 

Mu gusozera, umugambwe CNDD-FDD usaba ibi bukurikira:

 

  • Abarundi kurushirizaho guteramira amahoro n’umutekano, no kudasamazwa n’ibivugwa canke ivyandikwa bica ivutu, aho biva hose, haba mu binyamakuru, mu migambwe canke mu mashengero n’ahandi.

 

  • Mu gihe turiko twitegurira amatora y’2020, abarundi babandanye bayaterera kugira aze agende neza cane tutarinze kuzera inze. Bitegurire amatora bafatanye mu nda, bari ku kivi, bime amatwi abo bose boza babasamaza babigisha ububisha n’urwanko hagati y’abadasangiye ivyiyumviro vya poritike.

 

  • Abahunze iguhugu tubahamagariye gutaha dusangire ibikorwa vy’ukwubaka no guteza imbere igihugu. Abagizwe imbohe n’ibihugu bahungiyemwo, tubandanya dutera akamo ivyo bihugu kwigenga ubuntu bibarekure, bashobore gutahuka nkabandi benshi babandanya kugaruka mu ruhungore uko bukeye uko bwije.

 

  • Duhamagariye Abarundi bose kurushirizaho kwitwararika ibikorwa vy’iterambere no kurwiza umwimbu na rirya uwu mwaka ari umwaka w’ubuhizi mw’iterambere, kanatsinda aharaye inzara havyuka inzigo.

 

  • Turangije duhamagarira abagumyabanga bose n’abakunzi b’Umugambwe CNDD-FDD kwifatanya n’indongozi mu guhimbaza uyu musi mu masengesho yo kungeruka atunganijwe mu ntara zose z’igihugu.

 

 

MURAKOZE

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 25 Ndamukiza 2019

Jenerari majoro Varisito NDAYISHIMIYE

Umunyamabanga Mukuru.

25 avril 2019

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *