Ijambo rishikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe
Discours, Kirundi

Ijambo rishikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi, ukaba uri Imboneza mu mugambwe wacu CNDD-FDD
Mwanyakwubahwa mugize Inama nkuru y’Inararibonye;
Mwanyakwubahwa muri mu Buserukizi bukuru bw’umugambwe wacu CNDD-FDD;
Nyakwubahwa Mukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi ukaba n’Umugumyabanga;
Nyakwubahwa Mukuru w’Inama nkenguzamateka y’Uburundi ukaba n’Umugumyabanga;
Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri C’Umukuru w’igihugu c’Uburundi
Mwanyakwubahwa Bakenyererarugamba muri mu biro vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka;
Ba Nyakwubahwa Bashingamateka n’abakenguzamateka mwatowe mu mugambwe wacu CNDD-FDD;
Mwanyakwubahwa Bashikiranganji;
Mwanyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu n’amashirahamwe mpuzamakungu hano mu Burundi;
Mwanyakwubahwa mwaje muserukira imigambwe ducuditse yemewe n’amategeko hano mu Burundi;
Bakenyererarugamba namwe Bagumyabanga mwese mwaje kuri iki gisabisho;
Batumire bahire;
IMANA SE W’UMUKAMA WACU YEZU KRISTU N’IHEZAGIRWE
1. Ng’uyu umunsi Umukama yakoze ivyiza, tumukomere amashi. Kubwanje nari guhamagara ab’isi bose bagakomera amashi Imana, ariko uko biri kose ndabasabe mu vyubahiro vyanyu tuhabere abandi mu gushimagiza Imana yacu.
2. Ni tuyikomere amashi kuko irabikwiye, yitwa NTIHEMUKA, yitwa NTETURUYE!
3. Mwanyakubahwa mwese muvyagiye ngaha, Uyu ni umunsi ntibagirwa mu mugambwe wacu CNDD-FDD. Niho Imana yigaragaza icese ikerekana ubuninahazwa bwayo. Ni umunsi kandi abagumyabanga bagaragaza ukwemera kwabo kuko vyari biteye ubwoba. Hari iterabwoba ryishi gushika aho abenshi babura ico bafata n’ico bareka, mbere bamwe baruhira guhemuka. Nico gituma uyu munsi tutotinya kuvuga tuti: “Imana ininahazwe mw’ijuru”.
4. Urya munsi vyaba, unyibutsa, k’ubwanje, umunsi Imana yereka abanyisraeli igihugu c’isezerano. Niwo munsi abo umutima woroshe biyerekana, baribagira ibikomeye Imana yabakoreye, inguvu zayo bazirutisha iz’abantu.
Urya munsi rero kuri twebwe abagumyabanga, watubereye umunsi w’amageragezwa kugirango tugaragaze ko tugifise ku mutima rya sezerano twasezeranira Imana. Wari umunsi Imana yahisemwo ngo isobanure umuguruka n’ingano, ibihumbwa n’izikomeye.

5. None rero ko dushitse uyu munsi, ni akanya ko gusubiramwo isezerano ryacu, twasezeraniye Imana.
Tubivuge tubisubire, ni Imana nya Mana, ni Imana y’urukundo, ni Imana y’ikigongwe. Nico gituma n’ubu twemeza ko IMANA ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe wacu CNDD-FDD.

6. None rero kuri uyu munsi, kw’izina ry’abagumyabanga bose, ndi n’iteka n’akanyamuneza ntangere ryo kubakira hano muri kino kibanza.

7. Duhiriwe duhishije, tuwuhimbaje Uburundi bwacu buri mu mahoro n’umutekano; inzego zose zitorewe n’abenegihugu ziri ku kivi kandi n’inzego zose z’umugambwe CNDD-FDD zikora ukuri kwamye. Birakwiye rero ko kaba akanya ko kwibuka ivyo Imana yadukoreye twongere tubikenguruke.

8. Muribuka bagenzi ko hari kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza mu mwaka w’ 2015 aho ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’Umugambwe CNDD-FDD ryemeza ko Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA ariwe mukandida w’umugambwe CNDD-FDD mu matora y’umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Bukeye bwaho naho, abansi bademokarasi batashaka ko amatora aba, baciye bagomorera imisoresore mu mabarabara mu migumuko ivanzemwo ubwicanyi no gusenyura inzego zitorewe n’abenegihugu.
Ariko Imana yarakinze, imigambi yose bari bafise ibayongana amazimayongo. Kandi nticabujije ko abenegihugu babandanya mu nzira nziza y’amatora.
9. Ayo matora yaraburabujwe kenshi ariko yarinze kuba, kandi umugambwe CNDD-FDD niwo watahukanye intsinzi itagabanije. Muribuka ko imyiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu itari yoroshe kuko yabaye mu kiringo c’ukwezi kwose, ariko nticabujije ko dushika kuco twipfuza : ukwitorera Umukuru w’Igihugu cacu.

Ico gikorwa c’iteka kandi cubahiriza zina murundi wese cabaye mu mutekano ntangere, mu kwishira no kwizana, ku mugaragaro no mu mahoro ; ivyo navyo bikaba bitaryoheye bamwe mu bafise izindi ntumbero baba Abarundi canke abanyamahanga bacuditse nabo.

Abo nibo n’ubu badahengeshanya kuvuga aya muhe, bashikiriza ibihuha n’ibinyoma bitagira izina mu ntumbero yo kugirango amakungu ntiyizere ivyayvuyemwo. Ivyo vyose bikaba ari impfagusa kuko ukuri kwama ari kumwe.

Ariko ivyo vyose bikaba vyashobotse kuko Imana yatugiye imbere, ikaduhagararira, n’ubu ikiri ku ruhande rwacu.

10. Ntitworeka rero gukengurukira Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu, umugabo w’abagabo, wewe yemeye kugamburukira Abagumyabanga, akatubera Yozuwe. Twaramwizeye ntiyadutetereza, adushikana kuco Imana yari yatugeneye.
Nkako, ndinda mvuga, ntiyari kwanka kuduserukira kuko arazi ukuri kw’umugambwe wacu CNDD-FDD, kandi n’amategeko yarabimurekurira.

11. Nyenicubahiro, Mukuru w’igihugu cacu, twarabizeye namwe muratwizeza, tubashira imbere namwe mutubera imboneza; ni mubishimirwe.
Mwaraye mwerekanye ko muri Sebarundi koko, ko mudatanga umugongo urugamba rukamvye. Imana yatanguye gukorera ivyiza Uburundi ibaciyeko, n’ubu niyuhire.

12. Bagumyabanga benewacu, ni mwiyumvire namwe mubizirikane ! Mbega iyo atagaruka, twari kuba abande ? Ngirango ntawutazi ico ari co impehe nsa !
Ubutwari yatweretse buzoba intibagirwa mu mateka y’Uburundi no mu mugambwe CNDD-FDD.

13. Nivyo ngo « Umwami agirwa n’abagabo ». Turakengurukira cane, abo bose bitanze kurusha abandi, ari naco gituma muri aka kanya nagomba nsabe tuve hasi twibuke intwari zacu ziguze urwo rugamba dushize imbere kizigenza wazo twabuze tutanse Lt Gnl Adolphe Nshimirimana. (Tumare umunota duhagarutse)

14. Turashimira bimwe bivuye ku mutima abagize inzego z’umutekano batabaye ibihemu, ngo bajakaze igihugu nk’uko Abarundi b’abagurano bavyipfuza.
15. Turakengurukira kandi Abagumyabanga batacitse ivutu, bagumye ari kiremesha mu mugambwe.
Erega iyo tutaremeshanya ngo tugume duhagaze magabo, hari naho ingabo zacu zari gucika inkokora, kanatsinda abakurambere barayamaze bati : « Amazi asumira kw’ibuye ; kandi ngo n’Imana igira aho imaniye. »

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu, ukaba n’imboneza mu mugambwe cacu,
Banyakwubahwa mwese mwaje kwifatanya natwe muri kino gisabisho,

16. Uwu munsi ni uwo kwibuka ivyiza Imana yadukoreye, ni kandi akaryo ko kuyongeza. Nico gituma natwe tuboneraho kwisuzuma.
Ubwo, inyifato yacu irajanye n’inzira Imana itwereka kugira dushikane Uburundi aho yabugeneye ?
Ico ni ikibazo umugumyabanga wese ahamagariwe kwibaza kugirango yisuzume, yigaye, hanyuma yisubireko ntatume Imana ituraba ribi ; ahandi ho yodukurako amaboko, tukibura iyo twibonye.
Nitwaba turi intungane naho, ntitugire ubwoba canke ngo twihebure, kumwe Umukama yabwira Yozuwe, kuko mu rugendo turimwo, Imana izokwamana natwe aho tuzoja hose.

17. Twashimiye abatari bake, ariko ntitworangiza tudashimiye abanyeporitike bamwe bamwe, n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamwe bamwe, ibihugu bigenzi n’abamenyeshamakuru batahengeshanije gushigikira umugambi w’amatora yo mu 2015 haba imbere yayo, muri yo n’inyuma yayo. Turashimiye kandi bamwe mu banyeporitike bari barahunze hanyuma baratahura, ndetse bagaruka mu gihugu cabavyaye. Tugasaba dushimitse abataranyurwa kwihutira gutahuka kugirango baze dutegurire hamwe amatora yo mu 2020 ; Amatora twipfuza ko atazogira akangonongono kuko niryo teka ku gihugu cacu.
18. Mbere ni kuri ako kajambo k’umwizero, nagomba nsozerereko ivyo navuze ;
Ni harambe Demokarasi mu Burundi;
Ni harambe ubumwe n’amahoro;
Ni haramabe uburundi n’abarundi, Imana yabuduhaye ibudutungire.
Ni Tugire CNDD-FDD !

27 avril 2017

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *