Umugambwe CNDD-FDD urakeza Umunyamabanga Mukuru yatowe mu mugambwe CCM uyoboye igihugu ca Tanzaniya
Non classé

Umugambwe CNDD-FDD urakeza Umunyamabanga Mukuru yatowe mu mugambwe CCM uyoboye igihugu ca Tanzaniya

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, wakiranye umunezero itorwa ry’Umukuru w’Igihugu kibanyi ca Tanzaniya ngo ayobore Umugambwe CCM uri ku butegetsi muri ico gihugu, hamwe n’itorwa ry’Umunyamabanga Mukuru w’uwo Mugambwe.

Ni kuri iyo ndamutso, Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, yandikiye Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CCM “Chama cha Mapinduzi”, kuri uyu wa 1 rusama 2021, mu ntumbero yo kumukeza, kw’izina ryiwe no kw’izina ry’Abagumyabanga bose, ko yizigiwe n’abanywanyi b’uwo Mugambwe mw’ikoraniro ryabaye kw’igenekerezo rya 30 ndamukiza 2021. Iryo koraniro ryabereye mu gisagara Dodoma rikaba ryagenye Nyakwubahwa Daniel Chongolo ngo abe Umunyamabanga Mukuru w’uwo Mugambwe.

Nk’uko imigenderanire myiza n’ugufashanya hagati y’Ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya, bitakiri agaseseshwa rumuri, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yarongeye aramumenyesha y’uko ubucuti bwa kivandimwe n’imigenderanire hagati y’Imigambwe yompi, ibandanya iba myiza ngo ivyo navyo bikabonekera mu ngendo nziza iranga Indongozi z’Imigambwe uko ari ibiri, haba mu gutsimbataza intahe y’ukwikukira, amahoro, ubumwe n’iterambere mu benegihugu.

Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO ntiyahengeshanije kumwizeza ko Umugambwe CNDD-FDD, ushigikiwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Varisito NDAYISHIMIYE akaba n’Umukuru w’Urwego rw’Inama Nkuru y’Inararibonye mu Mugambwe CNDD-FDD, no kw’izina ryiwe nyene, uzobandanya ufashanya n’Umugambwe CCM mw’iterambere ry’abenegihugu n’ibihugu vyompi.

Bigirimana Jean Claude

Umwanditsi/ Igisata c’Ukwandika no kwegeranya amakuru CNDD-FDD

1 mai 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *