Demokarasi ishingira ku mico kama, imigenzo n’akaranga vy’Uburundi bigiye gutsimbatazwa kurusha
Actualité, Espace Presse

Demokarasi ishingira ku mico kama, imigenzo n’akaranga vy’Uburundi bigiye gutsimbatazwa kurusha

 

Igihugu c’Uburundi kigiye kuba rurangiranwa mu vyo gutsimbataza Demokarasi inshingiye ku mico kama, imigenzo n’akaranga vy’Uburundi. Uyu ni umwe mu migambi myinshi Umuhizi mw’iterambere Nyakwubahwa Samuragwa Varisito NDAYISHIMIYE, Umukandida w’Umugambwe CNDD-FDD mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020 agiye kurangurira Uburundi n’abarundi muri iyi myaka indwi iri imbere.

Egome niko muri iyi myaka 15 umugambwe CNDD-FDD umaze ku butegetsi burongowe na Nyenicubahiro Imboneza yamaho, Prezida Petero NKURUNZIZA, Uburundi bwarateye intambwe iboneka, Nyakwubahwa Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye akaba azoba aje kwuhirira iyo semo mu guteza iyindi ntambwe uwo mugambi.

Muti none hagiye gukorwa iki kugira ngo itsimbatazwa rya Demokarasi ishingiye ku mico kama, imigenzo  n’akaranga vy’Uburundi birushirizeho gutera imbere?

Hagiye  gukomezwa inyifato zo kugendera no guteramira akaranga n’imico myiza vyamye biranga Uburundi n’Abarundi, aha tukaba tuvuga kugendera ubuntu, ubutore, ubuhizi, ubutwari, urupfasoni, gushigikirana, kurwanya uburyarya n’ubunebwe, gukunda ibikorwa, guharanira ubutungane, n’ibindi.

Intwaro ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD izobandanya guhangana n’inyifato n’ingendo mbi ziriko zikwiragizwa ahanini n’abanya Bulaya, babanje guca mu ryahumye indongozi za Afrika n’abenegihugu baho, ahanini bikikika inyuma y’ubukene, aho abantu baca bitwaza ya mvugo ngo hagusha woguka, bakemera ko abasangiye ibitsina bubakana, urudadazwa rw’abantu n’ayandi mazimwe Leta y’Uburundi idashobora kwemera ko akorerwa mu gihugu.

Leta izoba irongowe na Jenerari Varisito NDAYISHIMIYE yiyemeje rero kuzotsimbataza bimwe bikomeye intwaro ya demokarasi ishingiye ku mico kama, imigenzo n’akaranga vy’Uburundi izobandanya, ivyo bikazoshoboka kuko abenegihugu bazoshishikara guhabwa ijambo mu kwishiriraho inzego zibarongora kuva ku rwego rw’umutumba gushika ku rwego rukuru rw’igihugu, gutyo ico abo benegihugu bagona canke bipfuza cose, kizoze kiranja mu ngiro mw’ishaka ryabo n’ubugombe bwabo.

Imigenzo mibi y’ubunebwe, akaborerwe, urwaruka rwirirwa rwicaye ku marigara, gusegerereza ku bantu biboneka ko bafise inguvu zo gukora imirimo itandukanye bigiye gutuzwa burundu, abahora bagendera muri bene izo ngeso mbi bahimirizwe nyabuna kwijukira ibikorwa vy’iterambere, maze umwimbu wiyongere mu gihugu cacu, gutyo iterambere rishware igihugu cose, ubona ko ubu na ca kibazo abantu bahora bitwaza ngo nta mitahe bafise, birengagiza ko umutahe mukuru ari amagara meza bagabiwe n’Imana, kigiye kurangira kuko urwaruka rumaze kuronswa ibanki izorufasha kwiteza imbere, iz’abakenyezi, abarimyi n’abanyamyuga mitomito nazo zikaba zitezwe gutanguzwa mu minsi ya vuba.

Umuhizi mw’iretambere Jenerari Majoro Varisito NDAYISHIMIYE Umugambwe CNDD-FDD washize imbere mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020 ahamagarira rero Abarundi bose gufatana mu nda mu budasa bwacu bw’amoko, amadini,’imigambwe, uturere n’ibindi, mu kumuhunda amajwi no mu gutora abashingamateka n’abajenama b’amakomine bashizwe imbere n’umugambwe CNDD-CNDD, kanatsinda turi kumwe twese birashoboka.

RUKUNDO James.

5 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *