Samuragwa:  »intara ya Kirundo igiye gusubira kuba ikigega c’igihugu »
Non classé

Samuragwa:  »intara ya Kirundo igiye gusubira kuba ikigega c’igihugu »

 

 

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 04 Rusama 2020, umukandida Umugambwe CNDD-FDD washize imbere ngo azitoze mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020, Nyakubahwa Jenerari Majoro Varisito Ndayishimiye yiyamamarije mu ntara ya Kirundo, aho Abagumyabanga bari baje kumusanganira bari bakubise burazima ku kibuga c’i Nyarunazi muri komine Busoni.

 

Amaze kwibutsa abanya Kirundo aho Umugambwe CNDD-FDD wakuye Uburundi, hamwe n’ivyiza waranguriye Abarundi mu myaka 15 umaze uri ku butegetsi, Nyakwubahwa Samuragwa yaciye abamenyesha ko umwe mu migambi yihuta azorangurira abanya Kirundo niyatorwa kuba Umukuru w’Igihugu, ari ugukora ibishoboka vyose kugira ngo iyo ntara isubire kuba ikigega c’Igihugu nk’uko vyahora imbere y’uko iyo ntara iterwa n’uruzuba n’amapfa vyagumye vyisubiriza kubera ihindagurika ry’ibihe. Ati: “Reta izoshiraho ubuhinga bwo kuvomera imirima, kugira hatse uruzuba, abanya Kirundo baze bakoreshe amazi y’ibiyaga biri muri ako karere.

 

Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye ati: “Abanyabusoni ni mureme, uwo mugambi buca tuwutangura vuba, ntituzorindira iyimikwa ry’inzego nshasha”.

 

Ikindi Samuragwa yemereye abanya Kirundo kuko ari ikibazo giteye ingorane muri iyo ntara, ni ukubaronsa amazi meza, ayo nayo tukaba tuzi ko ari isoko ry’amagara meza, amagara meza nayo ikaba inkingi y’iterambere.

 

Aimée Nshimirimana.

 

 

 

 

 

4 mai 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *