Amatangazo

IBIMENYESHEJWE N’UMUGAMBWE CNDD-FDD KU WA 05 MUKAKARO 2015

Abenegihugu bahisemwo inzira ya demokarasi barakeneye kwubahirizwa mu gateka kabo

Ibwirizwa nshingiro rya Repuburika y’Uburundi ryo ku wa 18 Ntwarante 2005, mu ngingo yaryo ya mbere, rivuga y’uko Uburundi ari Igihugu cikukiye, kitavugirwamwo, kitatwarwa n’idini kanaka, gikurikiza inzira ya demokarasi, kirangwa n’Ubumwe kandi cubahiriza amoko n’amadini atandukanye. Muri iki gihe, Abenegihugu bariko baratotezwa kubera ko bahisemwo gukingira agateka kabo, nk’uko tubibona muri ya ngingo ya mbere yo mw’ibwirizwa nshingiro. Umwe umwe wese arahamagariwe gukingira agateka kiwe mu kwankira uwo wese yoza ashaka kwaka Abarundi bwa bubasha n’uburenganzira bwabo bahabwa n’ibwirizwa nshingiro mu ngingo ya 6 nayo  ivuga ko Uburundi bwiyemeje kugendera ku butegetsi bw’abanyagihugu, buvuye ku banyagihugu bukongera bugakorera abanyagihugu, ivyo bigasigura ko ata muntu n’umwe yoshobora kubuza Abanyagihugu kwitorera indongozi zabo ku ngazi zose z’inzego z’igihugu. Kukaba nkako, kuva amatora ya mbere aba mu 1961 ayo akaba  yadushikanye ku ntahe yo kwikukira be n’ayakurikiye yo 1965, 1993, 2005, 2010 eka n’ay’ubu mu 2015, hagiye haribonekeza akagwi k’abanyepolitike barwanya amatora, kandi tugasanga igihe cose ako kagwi kaba gashigikiwe na bamwebamwe mu makungu.
Igihe Uburundi bwari buronse intahe y’ukwikukira, inyuma y’amatora yo mu 1961 ako kagwi karibonekeje kabicishije mu kwanka ukwikukira kunyarutse, gushika n’aho gahitana ubuzima bw’Umuganwa Ludoviko Rwagasore. Mu 1965 harabonetse akandi kagwi katipfuza amatora, ako nako nyene kahemutse gahitanye ubuzima bw’Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe, hakaba hakurikiye iyicwa ry’abarundi isinzi, n’abandi isinzi bahunze. Mu 1993, Umukuru w’Igihugu wa mbere yari yavuye mu mugwi w’abakunzi ba demokarasi akaba yari n’umuhutu yaratsinze amatora, ariko nawe nyene ntiyamaze na kabiri ; inzego za demokarasi zaraciwe umutwe, Umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior yari yatowe n’Abenegihugu aragandagurwa, Abenegihugu isinzi nabo nyene baricwa, abandi barahunga igihugu.
Mu matora ya mbere yo mu 2005, Igihugu caraye kivuye mu ntwaro y’imfatakibanza naho nyene haravutse umugwi w’abanyepolitike badakunda demokarasi, abo nabo bakaba bari mu migwi ya politike yari ifise ibirwanisho kandi tugasanga bari bafise ababashigikiye muri bamwe twita ko bari mu mashirahamwe avuga ngo ntaharanira ivyicaro vya politike. Naho nyene harishwe abantu b’inzirakarengane benshi bishwe bahorwa ivyiyumviro vyabo vya demokarasi. Abo banyepolitike ntibahagarariye aho, barashatse no gushinga ibirindiro mu ntara ya Bujumbura, aho bashaka gusambura igihugu cose kugira ngo ayo matora ntabe akibaye. Aha biraboneka neza ko ivyo bitumwa n’agatima tare ko kutiyumvamwo demokarasi. Mu 2010, Umugambwe CNDD-FDD waratsinze amatora mu ngorane zidasanzwe. N’aha nyene harabaye ingorane y’abanyepolitike batashaka amatora, noneho bayivanamwo hamaze gutorwa abajenama b’amakomine, aho hose bakaba bashaka ko amatora ahagarara bakaboneraho inzira yo kuja mu biganiro kugira ngo habeho reta y’imfata kibanza. Iyi ngendo irerekana agatima tare ko kwanka no kurwanya ivyiyumviro vya demokarasi. Mu 2015, ivyiyumviro vya mbere vy’amatora  bitanguye kuza mu mitwe y’Abagumyabanga, akagwi k’abanyepolitike kaciye kishira hamwe gatanguza ivyo kwambika iceyi umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako mu nzira yo gushaka gukumira Reta no gucafuza Umugambwe CNDD-FDD  mu makungu. Muri uwo mugambi wo gusiga iceyi Umugambwe no gukumira Reta y’Uburundi mu makungu, harakoreshejwe amayeri menshi mu kuvuga ko Umuhari w’Imbonerakure usa nka ya migwi y’inkorabara mw’isi tuzi yitwaza ibirwanisho. Ukugereka inteba ishushe ku mugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako ngo bariko bakwiragiza ibirwanisho mu mbonerakure, ngo  bariko barategura ihonyabwoko rigamije gutikiza igice kimwe c’Abarundi, ngo ntibasiba guca imanza za ngondagonde ku barwanya ubutegetsi, ngo nta kwishira no kwizana mu gihugu, ngo  amashirahamwe  y’abadaharanira ivyicaro vya politike aratotezwa, ngo bama bariko barategura ukwiba amatora mu gihe n’ayo matora atari bwagere, n’ibindi n’ibindi. Ariko naho  biri uko, Umugambwe CNDD-FDD warabandanije inzira yawo ya demokarasi kugeza naho winjira mw’itegura bwegu ry’amatora kandi bigenda neza, n’ubwo intambamyi zabaye nyishi. Ibinyoma bitandukanye vyarakwiragijwe n’abo baterekwa amatora. Bidatevye, babonye ko ibinyoma vyabo bitabashikanye aho bashaka baca basimbira ku rwego rwo gukoresha ibihuha, aho berekana ko Umugambwe CNDD-FDD igihe woramuka ushize imbere Umukuru w’igihugu  Nyenicubahiro Petero Nkurunziza hazorwa ibara, igihugu gishe, ariko bari bibagiye ko ico abenegihugu bashaka arico n’Imana ishaka.

Twihweje ibi vyose tuvuze aho haruguru, Umugambwe CNDD-FDD urababazwa n’ibi bikurikira:

  1. Kuba abanyepolitike bamwebamwe hamwe n’amashirahamwe amwe amwe atavuga rumwe na Reta bagiye bararonswa uburyo bwari bugenewe Reta, ivyo bigasigura ko ku mahera yagenerwa Reta y’Uburundi hari igice cagiye kiraronswa ayo mashirahamwe n’abo banyepolitike, kandi ntihatangwe icegeranyo c’ingene yakoreshejwe. Ayo mafaranga akaba yakoreshejwe mu kurwanya igihugu. Vyaragaragaye ko hari amafaranga menshi yagiye arakoreshwa muri bamwe bari mu migumuko kandi bizwi neza ko ata mahera bakora. Vyaragiye birabonekera kandi mu mashirahamwe amwe amwe yagiye aragaburira yongera avuza abari mu migumuko, ubwo buryo bwose bukaba bwandikwa kuri Reta y’Uburundi. Uwo ukaba ari umugambi mpuzamakungu wo gusenyura umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo.

 

  1. Ntaho vyigeze biboneka kw’isi aho abatipfuza demokarasi bagira imigumuko, gushika naho bashaka gusenyura ubutegetsi bafatwa mu mugongo n’amakungu, kandi ayo makungu nyene ariyo adahengeshanya kumenyesha ko ibihugu vyose bitegerezwa kurongorwa hisunzwe inzira ya Demokarasi.

 

  1. Umugambwe CNDD-FDD ntiwahengeshanije gusigurira Abarundi n’amakungu ko ata gikorwa c’Imbonerakure na kimwe kiza gihungabanya umutekano w’Abenegihugu, rero ko ataho basa basana n’abateguye imyiyerekano yahindutsemwo imigumuko inyuma y’iminsi mikeya, ubu naho ikaba yahindutsemwo ibikorwa vy’iterabwoba mu makaritiye ya Mutakura na Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura, ivyo navyo bikabonekera mu bantu benshi bahatakariza ubuzima.

 

  1.  Umugambwe CNDD-FDD ntiwigeze wumva aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritegeka rikongera rigashira igitsure ku bakozi baryo kw’isi kugira ngo banke amatora yabaye mu mwidegemvyo ntangere, ku mugaragaro kandi no mu mahoro mu gihugu kanaka. Akamaramaza karaye kibonekeje  mu gihe igisata ca ONU mu Burundi MENUB caje gukurikirana amatora cahawe itegeko ryo kutemeza amatora y’Abajenama b’amakomine n’Abashingamateka yabaye ku wa 29 Ruheshi 2015 bitwaje ngo ayo matora yabaye mu bihe vy’umwumvikano muke, bivanzwemwo n’ubwicanyi kandi ata muntu n’umwe yigeze arya urwara uwundi kuri uwo munsi, amatora yompi akaba yari yabaye muri disipiline ntangere mu gihugu cose nk’uko mu bindi bihugu vyateye imbere bikorwa. Reta ubwayo, kw’igenekerezo rya 2 Mukakaro 2015, yaciye yiyamiriza iyo ngendo ya ONU ibicishije mw’itangazo ry’akababaro yasohoye. Twibukanye ko amasezerano  y’umubano hagati y’Uburundi na MENUB (mémorandum d’entente) yahaririweko cane imbere y’uko ico gisata ca ONU cemererwa gukorera mu Burundi hari hemejwe ko iyo MENUB itaje mu Burundi kugira ngo ibe ari yo izokwemeza  ko amatora  yagenze neza canke yagenze nabi, ahubwo yari yaje kuraba ingene amatora agenda. Iyo ngingo rero yaravanywemwo muri ayo masezerano yateweko umukono i Bujumbura.

 

  1.  Gushaka kuzana inteko z’abasirikare canke abaza kugenzura ibi na biriya  mu gihugu cikukiye bisa  no kwemeza ko abo benegihugu iyo ngingo ifatiwe ata gaciro bafise, ivyo navyo bikaba bisa no guhonyanga agateka ko kwigenga ku Barundi n’Uburundi.

 

  1. Uguhagarika imigambi imwe imwe y’iterambere n’iyo mu gisata c’umutekano  bitwaje y’uko Abarundi bakunda demokarasi na canecane Abagumyabanga bahisemwo Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ngo abaje imbere mu matora y’Umukuru w’igihugu yo mu 2015 ni ingingo  y’akarenganyo ivanzemwo n’agahotoro kuko  bisigura ko ico gihano bafatiwe ari ugushaka kuzimanganya Abagumyabanga hamwe n’Umugambwe CNDD-FDD.

 

  1. Ugushigikira amaradiyo, ibinyamakuru hamwe n’amashirahamwe amwe amwe avuga ko adaharanira inyungu za politike mu kurwanya ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu gushika aho bashaka kubutembagaza ni ikimenyetso ko iyo migwi naho itemanga ko iharanira inyungu za politike ata kindi ikora atari politike kandi politike yabo ni iyo gutembagaza inzego ziba zihari zitorewe n’Abenegihugu. Ivyo rero abakunzi ba demokarasi na cane cane Abagumyabanga babona ko ari ihonyangwa ry’amasezerano mpuzamakungu agenga ivy’imibano y’ibihugu na canecane ibihurikiye muri rya shirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umugambwe CNDD-FDD umaze kwihweza ibintu n’ibindi nk’uko vyerekanywe aho haruguru, uratangaje ibi bikurikira:

  1. Urashimira imbere ya vyose Nyenicubahiro Petero Nkurunziza kuba yaremeye gushirwa imbere n’Abagumyabanga mw’ikoraniro ry’umugambwe ridasanzwe ryo ku wa 25 Ndamukiza 2015, kugira ngo awuserukire mu matora yo mu 2015 mu kibanza c’Umukuru w’igihugu. Ivyo yaravyemeye kandi azi neza ikiguzi cavyo. Akaba rero atagize ubwoba canke ngo ahungabane mu mutima mu kwanka ako gateka yari atewe n’Abagumyabanga. Inyifato nk’iyo izobe umuco w’abakunzi ba demokarasi.

 

  1.  Urashimira Abenegihugu bashize imbere inzira ya demokarasi mu kwishingira inzego z’igihugu, ivyo navyo bikaba vyaraye bigaragariye mu kuntu Abenegihugu bitavye ku bwinshi amatora yo ku wa 29 Ruheshi 2015 kugira bitorere abajenama b’amakomine n’abashingamateka n’ubwo imitego bahuye nayo itari mike, mu mihana iwabo no ku nzira bagiye baracamwo bagiye gutora, izo nzitizi zikaba zagiye ziribonekeza mu majambo y’iterabwoba, eka no gushaka guhitana ubuzima bw’uwo wese yashaka kuja gutora.

 

  1.  Urashimira Imbonerakure zo zerekanye ukwihangana kudasanzwe mu kudasubiriza mu ndumane ababasomborotsa bose, iyo nayo ikaba ari imwe mu nzira ziganisha ku ntsinzi. Barahagarariye amahoro, abadashaka amatora bariko barahiga, bariko barabaremeka inteba ishushe, babagereranya na ya migwi y’iterabwoba. Ariko barihanganye baremera ako gasuzuguro no gusigwa iceyi kugira ngo amatora agende neza. Uko kwitanga kuzobere abandi akarorero.

 

  1. Urashimira inzego zijejwe umutekano atako zitagize kugira amatora yo ku wa 29 Ruheshi 2015 agende neza n’ubwo hariho indimi mbi n’amajambo mabi nk’aya shetani yo kubakwegera mu migumuko gutyo nka kwakundi abavukagihugu babure ababakingira; umutekano uhungabane bace bitwaza ngo amatora ntakibaye.Ukwitanga kwabo haba hagati canke hanze mu gihugu ubere umwambiro w’abarundi bakunda demokarasi mu guharanira amahoro n’umutekano kuko arivyo biheza bikadushikana mu kunywana kwiza kw’abenegihugu, ku butegetsi bwiza no kwiterambere rirama.

 

  1.  Urakengurukira umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI wo, ku buryo budasanzwe kandi buteye igomwe watunganije amatora mu gihe c’ibikorwa vya politike kidasanzwe nk’uko amatora akorwa mu bihugu vyateye imbere, abakunzi ba demokarasi bakaba babakeje kuri ico gikorwa kandi bakaba babateye intege kugira bame na ntaryo bame batera imbere nk’umuzinga mu vyiyumviro vyabo bikomeye vyo guharanira demokarasi no gutunganiriza Abenegihugu.

 

  1.  Urakengurukiye kandi igihugu ca  Repuburika ya Afrika  y’Epfo, ica Repuburika yunze ubumwe ya Tanzania, Repuburika ya Kenya na Repuburika y’Ubuganda kuba ababiserukira i  Bujumbura mu Burundi barasohoye itangazo, aho bakeje wa mugwi utunganya amatora CENI kuba waratunganije neza amatora ya mbere y’abajenama b’amakomine n’ay’abashingamateka yo ku wa 29 Ruheshi 2015 mu mwidegemvyo ntangere, ku mugaragaro, mu mahoro ata wukumiriwe mubo vyega, ivyo bikaba vyerekanye ko abenegihugu bari banyotewe amatora kandi ko banyengeterewe n’ivyiyumviro vya demokarasi.Urakengurukiye kandi bimwe bivuye ku mutima n’ibindi bihugu be n’amashirahamwe mpuzamakungu vyagiye biramenyesha ko bishigikiye Uburundi na canecane mu gutera intege Abenegihugu bakunda demokarasi mu gikorwa barimwo co kwishiriraho indongozi babicishije mu matora.

 

  1.  Urashimira cane  bimwe bivuye ku mutima amashirahamwe amweamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’ay’abihebeye Imana yemeye guherekeza amatora no kuba abarorerezi bayo  mu kuyakurikirana ido n’ido ku biro vy’amatora, guhera mu gaturuturu kuri urya munsi w’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2015 igihe abenegihugu bari baramutse bitorera abajenama b’amakomine hamwe n’abashingamateka. Turabateye intege kandi tubamenyeshako berekanye ububasha n’ubushobozi, tukabona ko ata nkeka mu minsi iri imbere bashobora kuzoba babitumwako mu kurorera amatora muri ako kazi haba mu Burundi no mu bindi bihugu.

 

  1. Urashimira bimwe bivuye ku mutima abakenyezi muri rusangi na cane cane Abakenyererarugamba tuzi neza ko aribo bagize igice kinini mu bavuka gihugu, bakaba baritanze bimwe biboneka mu kwima amatwi bamwe badashaka amatora baguma umwanya wose bariko baratera ubwoba canke bakwiragiza ibihuha kugira ngo amatora ntabe, ariko  mu mu gatondo ka kare, ku bwinshi ntangere, basidukanye n’iyonka  baja ku bibanza vy’amatora kandi aho abenshi muri bo  bagiye ataco barafungura kubera ukuzinduka cane, bashize imbere rya shaka  n’inyota vyo kwitorera abazobaserukira mu bajenama b’amakomine n’ay’abashingamateka.

 

  1. Urashimiye bimwe biboneka abamenyeshamakuru bashoboye gukorera mu runani, bakwiragira imihingo yose y’igihugu, bashikiriza ivyariko biraba ikibiriraho mu gihugu cose kandi hariho abiyita babitumwako bahora bavuga ngo “ntawundi ashoboye uretse twebwe” bari barigiriye kwitemberera mu bindi bihugu bibaza ko batahari ntagashoboka. Abamenyeshamakuru baraye rero berekanye ubudasa kuko bakoze mu mahoro, mu mutekano ntangere no mu mwidegemvyo ntangere, Abenegihugu barashima. Barahesheje iteka umwuga wabo, nabo baritera agateka kuko batatanye ikivi c’amatora Abenegihugu.

 

  1. Urashima bimwe bivuye ku mutima abarorerezi b’amatora barungitswe n’imigambwe kuba baratsinze inzara n’inyota, batsinda uburuhe n’itiro aho hose kubera urukundo bafitiye demokarasi mu mu gihugu cabo no mu migambwe yabo. Barerekanye ugushaka kudasanzwe mu kwishingira inzego no mu kwitorera abazirongoye biciye mu matora. Ako karorero batanze kaze gahanahanwe mu bana b’Uburundi kuko ari ikimenyetso kimwe mu gukunda igihugu.

 

  1. Urashimira kandi ibihugu bibanyi vyakiriye impunzi zahungiyeyo kubera ibihuha bica ivutu vyashikirizwa n’ababanyepolitike, amaradiyo  n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike badashaka amatora. Uboneyeho gusaba ivyo bihugu gufasha mu gikorwa co guhungura izo mpunzi mu kubereka ko amahoro ariho mu gihugu bongere batore indongozi bishakira, kanatsinda inzira y’amatora ariyo ituma abantu bashikira ubutegetsi muri demokarasi. Uboneyeho n’akaryo ko gushimira Abarundi babonye ko bari bahenzwe none bahisemwe guhunguka.

Twisunze ivyo vyose bishikirijwe aho haruguru, umugambwe CNDD-FDD urasavye:

 1. Ku benegihugu na cane cane Abagumyabanga:
Kuguma bafatanye mu nda, mu mahoro n’umutekano ntangere, kuko ari kimwe mu bimenyetso vy’aho demokarasi yashinze imizi.

2. ku mbonerakure:
Kwirinda no kudasubiza ababasotora kuko ukwihangana ari imwe mu nzira  ziganisha ku ntsinzi, ikaba kandi ari inyishu nziza ku badashaka amatora n’abama bipfuriza Uburundi, Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako kurwa mu manga.

3.  Ku migambwe ya politike:
-Kwisunga na ntaryo amahoro no gushira imbere imigambi y’iterambere mu gihe iyo migambwe itandukanye iba iriko irahiganwa imbere y’abayitora kugirango babacire urubanza. Basabwa kwama bisunga ingingo nyamukuru  igenga demokarasi  “umuntu umwe n’ijwi rimwe.”
– Kwamana ku mutima iri jambo rivuga ko ubutegetsi bwose butangwa n’abenegihugu mu bihugu vyose biri muri demokarasi twisunze ingingo ya 6 yo mw’ibwirizwa nshingiro ryo ku wa 18 Ntwarante 2005,
-Kwigisha badahengeshanya ukwihanganiranira, ukubana neza n’ubuvandimwe mu banywanyi b’imigambwe yabo, bigasigura ko ata muntu n’umwe arekuriwe kwanka umuvukanyi wiwe ngo ni uko badasangiye umugambwe. Bisigura rero ko ata kwitiranya umuntu n’umugambwe arimwo.
-Kwubahiriza  iminsi yose ivyavuye mu matora, bagashira aho intahe yashize.

4. Kuri Reta y’Uburundi:
– Kubandanya umugambi wo kunywanisha Abarundi, uwo mugambi nawo ukaba wisunga amahoro n’umutekano mu gihugu.
-Gushira ahabona ukuri mu ngorane zagiye zirashikira Uburundi kugira ivyabaye bimenyekane biciye muri wa mugwi wo kurondera ukuri no kunywanisha abarundi (CVR) ariko hagasabwa ko ubutungane bukora vuba na bwango kugira ukuri kumenyekane ku bakoze ibibi muri iyi migumuko ihitiye, kuva ku wa 26 Ndamukiza 2015 gushika uno munsi.
– Kwegera abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kugira babasigurire kandi uko ibibazo biteye mu gihugu na cane cane ugushaka kw’Abenegihugu mu kwishiriraho inzego zibarongora aho bamwebamwe babandanya bibaza ko amatora ari umukino w’abarongoye Abagumyabanga gusa.
-Kutemera kwumviriza canke gushigikira abadashaka amatora baba Abarundi canke abanyamahanga basaba ko ikirangaminsi c’amatora y’Umukuru w’igihugu cigizwa inyuma, kugirango bahave bavuga ko umukuru w’igihugu yahemutse, yarenze kw’ibwirizwa nshingiro mu gihe ibiringo vyohera atawuratorwa.
– Gutunganya inyigisho nkarishabwenge ku bijanye no gukurikirana amatora ku barorerezi b’amatora bo mu gihugu c’Uburundi kugira bazoshobore kuba ba bitumwako no mu makungu.
5.  Ku makungu:
Kwibuka y’uko imibano y’ibihugu yama ihagaze mu kwubahana na cane cane mu kudahonyanga ukwigenga kw’igihugu, hatibagiwe ukureka kwivanga mu bibazo vyo hagati mu bihugu vyikukiye. Muri iyo ntumbero rero ukwihitiramwo indongozi kwakozwe n’abenegihugu na cane cane abakunzi ba demokarasi kuri ya tariki ya 29 Ruheshi 2015 nta n’umwe ategerezwa kubisubiza inyuma canke ngo yanke ivyavuyemwo, kuko hisunzwe inzira y’amatora nk’uko mu bindi bihugu bigengwa na demokarasi bimeze.
6. Kw’ishirahamwe mpuzamakungu  ONU:
Kwibukako amasezerano yo kwumvikana yatumye MENUB iza gukorera mu Burundi akaba yateweko umukono hagati ya Reta y’Uburundi n’ico gisata ca ONU mu Burundi MENUB i Bujumbura adaha uburenganzira na bumwe ico gisata bwo kwemeza canke guhakana ibiva mu matora yo mu 2015; ivyo vyega umugwi ujejwe amatora CENI na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro gusa. Ivyo MENUB yotangaza bitandukanye n’ayo masezerano ntaho vyoba bifatiye.
-Gusubiriza Abdoulaye Bathily yari yagenywe n’Umunyamabanga mukuru wa ONU kuba umuhuza mu biganiro hagati y’abanyepolitike bo mu Burundi ngo asubirire Saïd Dginnit. Uyo Muhuza yarerekanye inyifato itabereye agishika mu gihugu mu kwanka kubonana n’Abayobozi b’igihugu duhereye ku Mukuru w’Igihugu nk’uko umengo yari yinjiye mu gihugu kitikukiye ahubwo yaciye yihutira kubonana n’abaserukira ibihugu vyabo be n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Iyo nyifato yo guhonyanga ubwigenge bw’igihugu n’ugushaka kw’Abenegihugu yaragaragariye kandi mu majambo akomeye yagiye avuga mu maradiyo yo mu gihugu n’ayo hanze, asigura ko Abenegihugu badafise uburengenzira bwo kwitorera abo bashaka, na cane cane Abagumyabanga. Ikindi ni uko atigeze yipfuza ko amatora aba ku bihe vyashizweho n’inzego zibijejwe, ahubwo aza kwishira mu kibanza c’iyindi CENI itazwi yo kurwanya ibikorwa vy’umugwi CENI utegekanijwe n’ibwirizwa nshingiro. Uretse n’ivyo, uwo Muhuza Bathily yari yakoze ukwo ashoboye kugira ngo abuze MENUB kurungika indorerezi zayo gukurikirana amatora y’abajenama ba komine n’abashingamateka kw’itariki ya 29 Ruheshi 2015. Ivyo vyose rero bitumye Umugambwe CNDD-FDD utangariza icese Abarundi n’amakungu ko ukuye icizere kuri uwo Muhuza Bathily ukamusaba gutanga imihoho kuko akazi kiwe yakishe kataratangura.
7.Ku mugwi wo gutunganya amatora CENI
Kubandanya bakora, baja imbere mu vyiyumviro vy’abagize uwo mugwi vyo guharanira demokarasi no gutunganiriza Abenegihugu n’ubuhinga bukomeye. Akarorero kerekanywe ni ako gushima.  Barerekanye ukuri aho icirabura bavuga ko cirabura, icera bakerekana ko cera; bitandukanye na bamwe bita kimwe ikindi.  Ni bakore rero bashimwe, kandi bashimirwe kuko ico gitego baraye bagitsinze.
8.Ku bamenyeshamakuru :
Kubandanya batera imbere nk’umuzinga kuko twarabonye ko bafise ububasha bwo gukora neza, twisunze ingene bakoranye neza mu runani rw’ibimenyeshamakuru mu gihe bariko bakurikirana amatora yo ku wa 29 Ruheshi 2015 mu gihugu cose, bakaba barabikoze Abenegihugu na canecane abakunzi ba demokarasi barashima, nibabandanye ukwo no mu yandi matora yimirije.
9.Ku barorezi barungitswe n’imigambwe itandukanye:
Kubandanya bitunganya neza kugira bazokurikirane neza amatora yimirije. Bwabaye ubwa mbere kuri benshi bakora ico gikorwa. Ariko n’ubwo bari bashasha barerekanye ko bashoboye ku buryo bogereranywa n’indorerezi mvamakungu.

Umugambwe CNDD-FDD muri make ntiworangiza iri tangazo utamenyesheje ko n’aho ukwikukira kwabonetse, gutegerezwa kuvomerwa ku munsi ku munsi. Inzira yo gucamwo kugira inyishu iboneke ikaba ari iyo gutsimbataza  umutekano, amahoro n’ubumwe bw’Abarundi. Ukwitorera mu mwidegemvyo ntangere inzego zirongora abenegihugu ukaba ari umugozi woguhambira amahoro, umutekano n’ukunywana kw’Abarundi be n’iterambere. Ni naco gituma Abenegihugu bo mu Burundi bahamagariwe gusidukana n’iyonka kugira bazoje kwitorera Umukuru w’igihugu ku munsi wa gatatu, kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2015. Uwo mu girwa wo kwitorera indongozi uzoba ubaye ubugira kandi, mu kugaragaza ishaka ry’Abenegihugu bo mu Burundi kwitera agateka mu makungu.

         Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 05 Mukakaro 2015

                   Umushingamateka Pascal Nyabena
Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

5 juillet 2015

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *