Amatangazo

ITANGAZO N° 017/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYEREKEYE IBIHE VY’IMYIYAMAMAZO RYO KU WA 22 RUSAMA 2015

UMUGAMBWE CNDD-FDD UREMEZA KO ATACOBUZA KO AMATORA ABA KUKO UMUTEKANO URAKWIYE

ITANGAZO N° 017/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYEREKEYE IBIHE VY’IMYIYAMAMAZO RYO KU WA 22 RUSAMA 2015 UMUGAMBWE CNDD-FDD UREMEZA KO ATACOBUZA KO AMATORA ABA KUKO UMUTEKANO URAKWIYE Inyuma y’aho abanyepolitike bamwe bamwe ndetse n’abarongoye amashirahamwe avuga ko ataho yegamiye mu vya politike yihaye kugumura no gukwiragiza ibihuha atakindi bigamije atari ugutera ubwoba abenegihugu muri bino bihe vy’amatora tugezemwo, umugambwe CNDD-FDD washimye gusohora iri tanganzo kugira uhumurize Abarundi wongere wemeze icese ko atacobuza ko amatora aba muri kino gihugu, ko umutekano ukwiye n’aho hari amakaritiye amwe amwe yihaye ibara mu kugumura urwaruka ruri ku rushi ngo rwonone rwongere rubuze abenegihugu bari batekanye gutonda ku mirimo yabo ya misi yose. Umugambwe CNDD-FDD umenyesheje kandi Abarundi n’amakungu ibi bikurikira: 1. Umugambwe CNDD –FDD uramenyesheje ko ushima ingingo yaraye ifashwe yo kwongera ikiringo co kwiyamamaza ku matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka, yungururijwe kw’itariki 5 ruheshi uyu mwaka nyene, ukwiyamamaza kukaba kwongewe iminsi cumi yose aho kuzorangira itariki 2 za Ruheshi nyene. Umugambwe CNDD –FDD uramenyesha kandi ko naho biri uko, wowo utigeze uhagarika kwiyamamaza mu gihugu cose, ugahamagarira iyindi migambwe kuwufatirako akarorero. 2. Umugambwe CNDD-FDD uriyamiriza abanyepolitike bamwe bamwe biboneka ko gushika n’ubu bakirota guta igihugu mu kaga, aha ubona ko nka Rwasa Agathon, avuga ngo amatora ntashoboka bitumwe n’umutekano muke, kandi ariko ariyamamaza, vyibonekeza neza ko umutekano ukwiye mu bice nka vyose vy’igihugu kiretse mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura. 3. Umugambwe CNDD-FDD wagomba wibutse Abarundi n’amakungu ko mu mwaka w’2005 amatora yabaye ukuri kwamye kandi abarwanyi bahabwa amategeko n’uwo Rwasa Agathon nyene birirwa bararasa, ndetse no ku musi w’amatora bazindutse bararasa. Uko ibintu vyifashe ubu, ntaho bisa bisana n’ico gihe, Abarundi borema, ubu ni amahoro, nabo nyene baravyibonera. 4. Ku binjanye n’amaradiyo, umugambwe CNDD-FDD uributsa ko mu mwaka w’1993, mu Burundi habaye amatora kandi havuga iradiyo imwe y’igihugu gusa, ivyo ntivyigeze na gatoya bihagarika kwinjira mu matora nyezina yo kwitorera indongozi. Kira noneho uretse amaradiyo yahuye n’ingorane kuko yariko arakokeza ku bijanye no gutembagaza ubutegetsi, ayandi maradiyo yose arakora ukuri kwamye. Bibaye ngombwa, mu kurundira ko amatohoza ahera ku vyerekeye ayo maradiyo, ca kigo c’abamenyeshamakuru (maison de la presse) cohabwa ibikoresho bikwiye kikaba kirakora. 5. Kukaba nk’ako, umugambwe CNDD-FDD uremeza neza ko uwifuza kugira ico ashikirije ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu atobura aho agishikiririza. Ni naco gituma abavuga ngo amaradiyo arugawe ngo berekane ko amatora adashoboka mu gihugu cacu c’Uburundi ari icitwazo, ivyo bikerekana neza ko bakirota canke bacifuza za nzira ataho zoshikana uburundi, atari mu ntwaro mfatakibanza. 6. Umugambwe CNDD-FDD nturota usubira inyuma mu nzira ya demokarasi abarundi bahisemwo kugira umutekano kuri bose, amahoro n’iterambere kuri bose vyubahirizwe. 7. Ku bijanye n’abarundi benewacu batewe ubwoba n’ibihuha bagahunga, Umugambwe CNDD-FDD wagire ufatire ku karorero ka hafi umenyeshe ko atari ubwambere Abarundi baja mu matora hari impunzi ziri hanze y’igihugu. Twovuga nko muri 2010 aho hari hakiri abarundi bashika ibihumbi amajana abiri (200 000) batari bwatahe umuntu aravye abarundi basubiye guhunga muri ino minsi hari ubudasa bunini cane ku buryo kitoba icitwazo c’uko ata matora yoba, kandi tuzi neza ko atawundi muti w’ingorane iki gihugu gifise uno musi atari ayo matora nyene. N’ukuvuga ko habaye amatora ari naho abo bahunze bohunguka 8. Umugambwe CNDD-FDD ubona neza ko bigaragara ko Abarundi benshi mu ntara zose zigize igihugu batekanye. Aho naho hari akaguma gaterwa n’abo banyepolitike nyene badashaka amatora ari nabo bosha urwaruka ngo ruje mu mabarabara bigatuma baronka ivyitwazo vyo kuvuga ngo umutekano ntukwiye, Umugambwe CNDD-FDD ubahamagarira kwikubita agashi bareke kwonona kazoza k’ugwo rwaruka, Burundi bw’ejo n’ubwubu, kuko ejo aho bukera bazicuza. 9. Umugambwe CNDD-FDD urasubiye gushimira amakungu ndetse n’amashirahamwe mpuzamakungu, bo badahengeshanya gukwirikiranira hafi ibibazo vy’Uburundi no mu gushikikira itegurwa ry’amatora mu Burundi. 10. Umugambwe CNDD-FDD usaba amakungu kwirinda guhengama, maze bakwirikirane neza kandi bumvirize ibibazo vy’Uburundi, kandi bame bibuka ko Uburundi ari igihugu cikukiye kandi kiramutswa intahe n’abagabo 11. Umugambwe CNDD-FDD usubiye kwemerera Abarundi n’amakungu ko ataco utazokora kugira ngo amatora abe kandi agende neza cane nk’uko Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi, Petero Nkurunziza akunze kubitangaza icese. 12. Umugambwe CNDD-FDD uributsa abanywanyi bawo, kwirinda agasotoro, gufatana mu nda, no kubandanya imyiyamamazo, maze itsinzi itagabanije, itahe mu Bagumyabanga. Bujumbura, ku wa 22 Rusama 2015 Umushingamateka Pascal NYABENDA Umukuru w’umugambwe
22 mai 2015

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *