Samuragwa: Abanyamwaro barazi ico demokarasi ivuga kurusha abandi
Actualité, Espace Presse

Samuragwa: Abanyamwaro barazi ico demokarasi ivuga kurusha abandi

 

Mu myiyamamazo yabereye muri komine Kayokwe, intara ya Mwaro, Nyakubahwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye, umukandida Umugambwe CNDD-FDD washize imbere ngo azitoze mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, mu matora yo ku wa 20 Ndamukiza 2020, yamenyesheje ko abanya Mwaro bazi demokarasi kurusha abandi, bazi n’agaciro kayo, kubera ko uwatanguye guharanira demokarasi yavukiye mu ntara ya Mwaro kandi atako aranayigura.

 

Agaruka ku vyiza Umugambwe CNDD-FDD umaze kurangurira mu ntara ya Mwaro, Samuragwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye, yamenyesheje ko kubera umugambi wa Reta wo gutanga ifumbire ku giciro kitavuna, ahahora hatamera ikintu na kimwe, ubu hari imirima iteye igomwe.

 

Ku bijanye n’iterambere ry’intara, Samuragwa yamenyesheje ko ubu Mwaro ari nyabagendwa kubera ibarabara ry’ikaburimbo ryahashitse; vyongeye, ku ntwaro ya CNDD-FDD mu ntara ya Mwaro harubatswe inyubakwa ziteye igomwe, nk’inzu zakira ba mukera rugendo zikunze kwitwa amahoteri.

 

Mu bijanye n’uburimyi, aho intara ya Mwaro isanzwe ifise akabirya mu kurima cane igiterwa c’icaci, Samuragwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye, yabemereye ko umugambwe CNDD-FDD ugiye kubagwiriza amahinguriro, azohingura ivyo twimbura, ati: “Hagiye kugwiza inguvu n’ubuhinga mu kurima icayi, kuko n’amahinguriro y’icayi azoca aboneraho, nayo nyene agwizwe, ivyo kurima icayi kikabajumbirako, tubisezerere.”

 

Nyakubahwa Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye yamenyesheje kandi ko mu migambi umugambwe CNDD-FDD washize imbere harimwo uguha agaciro sentare zo ku mugina, kanatsinda nibo bazi inkomoko z’amatati abenegihugu bafise, sentare y’intango ikazoza irakorera ku vyo sentare yo ku mugina izoba yashitseko. Ico co guha agaciro sentare yo ku mugina kikaba kije nk’inyishu ku matati y’amatongo ateye isibe mu ntara ya Mwaro.

 

 

Renovat Nimbona

 

 

 

28 avril 2020

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *