ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIKEZA ABARUNDI KU NTAMBWE Y’UKWIYEMEREZA IBWIRIZWA NSHINGIRO RY’UBURUNDI.
Actualité, Amatangazo, Espace Presse

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIKEZA ABARUNDI KU NTAMBWE Y’UKWIYEMEREZA IBWIRIZWA NSHINGIRO RY’UBURUNDI.

 

 

Ku bw’Imana Rugiravyose, Nyene impuhwe n’urukundo n’ikigongwe,

Kw’izina ry’abagumyabanga bose bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, Ndi n’iteka n’akanyamuneza ntangere ko gukeza abarundi bose bitavye ku bwinshi bakitorera mu muco umutima uri mu nda bemeza ibwirizwa nshingiro rihihanyuye ku biharuro bishimishije cane.

Igenekerezo rya 17 ni umusi udasanzwe ku bagumyabanga, ku barundi bose no ku gihugu cacu c’Uburundi.  Twaraye twiteye iteka ntangere, mukwicira inzira ya kazoza kacu, kazoza k’abana bacu, abuzukuru n’abuzukuruza.

Intsinzi yaraye ibonetse si intsinzi y’Umugambwe uyu canke uriya; ni intsinzi y’abarundi bose.

Uno munsi rero ni akaryo keza ko gukeza no gukengurukira Abarundi bose bazindutse umuseke bagatora atagahato, mu bwitonzi no mu gusoneranira nkuko twari twabibisezeranye igihe twariko turitegurira ico gikorwa.

Iki ni ikimenyetso kitabesha cerekana ko demokarasi imaze gushinga imizi mu gihugu cacu. Turabakeje kandi turabashimiye bivuye ku mutima ku butwari baraye berekanye.

Mu kwitaba aya matora ku rugezo rushimishije rwa 96,24% ni igikorwa c’iteka gihambaye kigaragaza ko Abarundi banyuzwe na Demokarasi.

Ni kandi ikimenyetso ntabesha ko Abarundi bamaze gutahura ko kazoza kari mu minwe yabo, ico naco kikaba ari icemezo kiranga ukwikukira kw’igihugu cacu.

Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho n’akaryo ko kumenyesha ko washimishijwe n’ihiganwa ryabaye hagati ya EGO na OYA. Ugakenguruka ko n’abo tutari duhuje ivyumviro bashirutse ubute, bakigisha abarundi ivyo biyumvira kugirango haboneke akaryo ko guha umurundi wese umwanya wo kwerekana ikiri ku mutima atagitsure.

Tubipfurije  kubandanya ingendo ya demokarasi mu kwemera aho intahe ishize. Intsinzi ya EGO ni intsinzi yabo nabo nyene kuko aho bukera Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu akarishirako umukono, rizoba ibwirizwa nshingiro ry’abarundi bose, abatoye OYA n’abatoye EGO.

Turashimye ibitigiri vyaraye bitanganjwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI aho abenegihugu bemeje ibwirizwa nshingiro bagera ku bice 73,26% abarihakanye bakangana 19,34% amajwi y’impfagusa akaba 4,11% nayo abo ataco babivuzeko bakangana na 3,28%.

Intambwe rero tugezeko uno musi, ni ikimenyetso gikomeye kandi kiremesha, cerekana yuko Abarundi twisununuye dupfundika ijambo ntabanduka ku bijanye n’ingene dushaka kurongorwa.

Igenekerezo rya 17 rusama 2018 ryinjiye mu masango ntibagiranwa mu gihugu c’Uburundi, ni umunsi w’intsinzi ya demokarasi nyakuri, intsinzi y’ineza y’abenegihugu twamye duharanira, ni icibutso c’ukwikukira burundu kw’igihugu cacu.

Iri bwirizwa nshingiro abarundi twaraye twiyemereje rikomoka kw’ishaka ryacu, rishingiye ku vyiyumviro vyacu twashikirije mu biganiro vyaduhuje nk’abarundi ata numwe akumiriwe. Ivyo biganiro vyashitse ku bikomeye, turakeje reta y’Uburundi atakwo itagira kugira ijwi ry’umwenegihugu ryumvirwe.

Turashimiye Leta y’Uburundi itirengagije ishaka ry’abenegihugu berekanye mu biganiro bidakumira. Tukaba dukenguruka ko yategereye ko umwenegihugu ariwe afise ijambo rya nyuma mu gihugu.

Turayishimira ku mwete n’ubwira yakoresheje mu kurungika intumwa zayo mu igihugu cose kugira zereke abarundi ko ivyo basavye vyashizwe mw’ibwirizwa nshingiro.

Turakeje kandi umurwi w’abahinga watosoye neza ugatondeka ivyiyumviro abenegihugu twari twashikirije.

Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko kwibutsa ushigikiye ko ibiganiro vyokwama ari akaranga k’abarundi, kanatsinda bimaze gushikana abeneburundi kuri vyinshi kandi vyiza.

Aha twokwibuka nk’ishingwa ry’urwego rw’ihuriro ry’imigambwe aho abanyepolitike baronkera akaryo ko kuganira ibijanye n’ubuzima bw’igihugu.

Umugambwe CNDD-FDD uhamagariye abanyepolitike, nk’incambwenge zirongora abandi mu vyiyumviro, kubandanya baja inama n’ingingo ariko ko batobona mu biganiro amagaburanyama. Ibiganiro ngirakamaro ni ibiza bizamura ubutunzi, birondera kwisununura kw’abenegihugu, birondera ingene umwimbu wokwongerekana, ingene akazi kokwongerekana, abarundi baronke ivyo basabikanya na kare abakurambere barayamaze ngo “abasangiye ubusa bitana ibisambo” kandi ngo” Aharaye inzara hakazinduka inzigo”.

Ni twaba dushaka kuvavanura n’indyane, ivyo ni vyo biganiro bikenewe; vyovyo bizanira akarusho abenegihugu.

Umugambwe CNDD-FDD urabona ko itorwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha ari intambwe ikomeye muri demokarasi abanyepolitique badashobora gufata minenerwe. Nico gituma ibiganiro biba hagati yabo navyo nyene vyoba ivyo gukomeza iyo Demokarasi.

Ni muri iyo ntumbero bibereye ko, inyuma y’itorwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha, abanyepolitike boca bafata ingingo,  basubire kwicarana vuba kugira ngo batunganye inzira izodushikana ku matora y’ i 2020.

Mu gushigikira iyi ntsinzi twaraye turonse, Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira abagumyabanga n’abarundi bose kubumbatira amahoro kugendera mu bwitonzi no gusoneranira mu butandukane bw’ivyiyumviro, ntihagire abikekana canke bagenzanya ngo uwu yatoye Ego canke yatoye Oya.

Hisunzwe ingingo zapfunditswe na komite nkuru y’umugambwe muri Ntwarante 2018, Umugambwe CNDD-FDD urasubiye kugabisha uwo wese azorota aryanisha abangumyabanga yitwaje ubwoko, igikenye, igihagararo n’ibindi. Tugiriyeko twiyamiriza politike z’ibinyoma, z’ibihuha, zo kuryanisha abonse rimwe, politike zishingiye ku ntara, ku moko no kuri mpinga yanje zigacibwa mu gihugu cacu.

 

Mukurangiza, Umugambwe CNDD-FDD urakengurukiye abateguye amatora n’abo bose bagize uruhara kugirango agende neza: Umugwi wigenga ujejwe amatora (CENI), abajejwe intwaro ku ngero zose, inzego z’ubutungane, inzego zijejwe umutekano n’ukwivuna abansi,bakoze ijoro n’umurango kugira amatora agende neza atagatosi, mu muco, kumugaragaro no mu mutekano ntangere.

Umugambwe CNDD-FDD urakengurukiye abamenyeshamakuru bagiye hamwe ari amaradiyo 15 bakazinduka bakongera bakarara ijoro badushikiriza ku mwanya ku mwanya ingene amatora ariko aragenda, babikora no mu zindi ndimi kugira n’abanyamahanga bashobore kubikurikirana atankomanzi.

 

Turakengurukiye imigambwe n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, n’abo bose bitanze mu gukwirikiranira hafi ukuntu amatora yariko aragenda mu gihugu cose, ni ivyabona vyemeza inkuru y’imvaho, yuko amatora yabaye mu mwidegemvyo kandi ku mugaragaro.

 

Umugambwe CNDD-FDD ukaba kandi usaba abarundi bose kuguma bafatanye mu nda bagize urunani rw’intamenwa mu kubumbatira amahoro, nayo demokarasi mu Burundi ntizokwigere ibaca mu myanya y’intoke.

 

 

 

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 22 Rusama 2018

Evariste NDAYISHIMIYE

Umunyamabanga Mukuru

22 mai 2018

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *