Amatangazo

Ijambo rishikirijwe abagumyabanga ku musi wo kwigina umwaka mushasha w’2016

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD,

Kuri uyu musi uri hejuru, igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2016, abagumyabanga bo mu mihingo yose y’igihugu basidukanye n’iyonka kugira biginane mu kwipfurizanya umwaka mushasha tumaze imisi twinjiyemwo wa 2016.

Nk’uko bisanzwe ari umugenzo mu mugambwe CNDD-FDD, uko umwaka utashe mu ntango z’umwaka haraba umugirwa wo kwipfurizanya umwaka ku bagumyabanga mu makomine yose agize igihugu cacu c’Uburundi. Ni ku bw’iyo ntumbero ubuserukizi bukuru bwafashe kano kanya keza kugira bugire ico bushikirije abagumyabanga, abarundi bose mbere n’amakungu.

Bagumyabanga,
Bakenyererarugamba,
Mbonerakure,
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD,

1.Imbere ya vyose, twagira tubanze dushimire Imana Mushoboravyose yo yashishikaye kutubungabungira no kutuzigamira UBURUNDI bwacu yo mpetso iduhetse twese; ikaburinda ibihuhusi n’abansi bari babugeramiye guhera mu ntango z’umwaka wa 2015. Nihabwe icubahiro, nihangame mu bwami bwayo!

2. Ntitworeka kandi gushimira bimwe bivuye ku mutima abarundi bose b’umutima cane cane abagumyabanga bo bigumije bakifata rugabo mu kubandanya bateramiye amahoro n’umutekano bafatanye mu nda nk’abavandimwe mu bihe bigoye vy’amagereragezwa igihugu gihitiyemwo. Ubuserukizi bukuru burabakeje, muragahora murtyo, maze mushishikare gutangaza abanyamahanga n’abandi babandanya kwihenda ku Burundi n’abarundi.
3. Abandi dushimiye cane kandi twivuye inyuma, n’indongozi z’igihugu cacu duhereye kuri kizigenza wacu Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA, we yaserutse rukamvye akaremesha abarundi mu guhagararira igihugu atajugumbwa maze abansi ba Demokarasi barateshwa barata, inyankaburundi nazo zikwira imyonga n’amashamba kuko zari zihumuye ku ntwari zitwaza ukuri n’ingingo, bituma abitwaje irementanya, ikinyoma n’ingimba batatana , barashwiragira atawujanye n’uwundi.

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD;

4.Uwovuga ivyiza vyose vyakozwe n’intwari zatabaye uburundi ntiyobiheza! Ariko ntawokwiyobagiza ubugabo, ubutwari n’ubuhizi vyaranze inzego z’umutekano no kwivuna abansi z’igihugu cacu aho izo nzego zagarukiye Uburundi bugeramiwe na ba sesankuyoze na mpemayuzuye bari bakenyereye kubuta mu manga Imana igakinga! Tuboneyeho rero kano kanya keza kugira dushimire bimwe bivuye ku mutima abahurikiye mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi twongere tubakeze ku gikorwa c’iteka berekanye mu guhosha imigumuko n’ubwitonzi ntangere, gutyo bakaba barasimvye imitego yari yatezwe, umwansi akaba ariwe ayigwamo! Turabakeje rero. Twagomba tubasabe mu vyubahiro vyanyu, muve hasi tumare umunota umwe w’agacerere, twibuke ingabo zacu zaguye ku rubuga n’abandi benegihugu bapfuye bazira imigumuko n’ubundi bwicanyi butagira izina bwagiye burakorwa n’imirwi y’abicanyi bitwaje iterabwoba. Imana ibakire mu bwami bwayo

(Murakoze!)

5. Turakeje kandi twongera dushimira bimwe bivuye ku mutima ibihugu vyo mu karere n’amakungu muri rusangi babaye hafi Uburundi mu kubuherekeza batabugenza, maze impanuro n’intererano zabo zigatuma imigambi mibisha n’ingingo z’agahotoro zifatiye ku gacinyizo, akagaye n’agasuzuguro zagiye zirashaka gufatwa n’abacangero b’ibihugu vya rutura bishaka gushikira inyungu zavyo mu Burundi no mu karere bitiyubaye agaciro n’agateka k’abarundi, bidasoneye demokrasi n’ubwigenge bw’ibindi bihugu n’amasezerano mpuzamakungu mu vy’imigenderanire no gufashanya hagati y’ibihugu ziburizwamwo. Abo bose rero bagize uruhara rwo gutabara uburundi n’abarundi mu buryo ubu canke buriya, haba mu Burundi canke hanze yabwo, umwe wese yiyumvemwo ugushima kwacu.

Nico gituma, iruhande yo gushima, tuboneyeho kano karyo keza ko kubipfuriza mwese, abari hafi n’abari kure cane cane abagumyabanga mwese mwitavye uyu mugirwa w’uyu musi, umwaka mwiza muhire w’2016. Uze ubabere umwaka w’amagara meza, imigisha n’intsinzi ku migambi yanyu yose no kuroranirwa mu banyu no mu vyanyu!!

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD;

6.Twatanguye dushima abakoze ineza ku Burundi n’abarundi; Twagomba dufate kano kanya nako kugira tunegure, tugaye twongere dutere ivyatsi ibikorwa bibi vy’agahomerabunwa bihitiye mu gihugu n’ababikoze bose! Aha twohera ku bateguye bakongera bagashira mu ngiro imigumuko, ibitero n’ubundi bubisha bwahekuye abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi, igahitana ababo n’ivyabo atakindi bagamije atari ukunigira mu menshi Demokarasi, mu kuburizamwo amatora n’ivyayavuyemwo nk’uko twabibonye mu myaka ya 1961, 1965, 1993, 2010 kugira ngo mu Burundi habandanye kwiganza intwaro z’ivyaduka zishingiye ku karwi k’abantu bafise ububegito bahuriyeko , na cane cane gusumira inda zabo no gushikira ivyo batabiriye akuya babanje kwisasira imivyimba y’abarundi isinzi.

6.Abandi twashaka kwiyamiriza twivuye inyuma, ku mugaragaro bene umurango bakinje, ni igihugu c’Urwanda n’indongozi zaco, n’âbo basangiye umugambi mubisha ku gihugu cacu, aho vyagaragaye ko ico gihugu c’Urwanda gishaka kwimurira ingorane zaco na kahise kabi kaco hano mu gihugu cacu, uhereye kw’ihonyabwoko, amacakubiri atagira izina, akagaye n’agasuzuguro k’umuce umwe w’abenegihugu, ugukumira no kwangaza abo batavuga rumwe n’ibindi. Ku ndongozi rero z’Urwanda, ivyo vyonyene basanze bidahagije gushika naho barema ibinyoma n’amarementanya yatumye bamwe mu benegihugu b’abarundi bata igihugu cabo barahunga, kugira bikunde baronke abo bigisha bagaha n’ibirwanisho vyo gutera igihugu cabo, hamwe no kwakira, guha indaro n’impanuro mbi abashatse gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 Imana irakinga. Abarongoye ico gihugu, nibo babashigikiye, barabaronsa ibikenewe vyose harimwo amafaranga n’ibirwanisho n’ibindi. Agahomerabunwa rero kuri izo ndongozi z’Urwanda, vyashitse aho umukuru w’ico gihugu ashika ku rugero rwo kwifatira mu gahanga umukuru w’igihugu cacu mugenziwe mu majambo arimwo urupfasoni ruke, nawe nyene nk’umukuru w’igihugu yoba yiyubashe atamutera iteka, no mu kwiyumvamwo yongera yiterera hejuru ko yumva ko yokora ivyo yipfuza vyose ku butaka bw’Uburundi, nkuko womengo igihugu cacu yoba ari nk’imwe mu makomine canke mu mazone agize igihugu c’Urwanda. Aha rero twagomba tubonereho kano karyo ko gukebura indongozi z’igihugu c’Urwanda, tunabamenyesha ko ivyo bamaze kudukorera nk’igihugu kibanyi bihagije nimba bitarenze! Tubasavye kwikubita agashi no kwikebuka kuko abarundi nibo bayamaze bati “Umubanyi mubi angana umurozi”. Nibikebuke bageze aho tubane neza kuko sibo biremye kandi sibo banaremye bwaba Uburundi canke Urwanda.

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD;

7. Kuri uyu musi uri hejuru rero, tuboneyeho akaryo ko gutera akamo abarundi bose, abari mu gihugu n’abari hanze bose na cane cane abagumyabanga, ngo batangure gutegura imyiyerekano yo kwiyamiriza inyifato igayitse y’indongozi z’igihugu c’Urwanda. Ibikorwa dushaka ko bizotangura bigahagarara ari uko abo tuvuze bahinduye ingendo, bagaca bugufi bakamenya ko “Umubanyi mwiza ariwe muryango” kandi ko “Inzu y’umubanyi ihiye, na rwawe iba igeramiwe”; kandi iyo “inkuba irabije ntuvuga ngo mara abansi, n’umukunzi barashobora kujana”.

8.Abandi dutera ivyatsi, ni abiyonkoye ku mugambwe CNDD-FDD babanje kuwuhemukira no kuwugurisha (abo twita aba Frondeurs) n’abandi bangushi bataye umurongo, vyananiye kugendera akarangamutima n’ayandi mategeko agenga umugambwe CNDD-FDD, kubera ububegito n’izindi ngeso mbi zagiye zirabaranga kuva urugamba rwo guhabuza Demokarasi rutangura. Uno musi bariko bata amaboko n’amaguru nk’uwutwawe n’uruzi, bazambira uwo batokwazambiye, bakaba bigize ikiraro umwansi acako mu gusambura igihugu cane cane umugambwe wacu CNDD-FDD n’ubutegetsi buwukomokako. Mbere bamwe muribo baherutse gushinga umugambwe wabo. Nibaje rero mu vyabo ariko bareke gusambagirika barota guhitana umugambwe CNDD-FDD n’abagumyabanga. Ni bitembane kuko ivyo barimwo ntaho bizobashikana; Kanatsinda twarabahinyuye kuko ivyabo vyubakiye ku binyoma n’ubukunzi bw’inda.

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD,

9. Turiko turagaya twongera tunebagura injavyi, ba mpemayuzuye na basesankuyoze, ntitwokwibagira abanyamahanga bamwe bamwe bagize ubuhizi gutoba Uburundi babanje gusenyura ubutakigaruka umugambwe CNDD-FDD babanje kuwutyoza, kuwurementaniriza no kuwambika ibara, bamwe mbere bakaba badaterwa n’isoni zo kwerekana ingendo n’inyifato vyaranze ubukoroni n’izindi ntwaro zo kwiganzira isi zagiye ziraranga ibihugu vyiyita rutura bimwe bimwe muri kahise n’ubu mbere bikaba bitarata hasi iyo ngendo itakijanye n’ibihe tugezemwo. Abo tuvuze, nibo birirwa bararungika abacangero babicishije mu vy’ingwano no mu gukoresha ibinyamakuru bimwe vya karuhariwe mw’irementanya: Aha twovuga nka RFI, France 24, France 3, n’ibindi vyinshi tutiriwe turadondagura. Nibo kandi birirwa barasohora uburyo butagira uko bungana bwo kugura no guherera bamwe mu bahurikiye mu mashirahamwe mpuzamakungu amwe amwe nk’ishirahamwe ry’Ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko (EAC), Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika (UA), Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya (UE) n’ayandi tutarinze kuvuga, maze ngo bikunde ayo mashirahamwe afatire igihugu cacu c’Uburundi ingingo ruhasha kandi za ngondagonde zifatiye ku gahahazo n’agacinyizo. Ni nabo kandi bahenze bamwe twavuga aho hejuru bahurikiye mu mashirahamwe amwe amwe n’imigambwe imwe imwe biroha mu nzira zidashika zokurwanya igihugu babanje gutembagaza ubutegetsi, ubu bakaba bariko barangara nk’abana ba Gahini.

Twaraye tugize Imana kuko ubutungane bw’Uburundi bwaraye busize ku mugaragaro bamwe muri abo babisha; nabo bakaba ari aba bakurikira:

1. BUCUMI Moise

2. BUSOKOZA Bernard

3. Uwahoze ari Général Major NIYOMBARE Godefroid

4. Uwahoze ari Général de Brigade HABARUGIRA Philbert

5. Uwahoze ari Commissaire de Police NGENDAKUMANA Léonard

6. HATUNGIMANA Léonidas (Tout-autre)

7. NDUWIMANA Onésime

8. Uwahoze ari OPC1 BAKUNDUKIZE Liboire

9. Uwahoze ari Commissaire de Police Principale NIBIGIRA Edouard

10. NININAHAZWE Pacifique

11. NDIKUMANA Patrick

12. NSHIMIRIMANA Vital

13. Uwahoze ari Général Major GACIYUBWENGE Pontien

14. SINDAYIGAYA Jean-Claude

15. NDUWIMANA Patrick

16. BARANKITSE Marguerite batazira Magi

17. Bob RUGURIKA

18. NIYONKURU Gilbert

19. BASHIRAHISHIZE Dieudonné

20. NIYONGERE Armel

21. Uwahoze ari Lieutenant Colonel NITEREKA Arcade

22. Uwahoze ari Colonel NSHIMIRIMANA Edouard

23. Uwahoze ari Colonel TWAGIRAYEZU A.M. Zacharie

24. Uwahoze Major NDAYIKEZA Emmanuel

25. MINANI Jérémie

26. MINANI Jean

27. MITABARO Patric

28. NIYUHIRE Anne

29. HAVYARIMANA Arcade

30. MUHOZI Innocent

31. Uwahoze ari Général de Brigade NZEYIMANA Moïse

32. SINDUHIJE Alexis

33. Uwahoze ari Général Major NTIRANYIBAGIRA Jérémie

34. Uwahoze ari Commissaire de Police Chef NABINDIKA Guillaume

Dusavye dushimitse ubutungane bw’Uburundi, mu bwigenge bwabwo, gukora akazi kabwo, amakungu nayo tukayasaba ko yoterera kugira abaronderwa bose bafatwe bashikirizwe ubutungane aho kwihutira kubasabira ibibanza vy’iteka mu biganiro kuko ingingo 2248 y’inama y’umutekano ya ONU irabitomora neza, ihamagarira mu biganiro abarundi ataco bagirizwa mw’ihungabanywa ry’amahoro n’umutekano.

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD ;

10. Kuri uyu musi w’igenekerezo rya 13/02/2016, umugambwe CNDD-FDD washimye gushikiriza aho uhagaze ku bibazo bimwe bimwe bivurwa mu gihugu no kugira ico usavye abarundi n’amakungu. Aho twovuga ibijanye n’ibiganiro vy’abarundi, ihonyabwoko rimaze imisi rivugwa, ikibazo c’umutekano muke mu makaritiye (quartier) amwe amwe agize igisagara ca Bujumbura n’ibindi.

11. Duhereye ku biganiro bihuza abarundi, turashima ingene Leta y’Uburundi yabangutse mu maguru masha igashiraho umurwi CNDI ujejwe kurongora ibiganiro hagati y’abarundi, ubu uwo murwi ukaba uri ku kivi. Turashima kandi n’utwigoro tumaze gukorwa n’umuhuza yagenywe n’akarere ngo akurikirane ikibazo c’Uburundi, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri KAGUTA MUSEVENI. Umugambwe CNDD-FDD urashima kandi ingene mu ntara zitandukanye, abarundi bo mu moko yose bamaze imisi bayaga bongera baterera batarya umunwa ivyiyumviro vyubaka kandi bikomeye bizofasha Uburundi kwogorora no gutsimbataza Demokarasi, amahoro n’ubumwe bw’abarundi. Dusaba rero ibiro vy’umuhuza yagenywe n’ibihugu vy’Akarere gukurikiranira hafi ibiganiro biriko bibera hagati mu gihugu kugira navyo bifashe mu gutegura ibiganiro ku barundi bari hanze bitorohera kwitaba ibiganiro biriko bibera aha mu Burundi vyisunze intumbero y’umurwi CNDI n’abarundi benshi bo bene igihugu, bariko baratunganya ibiyago hagati yabo. Umugambwe CNDD-FDD urasubiye kwiyemeza ko ushigikiye inzira y’ibiganiro, kanatsinda niyo nkingi ya Demokarasi irama n’intwaro ibereye. Ariko rero, umugambwe CNDD-FDD, urasubiriye kumenyesha abarundi n’amakungu, ko abagize uruhara mu migumuko yahavuye ihindukamwo itembagazwa ry’ubutegetsi kuwa 13/5/2015 ko ata kibanza bafise mu biganiro vy’abarundi, ko nyabuna ari ugushengezwa mu maguru masha imbere y’intahe.

12. Ku bijanye n’ihonyabwoko rimaze imisi ryipfuzwa n’abarundi bamwe bamwe ndetse n’abanyamahanga basangiye umugambi ugayitse wo guta uburundi mu kaga, umugambwe CNDD-FDD uvuga ko ihonyabwoko rimaze imisi ryipfurizwa abarundi ko ari urudandazwa ruriko rukwiragizwa nabo rishobora kuba ryaragiriye akamaro muri kahise canke bariko bararikamisha n’ubu, kuko uravye ico ijambo ihonyabwoko (Génocide) risigura, ntirishoboka mu gihugu cacu twisunze uko inzego zitandukanye z’igihugu harimwo n’izijejwe umutekano no kwivuna abansi zubatswe. Umugambwe CNDD-FDD usaba ahubwo ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushira ahabona amatohoza yakozwe ku Burundi ku mahonyabwoko yabaye mu myaka ya 1960, 1961, 1965, 1972, 1988,… kugira ababigizemwo uruhara bashengezwe kandi bakubitwe intahe mu gahanga n’ubutungane mpuzamakungu bujejwe guhana no guhasha ivyaha vy’agahomerabunwa nk’ivyo.

13. Ku kibazo c’umutekano muke urangwa mu duce tumwe tumwe tw’igisagara ca BUJUMBURA, dusanga ari udusigarira tw’imirwi ihitiye itera imigumuko n’umutekano muke mu makaritiye amwe amwe yagumutse, twihaye gukora nk’imirwi y’iterabwoba, kugira ngo ababatumye basa n’abaherewe ku ntumbero bihaye yo gusambura igihugu maze bikunde bagire uruvugiro ku makungu bashishikare kugira igikundiro n’uruvugiro ku bazungu babatumye, kugira bikunde bashikire ivyabananiye biciye mubiganiro vy’amagaburanyama. Aha rero dusaba inzego zijejwe umutekano gukora akazi kazo mu kuvugutira umuti ukwiye kandi ubereye iyo mirwi y’intahaha yitwaje iterabwoba, maze abanyepolitike babahenda nabo berekeze inzira y’ibiganiro abarundi bose barimwo, baciye bugufi nk’abandi benegihugu bose. Naho nyene, hāze mu biganiro abo uruhara rwabo mu guhungabanya amahoro n’umutekano rutagaragara.

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD;

14.Mu gusozera, umugambwe CNDD-FDD umenyesheje abarundi n’amakungu ibi bikurikira:

15. Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye kwiyemeza ko uzobandanya ingendo nziza yo kunywanisha abarundi, guharanira no gutsimbataza demokarasi mu gihugu no gushira imbere ico cose cotuma igihugu cogorora kigasubira ku nzira nziza y’iterambere no gusubiza hamwe abarundi bose.

16.CNDD-FDD urasubiriye kwemerera abarundi n’amakungu ko uzobandanya guhimiriza abarundi na Leta gushishikara gukomeza umubano n’imigenderanire myiza n’ibindi bihugu uhereye ku bihugu bibanyi, no gufashanya gushimikiye ku bwumvikane, kwubahana no kwubahiriza ubwigenge bw’ibihugu hisunzwe amategeko n’amasezerano mpuzamakungu n’izindi nyandiko zigenga imigenderanire hagati y’ibihugu.

17. Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye kwiyemeza kandi ko ataco utazokora kugira amahoro n’umutekano vyiganze ku butaka bwose bw’Uburundi kugira bikunde ko imigambi yashikirijwe abarundi mu matora ya 2015 ishirwe mu ngiro, maze uburundi bubandanye butera intambwe iboneka mw’iterambere rirama no kubandanya urugamba twiyemeje rwokurwanya ubukene.

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD;

18. Ntitworangiza rino jambo tudasubiriye kwibutsa, gukebura no guhimiriza abarundi bose cane cane abagumyabanga, kubandanya murikanuye mu guteramira amahoro, umutekano na Demokarasi kugira umwansi na sesankuyoze bakirota gusubiza abarundi mu maganya n’amarira, ntibaronke aho bamenera.

19. Ubuserukizi bukuru bw’umugambwe CNDD-FDD burasubiriye guhamagarira abarundi bose n’abanyamahanga baba mu Burundi kuja ku kivi no kwitabira ibikorwa vy’iterambere, kugira ingo n’imiryango bive mu bukene, maze igihugu naco kihatorere akoyokwe.

20. Umugambwe CNDD-FDD urateye akamo incuti n’abagenzi b’Uburundi ngo babandanye kububa hafi no kubushigikira. Abahagaritse imfashanyo nabo bakoreye ku makuru atariyo, umugambwe ubasaba ko nabo bokubita agatima mpembero, bakibuka ko abenegihugu b’abarundi ata kosa bakoze mu kwitorera indongozi bipfuza.

Bagumyabanga,

Bakenyererarugamba,

Mbonerakure,

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’umugambwe wacu CNDD-FDD;

21. Ni kuri aya majambo y’umwizero dusozereyeko ijambo ry’uyu musi mukuru wo kwipfurizanya umwaka mushasha wa 2016.

22. Turangije rero tubipfuriza mwese umusi mukuru mwiza n’umwaka mushasha mwiza w’2016, uzobabere umwaka w’amahoro, umwaka w’amata n’ubuki, umwaka wo gutegura iyindi ntsinzi ya 2020.

NIHARAMBE UBURUNDI N’ABARUNDI,

NIHARAMBE ABAGUMYABANGA,

NIHAHANGAME UMUGAMBWE CNDD-FDD;

MURAKOZE!
NITUGIRE CNDD-FDD! ……. N’INTSINZI!

15 février 2016

About Author

Evelyne


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *