Amatangazo

ITANGAZO NO 045 /2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 23 KIGARAMA 2015

Louis Michel na bagenzi biwe bashigikiye ikurakuranwa ry’ubutegetsi hisunzwe amoko ni nabo bahanura abaraye bafatanywe inyandiko zitagira umukono zihimiriza ubwoko guhonya ubundi mu ntara ya Karusi kuri uyu wa 21 Kigarama 2015.

  1. Kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2015 harabaye ibintu bitangaje, aho Umubirigi Louis Michel yafatanije ikiganiro na Marguerite Barankitse mu nyubakwa z’i Louvain -La-Neuve aho abo bantu babiri, berekanye umubabaro udasanzwe bafitiye Umugambwe CNDD-FDD n’ubutegetsi bw’ i Burundi buwukomokako kubona bigikora ukuri kwamye. Ntibikiri agaseseshwarumuri twarabivuze kuva kera ko ibibazo vy’Uburundi, iterabwoba, amajambo mabi yo gusiga iceyi Igihugu, ukuvuga nabi Igihugu mu makungu, n’amabi yose aba mu Gihugu ari ku gatwe k’uwo mugabo n’Umuhungu wiwe Charles Michel be na bagenzi biwe kuko bishingiye ku vyiyumviro vyabo vyo gukandamiza Igihugu kandi kuva kera, ivyo vyose bikaba bigamije gusenyura Ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu biciye mu matora kugira bagarukane Petero Buyoya na bagenzi biwe ;
  1. Igitangaje ni uko uwo munsi Louis Michel na Marguerite Barankitse bivugiye ko bababajwe n’uko umugambi wo gusenyura ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 utakunze ngo uheze ubashikane kuri ya ntumbero yabo yo guhonya ubwoko kanaka. Muri ico kiganiro yababajwe cane ngo n’uko igice c’Abenegihugu harimwo inzego zijejwe umutekano bamwe bamwe batakoze igikorwa ngo bari gukora mu kwifatanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi kuri uwo munsi be n’abihevyi bateye amakambi y’abasirikare ane ku wa 11 Kigarama 2015 ivyo rero ku bwabo bikaba vyatumye umugambi wabo udashika ku ntumbero yabo, bikagaragara ko aribo bategura amabi.Barongeye bavuga ko bababazwa n’inge Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU n’Ibihugu bimwe bimwe vya Afrika bibandanya vyumva neza ibibazo vy’Uburundi kandi bitera intege inzego zitorewe n’Abenegihugu bikaba birajwe ishinga n’umutekano w’Igihugu. Ivyo bashikirije bigaragaza akababaro kabo ni vyinshi mbere tukaba tutoronka aho tubishira muri iri tangazo, bimwe bivanye n’uko ata rupfasoni babivuganye;
  1. Iyo nzigo y’akazikira k’uwo mugabo na bagenzi biwe yo gushaka ko mu Burundi inzego zitorewe n’Abenegihugu zisenyurwa vyanka bikunda kugira bikunde bagarukane Petero Buyoya na bagenzi biwe, abo nabo bakaba bararanzwe n’ubwicanyi mu Gihugu busa n’ihonyabwoko mu 1988 muri Ntega na Marangara kandi iyo hataba intererano y’Abarundi bamwe bamwe bakunda Igihugu bamenyesheje hakiri kare Amakungu , ihonyabwoko ryaraba nk’uko uwo mu sirikare yatwaza umukazo yari yabiteguye. Mu 1993 uwo musirikare yatwaza umukazo yaheruka gutsindwa mu matora, yaratembegaje ubutegetsi bwitorewe kandi n’ico gihe abo banyeporitike b’ababirigi bahezagira, nawe Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Ndadaye Melchior aragandagurwa ata camira, inyuma y’urupfu rwiwe Abenegihugu isinzi bo mu bwoko bwose baragandagurwa , abandi nabo isinzi mu 1996 yabegeranirije mu makambi aho bapfiriyeyo nk’isazi kandi abategetsi b’Ububirigi bari aho kandi nta n’umwe yigeze agarukira ku Barundi. Naho ata cigeze gishirwa ahabone,Umugambwe CNDD-FDD ubona ko yari integuro y’ihonyabwoko ya Buyoya na bagenzi we. Ntibitangaje rero kwumva mu mwanya Louis Michel na Margueritte Barakitse bavuga ko ihonyabwoko ryatanguye mu Burundi, Buyoya nawe nyene yaciye yemeza ko ihonyabwoko rishobora kuba umwanya uwo ariwo wose. Tumenyeshe ko amakaritiye yo mu gisagara ca Bujumbura ya Mutakura, Cibitoke, Nyakabiga, Musaga , Ngagara na Jabe yamye ayoboka Petero Buyoya igihe yari ku Butegetsi kandi n’ubu aracamushigikiye akaba ariyo, inyuma ya 1993-94 yavuyemwo imisore y’aba « sans échecs » n’aba « sans défaites » bahagaritse ubuzima mu gisagara ca Bujumbura harimwo no kuja kwica abantu mu makaritiye ya Kamenge na Kinama;
  1. Iyo nzira yo kwipfuza ihonyabwoko mu Burundi yama yashikirijwe n’abansi ba demokarasi yaragaragariye mu bitero vyabaye ku wa 11 Kigarama 2015, aho abihevyi bagitangura gutera amakambi y’abasirikare, hari abantu baba abo mu gihugu canke bo hanze na cane cane abamenyeshamakuru bataye akarangamutima k’umwuga wabo baciye bavuga ngo ihonyabwoko ryatanguye. Bisigura ko iyo ayo makambi afatwa baca bashira mu ngiro umugambi w’ihonyabwoko nk’uko bawuteguye. Kubona bitakunze, biriko birababaza Louis Michel nk’uko yabivuze muri ico kiganiro. Ico ciyumviro c’ihonyabwoko kandi ni co Rufyiri agarukana mu vyo yise ikurakuranywa ku butegetsi hisunzwe amoko. Hari inyandiko abo bashigikiye ivyiyumviro vya Rufyiri yanditse mw’ikete yarungikiye Nyenicubahiro Yoweri Kaguta Museveni aho yamusaba ko mu biganiro bizohuza Abarundi bose hofatwa ingingo yo gukurakuranwa ku butegetsi bw’Igihugu hisunzwe amoko. Abagiye barahererekana amakuru ku buhinga bwa none mu basangiye ubwoko na Rufyiri bivugira ko igihe ubwoko bwabo bwogera ku butegetsi ,inyuma y’imyaka itanu boca bahindura amategeko bongere bice ubwoko badashaka kugira ntibuzosubire kuja ku butegetsi. Iyo nyandiko ikerekana ko ivyo bifatiye kuri vya vyiyumviro vya gikoroni vya Louis Michel Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako bama barwanya;
  1. N’ubu haraye hadutse, mu ntara ya Karusi aho kw’igenekerezo rya 21 Kigarama 2015,umuntu yafatanywe inyandiko zitagira umukono zihamagarira ubwoko bw’Abahutu ngo bamare ubwoko bw’abatusi ngo nk’uko babigize ku wa 11 Kigarama 2015 mu makaritiye yo mu gisagara ca Bujumbura. Igitangaje ni uko uwabifatanywe ari umututsi, ivyo bikerekana ka gatimatare ka zantagondwa n’ababatuma babaha amafaranga n’ibirwanisho vyo gusambura Igihugu, ba Louis Michel, ba Charles Michel na bagenzi biwe kugira banezereze ba Buyoya na ba Marguerite kugira bivugire bati « eeh, ico twashatse kuva kera ni ico »;
  1. Umugambwe CNDD-FDD usanga yuko vyaba ivyiyumviro vyo gukurakuranwa ku butegetsi hisunzwe amoko, vyaba ivy’izo nyandiko zitagira umukono zihamagarira ukumara abantu, vyaba ivyo biganiro vya Louis Michel na Mariguerite Barankitse vy’i Louvain-La-Neuve , vyaba ivyo bishikirizwa vyose vy’ihonyabwoko, vyaba ibikorwa bigayitse vy’iterabwoba vy’abica abantu, vyaba ivy’abatera amakambi ya gisirikare vyose vyerekeza ku nzira imwe: kwambika iceyi Ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu, kuburemeka inteba ishushe kugira Abenegihugu bacanemwo, kwankisha ubwo butegetsi mu makungu kugira Igihugu c’Uburundi gisigare cirebanga, gusenyura inzego z’Igihugu hakoreshejwe inguvu za gisirikare zaba iziremaremye mu mirwi yo kurwanya igihugu canke mu migumuko ya bamwe mu banyagihugu canke, ubwa nyuma gushiraho abateguye ako kabi bashaka kugira Igihugu c’Uburundi bagisubize mw’ihumbi hamwe twari twaranse igihe twikukira, tukikurako Ubukoroni bw’Ababirigi. Ivyo vyarahinyutse Umugambwe CNDD-FDD uzovyiyamiriza igihe cose uzoba ukiriho kanatsinda uramaze guhinyura ko abo badurumbanya igihugu batipfuza ko ubutunzi Igihugu gifise kibukoresha mu kwiteza imbere;
  1. Umugambwe CNDD-FDD urangije ushimira Abenegihugu babandanije bafatanye mu nda naho umwansi yashatse kubacamwo ibice ariko bikamuta ku wamazi. Ubasavye kubandanya iyo nyifato kuko basesankuyoze batarashira hasi. Urashimiye kandi inzego zijejwe umutekano kuba zarerekanye Ubumwe, zikaba zabandanije zihagarariye inzego z’Igihugu no gukingira Abenegihugu n’aho hatabuze uyu canke uriya ashobora kuba yarahungabanijwe n’ibimaze iminsi biba. Umwansi yaramaze kubona ko yahinyutse kanatsinda baramweretse ko ico Abenegihugu bashatse n’Imana iba igishaka. Urashimiye kandi bimwe bivuye ku mutima Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ibihugu bigenzi vyabandanije vyumva neza ikibazo c’Uburundi bigaheraho bifatira Uburundi n’Abenegihugu babwo ingingo nziza. Umugambwe CNDD-FDD uranakengurukiye Amashirahamwe yo mu Karere Uburundi buherereyemwo yabandanije afashe mu mugongo Uburundi mu bihe bidasanzwe. Uyasavye kubandanya ashigikira Abenegihugu mu rugamba rwo guharanira no gukingira ubwigenge bwabo. Ariko rero, Umugambwe CNDD-FDD ntiwibagiye ko hari Ishami ry’Uwo Muryango Mpuzamakungu riraba agateka ka zinamuntu riserukiwe na Komiseri Mukuru Zeid Ra’ ad Al Hussein aho uwo mugabo atigeze ahengeshanya kwambika iceyi Imbonerakure z’Umugambwe CNDD-FDD mu kuzambika iceyi, aho yazitiranije n’imigwi y’iterabwoba kandi aho hose akorera ku binyoma, ivyo rero bikaba vyambika iceyi urwo rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 23 Kigarama 2015                

Umushingamateka Pascal Nyabenda,

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.

24 décembre 2015

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *