Amatangazo

Umugambwe CNDD-FDD urahojeje igihugu c’Ubufaransa n’Abenegihugu b’Ubufaransa

ITANGAZO N° 041/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 16 MUNYONYO 2015

  1. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje igihugu c’Ubufaransa n’Abenegihugu b’Ubufaransa inyuma y’aho wumviye ko iterabwoba ryateye muri ico gihugu. Urababajwe cane kandi uriyamirije wivuye inyuma ububisha bw’iterabwoba nk’ubwo atawe bugera umutwe. Nta gihugu na kimwe, nta mugabane n’umwe abakora iterabwoba bagera umutwe. Harageze n’imba hatararengerana ko ibihugu vyose vyo kwisi bija hamwe mu kurwanya iterabwoba ;
  2. Umugambwe CNDD-FDD uramaze kubona neza ko abihevyi bose bo kw’Isi bakora co kimwe : kwica ata na kimwe basavye, ata n’ugusigura igituma ubwo bwicanyi bukorwa. Ububisha nk’ubwo buribonekeza i Buraya, muri Afrika, mu Buseruko bushira Uburengero bw’Isi . Nta bihevyi batandukanye n’abandi canke b’igitangaza mu gihugu iki canke kiriya . Bategerezwa kurwanywa mu buryo busa kanatsinda bose bakora bimwe ;
  3. Umugambwe CNDD-FDD urifatanije n’Ubufaransa be n’ Abenegihugu b’Abafaransa, uno munsi bari mu mubabaro ntangere. Ububabare Ubufaransa n’ Abenegihugu b’Ubufaransa bafise n’Uburundi be n’Abarundi ni bwo bafise ;
  4. Umugambwe CNDD-FDD uremeza udakekeranya ko Abenegihugu bo mu Bufaransa bazoshobora gutsinda ikibi kuko bazwi neza ko kuva muri kahise basanzwe bafise inkomezi n’ukutarambirwa.
  5. Umugambwe CNDD-FDD urangije usaba Imana Mushoboravyose gukingira Igihugu c’Ubufaransa n’Abenegihugu baco, no gusaba ibindi bihugu kubagarukirako muri ibi bihe bigoye kuko umugenzi nya mugenzi aguserukako mu magorwa.

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 16/11 /2015,

Umushingamateka NYABENDA Pascal

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

16 novembre 2015

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *